ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 7 rup. 10
  • Amakuru yo kwizigirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amakuru yo kwizigirwa
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Kuvuga Inkuru Ata Mahinyu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gucira inzira neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gukoresha ibibazo
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 7 rup. 10

ICIGWA CA 7

Amakuru yo kwizigirwa

Icanditswe

Luka 1:3

INCAMAKE: Nukoreshe amakuru yo kwizigirwa kugira ufashe abakwumviriza gushika ku ciyumviro c’ukuri.

UKO WOBIGIRA:

  • Nukoreshe amakuru yo kwizigirwa. Ivyo uvuga nubishingire kw’Ijambo ry’Imana, usomere abantu muri Bibiliya igihe cose bishoboka. Nimba ukoresheje ivyavuzwe n’abahinga, ivyavuzwe mu makuru, ikintu cabaye canke amakuru ukuye ahandi, nurabe neza ko isoko uyakuyemwo ari iryo kwizigirwa be n’uko ahuye n’igihe.

  • Nukoreshe neza ayo makuru. Nusigure ivyanditswe wisunze imirongo ibikikuje, ubutumwa buri muri Bibiliya muri rusangi be n’ibitabu vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Nimba ukoresheje ayandi makuru, nuyasigure mu buryo buhuye n’ico nyene kuyandika yashaka kuvuga be n’intumbero yari afise.

    Inama ngirakamaro

    Ntukavye igihe uvuga ivyabaye canke mu bitigiri utanga. Uraba maso ahanditse ngo “bamwebamwe” ntuce uvuga ngo “benshi,” ahanditse ngo “rimwe na rimwe” ntuce uvuga ngo “igihe cose,” ahanditse ngo “kumbure vyarabaye” ntuce uvuga ngo “vyarabaye.”

  • Nufashe abumviriza kuzirikana. Uhejeje gusoma icanditswe canke kuvuga amakuru ukuye mu rindi soko, nubaze utubazo canke utange akarorero kugira ubafashe gushika ku ciyumviro c’ukuri.

MU NDIMIRO

Igihe witegurira kwamamaza, niwiyumvire ibibazo bashobora kukubaza uce ubironderera inyishu. Bakubajije ikibazo udafitiye inyishu, nubabwire ko ugiye kugira ubushakashatsi be n’uko uzogaruka kubishura.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika