IKIGABANE CA 33
Kuki nokwirinda amashusho y’ubushegabo?
Ni kangahe ugwa giturumbuka ku mashusho y’ubushegabo?
□ Nta na rimwe
□ Ni gake
□ Ni kenshi
Bikunze kugushikira uri hehe?
□ Kuri Internet
□ Kw’ishure
□ Kuri televiziyo
□ Ahandi
Uhora uca ukora iki?
□ Nca ndaba hirya ubwo nyene.
□ Ndakubitizako akajisho kubera urusaku.
□ Nguma ndayaraba mbere nkarondera n’ayandi.
ABAVYEYI bawe bakingana nawe, abashaka kuraba amashusho y’ubushegabo barinda kuyarondera. Ariko ubu, bisa n’uko ayo mashusho ari yo akurondera. Umwigeme umwe w’imyaka 19 avuga ati: “Hari igihe mba ndiko ndirabira imihora imwimwe canke ndiko ndagura utuntu kuri Internet kibure ndiko ndaraba amahera asigaye kuri konte, nkaza mbona nguye ku mashusho y’ubushegabo!” Ivyo vyama vyabaye. Mw’itohoza rimwe, ibice 90 kw’ijana vy’abakiri bato bafise imyaka iri hagati ya 8 na 16 bavuze ko bagiye babona baguye ku mashusho y’ubushegabo bari kuri Internet, akenshi bakaba bariko bakora udukorwa two kw’ishure!
Uravye ukuntu amashusho y’ubushegabo yiraye, woshobora kwibaza uti: ‘Ubwo ayo mashusho yoba ari mabi cane ukuraho?’ Inyishu ni ego! Amashusho y’ubushegabo aratesha agaciro abakora ubwo bushegabo eka mbere n’ababuraba, kandi akenshi ashikana ku gukora ubusambanyi. Ariko si ivyo gusa.
Kuraba ayo mashusho birashobora kwizizira umuntu bikamugirako ingaruka z’igihe kirekire. Nk’akarorero, naho umugabo yitwa Jeff amaze imyaka 14 yaravavanuye n’ingeso yo kuraba ayo mashusho, yiyemerera ati: “Mbwirizwa kurwana urugamba buri musi. Naho icipfuzo co kuyaraba cagabanutse cane, n’ubu ntikirahera. Urusaku rwo kuyaraba n’ubu ntirurahera. Amashusho naravye ntaramva mu bwenge. Ndicuza icanjanye muri iyo ngendo ishisha. Mu ntango wamengo nta ngorane n’imwe irimwo. Ariko ubu ndabona ko atari ko biri. Amashusho y’ubushegabo aronona, arashisha kandi aratesha ubuntu aberekanwa muri yo n’abayaraba. Naho abayamamaza bovuga iki, nta ciza na kimwe kiri muri yo, emwe nta n’ic’umuti.”
Nusuzume uko ibintu vyifashe
Wokwirinda gute kugwa ku mashusho y’ubushegabo mbere n’igihe utabishaka? Nubanze usuzume uko ibintu vyifashe. Hoba hari ibintu vyama bituma uyagwako? Raba uburorero bukurikira:
Abo mwigana boba bashobora kukurungikira ayo mashusho kuri “Internet” canke kuri telefone? Nimba ari ko biri, vyoba vyiza ugiye urafuta ubutumwa bwabo utarinze kubwugurura.
Igihe uri kuri “Internet,” hoba hari ubutumwa buca bwiyadukiza iyo wanditse amajambo kanaka urondera ikintu? Kumenya ko ivyo bishoboka bizogufasha guhitamwo neza amajambo ukoresha.
Andika aha munsi ibintu vyoba vyaratumye ugwa ku mashusho y’ubushegabo.
․․․․․
Ubona hari ico wokora kugira ntuze urayagwako kenshi canke kugira uyirinde? Nimba kiriho, andika aha munsi ico utegekanya gukora.
․․․․․
Igihe yoba yaramaze kukwizizira
Kugwa ku mashusho y’ubushegabo giturumbuka biratandukanye cane no kuyaraba n’ibigirankana. Bite ho nimba kamaze kuba akamenyero? Ntiwihende! Kuvavanura n’ako kamenyero si icoroshe. Tubitangire akarorero: Dufate ko bakuboshe amaboko n’urunyuzi rumwe. Woshobora gucacura urwo runyuzi mu gutandukanya gusa amaboko. Ariko vyogenda gute hamwe boba barukuzingiriyeko incuro nyinshi? Ntivyokworohera kurucacura. Ukwo ni ko bimeze ku bantu bafise akamenyero ko kuraba amashusho y’ubushegabo. Uko bayaraba kenshi ni ko arushiriza kubizizira. None nimba ivyo bimaze kugushikira, wovavanura na vyo gute?
Nutahure ububi bw’ayo mashusho. Amashusho y’ubushegabo ni uburyo Shetani akoresha kugira acafuze ikintu Yehova yaremeye kuba igiteye iteka. Gutahura ibintu muri ubwo buryo bizogufasha ‘kwanka ikibi.’—Zaburi 97:10.
Numenye ingaruka zayo. Ayo mashusho arasambura ingo. Aratesha agaciro aberekanwa muri yo. Aronona abayaraba. Ntibitangaje kubona Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Andika aha munsi icago cogushikira hamwe wogira akamenyero ko kuraba ayo mashusho.
․․․․․
Nugire umwiyemezo. Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje. None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi?” (Yobu 31:1) Ng’aya ‘amasezerano’ amwamwe wogira:
Sinzokoresha “Internet” ndi jenyene mu cumba.
Nzoca ubwo nyene nugara ubutumwa bwose canke umuhora wose urimwo ibintu vy’ubushegabo.
Nivyashika ngasubira kuraba amashusho y’ubushegabo, nzoca ndabibwira umugenzi ahumuye.
Woba ubona uwundi mwiyemezo umwe canke ibiri yogufasha kwirinda ayo mashusho? Nimba iriho, yandike ng’aha.
․․․․․
Nubishire mw’isengesho. Umwanditsi w’amazaburi yatakambiye Yehova ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.” (Zaburi 119:37) Yehova Imana yipfuza ko wererwa, kandi arashobora kukuronsa inkomezi zo gukora ibigororotse!—Abafilipi 4:13.
Raba uwo ubiyagira. Kurondera umuntu wizigira ubiyagira, akenshi birafasha cane kuvavanura n’iyo ngeso. (Imigani 17:17) Andika aha hepfo izina ry’umuntu ahumuye woyagira iyo ngorane utitinya.
․․․․․
Numenye neza ko ushobora gutsinda urugamba rwo kuvavanura n’amashusho y’ubushegabo. Nkako, igihe cose uyirinze, uba utahukanye intsinzi ikomeye. Nubwire Yehova ibijanye n’iyo ntsinzi, wongere umukengurukire kubona yaguhaye inkomezi. Niwame wibuka ko uba unezereje umutima wa Yehova igihe wirinze ico kiza!—Imigani 27:11.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”—Abakolosayi 3:5.
IMPANURO
Nurabe neza ko orodinateri yawe izibira imihora iriko amashusho y’ubushegabo. Niwirinde kandi kuza urugurura ubutumwa bwiyadukije.
WARI UBIZI . . . ?
Gutwarwa n’amashusho y’ubushegabo ni ukwigana ba bamarayika b’ibihumbu bo mu gihe ca Nowa.—Itanguriro 6:2.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira nirinde amashusho y’ubushegabo, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Amashusho y’ubushegabo atesha agaciro gute ikintu giteye iteka?
● Wofasha gute uwo muvukana afise ingorane yo kuraba amashusho y’ubushegabo?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 278]
“Imbere y’uko niga Bibiliya, naranywa ubwoko nka bwose bw’ibiyayuramutwe. Ariko mu bintu vyose vyari vyaranyiziziye, amashusho y’ubushegabo ni yo yangoye cane guheba. Iyo ntahabona Yehova, sinari gutorera umuti iyo ngorane.”—Jeff
[Ifoto ku rup. 276]
Uko umuntu aguma araba amashusho y’ubushegabo ni ko arushiriza kumwizizira