Ikigabane ca 30
Icodufasha gutsinda ubwoba
WOBA ubona ko vyoroshe gukorera Yehova?— Wa Mwigisha Ahambaye ntiyavuze yuko vyobaye ibintu vyoroshe. Mw’ijoro rya buca Yezu yicwa, yabwiye intumwa ziwe ati: “Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka”.—Yohana 15:18.
Petero yariyemeye avuga yuko atokwigeze aheba Yezu, mugabo Yezu yavuze ko Petero yomwihakanye incuro zitatu muri iryo joro nyene. Kandi koko, Petero yaramwihakanye (Matayo 26:31-35, 69-75)! Ikintu nk’ico cashoboye gushika gute?— Carashitse kubera yuko Petero yagize ubwoba, kandi n’izindi ntumwa zaragize ubwoba.
None woba uzi icatumye izo ntumwa zigira ubwoba?— Barananiwe kugira ikintu gihambaye cane. Kumenya ico kintu birashobora kudufasha gukorera Yehova, naho abantu bovuga iki canke bodukorera iki. Mugabo, turakeneye kubanza kwihweza ivyashitse mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe.
Babanje guhimbariza hamwe Pasika. Pasika zari imfungurwa zidasanzwe bafungura ku mwaka ku mwaka kugira ngo zibutse abasavyi b’Imana ukuntu Imana yarokoye abasavyi bayo ikabakura mu buja mu Misiri. Hanyuma Yezu aca atanguza izindi mfungurwa zidasanzwe ari kumwe na bo. Turaza kuganira ku vy’izo mfungurwa mu kigabane co hanyuma twongere dusigure ingene izo mfungurwa zidufasha kwibuka Yezu. Bamaze gufungura kandi Yezu amaze kubwira intumwa ziwe amajambo yo kuziremesha, aca azijana mw’itongo ry’i Getsemane. Aho ni ahantu bakunda cane bakama bahagendera.
Muri iryo tongo, Yezu aja ukwa wenyene kugira ngo asenge. Abwira Petero, Yakobo na Yohani ngo na bo nyene basenge. Mugabo baca barasinzira. Yezu yagiye incuro zitatu ukwa wenyene gusenga, kandi izo ncuro zose akagaruka asanga Petero n’abandi basinziriye (Matayo 26:36-47)! Woba uzi igituma bari bakwiye kuguma bari maso ngo basenge?— Reka turabe igituma.
Ni kubera iki Petero, Yakobo na Yohani bari bakwiye kuguma bari maso?
Yuda Isikariyoti yari kumwe na Yezu be n’izindi ntumwa, basangira ivya Pasika kuri uwo mugoroba. Nk’uko uvyibuka, Yuda yari yacitse umusuma. Ubu na ho, acika umuguranyi. Arazi ikibanza co mw’itongo ry’i Getsemane Yezu yakunda guhuriramwo n’intumwa ziwe. Ni co gituma Yuda ahazana abasoda ngo bafate Yezu. Bahashitse, Yezu ababaza ati: “Murondera nde?”.
Nya basoda bishura bati: “Yesu”. Yezu nta bwoba afise, ari co gituma yishura ati: “Ni jewe”. Nya basoda baratangazwa cane n’uburindutsi bwa Yezu, bituma basubira inyuma bagenza imigongo, bagwa hasi. Maze Yezu avuga ati: ‘Nimba ari jewe murondera, mureke intumwa zanje zigire’.—Yohana 18:1-9.
Igihe nya basoda basumiye Yezu maze bakamuboha, za ntumwa zigira ubwoba zica zirayanyaga. Ariko Petero na Yohani bashaka kumenya ukuntu bigenda, ari co gituma babakurikira bari kure. Amaherezo, Yezu ajanwa mu nzu ya Kayafa, umuherezi mukuru. Kubera yuko Yohani azinanyi n’umuherezi mukuru, umurinzi w’irembo aramureka we na Petero barinjira mu rugo.
Abaherezi bari bamaze gukoranira kuri iyo nzu ya Kayafa kugira ngo bacire Yezu urubanza. Bashaka ko Yezu yicwa. Ni co gituma barengutsa abantu bagiriza Yezu ibinyoma. Abantu bakubita Yezu ingumu n’amakofe. Ivyo vyose bishika Petero ari hafi.
Hari umusukukazi amenye Petero, uyo musukukazi akaba ari wa murinzi w’irembo yari yinjije Petero na Yohani. Avuga ati: “Nawe nyene mwari kumwe na Yesu”! Mugabo Petero arahakana mbere ngo ntazi Yezu. Haciye akanya uwundi mwigeme aramenya Petero maze abwira abari bahagaze ngaho ati: “N’uyu nyene yari kumwe na Yesu”. Petero yongera kumwihakana. Haciye akanya haza umugwi w’abantu, babona Petero maze bamubwira bati: “N’ivy’ukuri nawe ur’uwo muri bo”. Petero yongera kumwihakana ubugira gatatu, avuga ati: “Uyo muntu sindanamuzi”! Petero no kurahira ararahira yuko ariko avugisha ukuri, maze Yezu arahindukira aramuraba.—Matayo 26:57-75; Luka 22:54-62; Yohana 18:15-27.
Ni kubera iki Petero yagize ubwoba cane gushika n’aho abesha mu kuvuga ko atazi Yezu?
Woba uzi icatumye Petero abesha?— Egome, ni kubera yuko yari afise ubwoba. Mugabo none ni kubera iki yari afise ubwoba? Ni igiki atakoze kugira ngo ashobora kugira uburindutsi? Ciyumvire. Yezu yari yakoze iki kugira ngo agire uburindutsi?— Yarasenze Imana, maze Imana iramufasha kuronka uburindutsi. Ibuka kandi yuko incuro zitatu Yezu yari yabwiye Petero gusenga no kuba maso be no kuguma agavye. Mugabo vyagenze gute?—
Izo ncuro zitatu zose, Petero yaca asinzira. Ntiyasenze, kandi ntiyagumye ari maso. Ni co gituma igihe Yezu yafatwa, Petero atari yiteguriye ko ivyo bizoshika. Mu nyuma, bariko baracira urubanza Yezu, igihe bariko baramukubita bongera baja inama yo kumwicisha, Petero yaragize ubwoba bwinshi. Yamara, amasaha makeyi imbere y’aho, Yezu yari yabwiye abigishwa biwe ko bokwiteze iki?— Yezu yari yababwiye ko isi yobanse nk’uko na we nyene yamwanse.
Ni gute wohava usanga ushikiwe n’ibintu bimeze nka birya vyashikiye Petero?
Ubu na ho, reka twiyumvire ikintu coshobora kudushikira kimeze nka kirya cashikiye Petero. Dufate ko uri mw’isomero maze abandi bagatangura kunegura abantu bataramutsa ibendera canke badahimbaza Noweli. None wokora iki mu gihe hari umuntu ahindukiye akakuraba maze akakubaza ati: “Vyoba ari ivy’ukuri yuko wewe utaramutsa ibendera?”. Canke abandi bakavuga bati: “Twumva bavuga yuko udahimbaza Noweli!”. Mbega wotinya kubabwiza ukuri?— Mbega wogerageza kubesha nk’uko Petero yabigize?—
Mu nyuma, Petero yarababajwe cane n’uko yari yihakanye Yezu. Igihe yatahura ico yari yakoze, yaciye asohoka maze ararira. Emwe, yaragarutse kuri Yezu (Luka 22:32). Ubu na ho, iyumvire ibi. Ni igiki coshobora kudufasha kwirinda gutinya gushika n’aho tuvuga nka kumwe Petero yavuze?— Ibuka yuko Petero atari yasenze kandi ko atari yagumye ari maso. None wovuga ko dukeneye gukora iki kugira ngo tube abayoboke ba wa Mwigisha Ahambaye?—
Nta mazinda, turakeneye gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe. Igihe Yezu yariko arasenga, woba uzi ico Imana yamugiriye?— Yararungitse umumarayika ngo amukomeze (Luka 22:43). None abamarayika b’Imana boba bashobora kudufasha?— Bibiliya ivuga iti: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora” (Zaburi 34:7). Mugabo kugira Imana idufashe, turakeneye kugira ikindi kintu dukoze kitari ugusaba gusa ngo idufashe. Woba uzi ikindi kintu dukeneye kugira?— Yezu yabwiye abayoboke biwe kwama bari maso no kuguma bagavye. None ubona twoshobora kubikora gute?—
Turakeneye gutega yompi ibivugwa ku makoraniro yacu ya gikirisu, kandi tukitwararika ivyo dusoma muri Bibiliya. Mugabo turakeneye kandi kwama dusenga Yehova tukamusaba ngo adufashe kugira ngo tumukorere. Nitwabikora, tuzoronka ikizodufasha gutsinda ubwoba. Tuzoheza tunezerwe nitwaronka akaryo ko kubwira abandi ivyerekeye wa Mwigisha Ahambaye hamwe na Se wiwe.
Ibi vyanditswe birashobora kudufasha kutigera tureka ngo ugutinya abandi bantu kutubuze gukora ivyiza: Imigani 29:25; Yeremiya 26:12-15, 20-24; na Yohana 12:42, 43.