ICIGWA CA 40
Kuvuga Inkuru Ata Mahinyu
NI KUKI vyoshika Umukirisu akavuga inkuru zitari zo? Ashobora gusa kuba ariko arasubiramwo ikintu yumvise, atafashe umwanya ngo arabe ko ari kwo kiri. Canke yoshobora gukavya mu kuvuga ikintu kubera ko yasomye nabi atabizi aho yagikuye. Iyo twitwararitse cane kuvuga inkuru zitagiramwo amahinyu no mu tuntu dutoduto, abatwumviriza bazobona yuko bashobora kutwizigira igihe twovuga ibintu bihambaye kuruta mu butumwa dushikiriza.
Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Benshi kubera babona ko bagifise vyinshi vyo kwiga, baratinya gutangura kuja mu busuku bwo mu ndimiro. Yamara ntibateba kubona ko bashobora gushinga intahe neza, naho baba bafise gusa ubumenyi bw’ishimikiro bw’ukuri. Babishikako gute? Urupfunguruzo ni ukwitegura.
Imbere yo kuja mu ndimiro, numenye neza umutwe w’ikiganiro ugomba gushikiriza. Gerageza kwiyumvira ibibazo abazokwumviriza boshobora kuvyura. Rondera inyishu zimara inyota zishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bizogutegura kugira utange inyishu zitagiramwo amahinyu, n’umuzirikanyi uri hamwe. Woba ugiye kurongora inyigisho ya Bibiliya? Nusubiremwo witonze amayagwa yo kwiga. Raba neza ko utahura ishimikiro ryo mu Vyanditswe ry’inyishu zishura ibibazo vyanditswe mu gitabu.
Bite hoho mu gihe uwo usanze ku muhana canke uwo mukorana abajije ikibazo utiteguriye kwishura? Nimba utazi neza uko ibintu biri, nunanire inyosha mbi yo gukekereza ngo wishure. “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura.” (Imig. 15:28) Hari aho wosanga imfashanyo ukeneye mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures canke muri “Sujets de conversation bibliques” nimba bihari mu rurimi wumva, canke mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya. Nimba ata na kimwe ufise muri ivyo, numubwire ko ugiye kugira ubushakashatsi hanyuma ukazogaruka. Nimba uwabajije nya kibazo ashaka inyishu koko, nta kizobuza ko arindira yuko umuzanira inyishu itagiramwo amahinyu. Washaka, hari n’aho yokorwa ku mutima n’ukwicisha bugufi kwawe.
Gukorana mu busuku bwo mu ndimiro n’abamamaji babimenyereye birashobora kugufasha gutsimbataza ubuhanga mu vyo kuramiriza mw’Ijambo ry’Imana. Niwitegereze ivyanditswe bakoresha be n’ukuntu babisigura. Niwakire wicishije bugufi inama zose bakugira hamwe n’ukuntu bagukosora. Umwigishwa w’umunyamwete Apolo yarungukiye ku gufashwa n’abandi. Luka yavuze Apolo ko yari umuntu “w’ubgenge,” “umunyabushobozi” mu vyanditswe, “acānīrwa mu mutima n’umwete,” umuntu “yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye.” Yamara yari n’agahaze mu gutahura kwiwe. Purisikila na Akwila ivyo babibonye, “bamujana iwabo, barushiriza kumutahuza inzira y’Imana.”—Ivyak. 18:24-28.
‘Kugumya Ijambo ryo Kwizerwa.’ Ibiganiro dushikiriza ku makoraniro bikwiye kuba bigaragaza ko twubahiriza uruhara ishengero rifise rw’uko ari “[i]nkingi ishigikiye ukuri.” (1 Tim. 3:15) Kugira ngo dushigikire ukuri, birahambaye ko tuba dutegera ivyanditswe dutegekanya gukoresha mu nsiguro. Nuzirikane kuri nya vyanditswe urabiye mu makikuro yavyo urabe n’ico birondera gushikako.
Ivyo uvuga kw’ikoraniro ry’ishengero boshobora kubisubiramwo. Birumvikana, “twese dutsitara muri vyinshi.” (Yak. 3:2) Mugabo uzohungukira ugiye uratsimbataza utumenyero tugufasha kugira imvugo itagiramwo amahinyu. Abavukanyi benshi bari mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi bazoteba bacike abakurambere. Abashinzwe amabanga menshi vyitezwe yuko ‘bazorushiriza kwakwa vyinshi.’ (Luka 12:48) Mu gihe umukurambere atanganye impanuro urwangara hanyuma igatera abo mw’ishengero ingorane zikomeye, yoshobora kwikwegera ukudahimbara Imana. (Mat. 12:36, 37) Ni co gituma umuvukanyi akwiza ibisabwa vyo kuba umukurambere ategerezwa kuba azwi yuko “agumya ijambo ryo kwizerwa rihūra n’ukwigisha kwacu.”—Tito 1:9.
Uraba maso urabe ko ivyiyumviro ushikako bihura n’“icitegererezo c’amajambo mazima” kigaragarira mu mutumba wose w’ukuri kwo mu Vyanditswe. (2 Tim. 1:13) Ivyo ntibikwiye kugutera ubwoba. Kumbure uracakeneye guheza gusoma Bibiliya yose. Nubandanye gutunganya ivyo. Mu kurindira, raba ingene inama tugirwa hano hepfo zishobora kugufasha gusuzuma amayagwa uriko uriyumvira gukoresha mu kwigisha kwawe.
Banza wibaze uti: ‘Mbega aya mayagwa yoba ajanye n’ivyo maze kwiga muri Bibiliya? Yoba azokwegera abanyumviriza kuri Yehova, canke yoba ashira hejuru ubwenge bw’abantu, akaremesha abantu kurongorwa na bwo?’ Yezu yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yoh. 17:17; Gus. 13:1-5; 1 Kor. 1:19-21) Ivyo biheze, nukoreshe neza ibikoresho vy’ukwiga vyatanzwe n’umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Ivyo ntibizogufasha gusa gutahura ivyanditswe neza, ahubwo bizonagufasha kubisigura ku burimbane kandi mu buryo bwumvikana. Ushingiye insiguro yawe ku “citegererezo c’amajambo mazima” kandi ukiheka ku muhora Yehova akoresha igihe uriko urasigura ivyanditswe wongera werekana ingene vyokurikizwa, inkuru ushikiriza zizoba izitagiramwo amahinyu.
Gusuzuma Yuko Amakuru Atagiramwo Amahinyu. Ibintu biba, amajambo yavuzwe n’abandi bantu hamwe n’ivyabonywe, birashobora kuba ngirakamaro igihe uriko uratangira ibigereranirizo ivyiyumviro bimwebimwe wongera ubisigura. Mbe none womenya gute yuko izo nkuru ari iz’ukuri? Uburyo bumwe ni mu gukura mwene izo nkuru ku masoko yizigirwa. Uribuka kuraba ko nya makuru ahuye n’igihe. Ibitigiri birashobora guhinduka; ivyatowe na siyansi birashobora guta igihe hakaza bishasha; kandi uko umuntu yongerereza ugutahura inkuru za kahise hamwe n’imvugo za kera, ni ko ivyiyumviro bishingiye ku bumenyi yahora afise bikenera gusubirwamwo. Uriyubara cane nimba uriko wiyumvira gukoresha amakuru yo mu binyamakuru, yo kuri televiziyo, kw’iradiyo, kuri orodinateri canke kuri bwa buhinga bwa Internet. Mu Migani 14:15 haduhanura hati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.” Niwibaze uti: ‘Mbega isoko nakuyemwo izi nkuru ryoba rizwi yuko rivuga ukuri? Mbega aya makuru yoshobora kwemezwa n’ibindi bimenyeshamakuru?’ Nimba ukekeranya yuko ikintu kitoba ari ic’ukuri, gikuremwo.
Turetse ukuraba ko amasoko dukurako amakuru ari ayizigirwa, rimbura witonze ukuntu utegekanya kuyakoresha. Raba neza uburyo ukoresha amajambo yavuzwe n’abandi bantu be n’ibitigiri, ko bihuje n’iciyumviro kiri aho wabikuye. Igihe ugira akigoro ko gushikiriza insiguro ushimika, uriyubara ahavuga “bamwebamwe” ntihacike “abenshi,” “abantu benshi” ntibacike “abantu bose,” na “rimwe na rimwe” ntibicike “nantaryo.” Gukavya canke kurenza urugero mu kuvuga amakuru arimwo ibitigiri, urugero rw’ibintu canke uburemere bwavyo, biratuma abantu bibaza ko yoba ari amakuru yo kwizigirwa.
Igihe uguma ukoresha inkuru zitarimwo amahinyu mu vyo uvuga, uzomenyekana nk’umuntu yubaha ukuri. Ivyo birahesha izina ryiza Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi. N’igihambaye kuruta, biratera iteka “[“Yehova,” NW], we Mana y’ukuri.”—Zab. 31:5.