ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/4 rup. 7-11
  • Niwungukire bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwungukire bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • NUSOME KANDI UZIRIKANE
  • NIWIHATIRE KURONKA UGUTEGERA
  • NUKORESHE IVYO WIGA MU GUFASHA ABANDI
  • UBURINZI BWO KWIZIGIRWA BUSHINGIYE KW’IJAMBO RY’IMANA
  • NI NTAHARA KUGIRA TUZOROKOKE
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwamamaze kugira uhindure abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/4 rup. 7-11

Niwungukire bimwe bishitse ku gusoma Bibiliya

“Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana.”—ROM. 7:22.

RONDERA IBI VYIYUMVIRO

  • Gusoma n’“ijwi ritoyi” bizokugirira akamaro gute?

  • Ushobora gute kubika ivyiyumviro vyo mu Vyanditswe wokoresha mu gufasha abandi?

  • Gusoma Bibiliya uvyitondeye bikurinda gute?

1-3. Ni ivyiza ibihe biva ku gusoma Bibiliya no ku gushira mu ngiro ivyo yigisha?

“NDAKENGURUKIRA Yehova buri gitondo kuba yaramfashije gutahura Bibiliya.” Mushiki wacu ageze mu zabukuru yavuze ayo majambo, aramaze gusoma Bibiliya yose incuro zirenga 40, kandi ntarota ahagarika. Mushiki wacu akiri muto umwe yanditse ko gusoma Bibiliya vyamufashije kubona yuko Yehova atari umugani. Ivyo vyatumye arushiriza kwiyegereza uwo Se wiwe wo mw’ijuru. Yavuze ati: “Sinari bwigere mpimbarwa ukuraho mu buzima bwanje!”

2 Intumwa Petero yaremesheje abantu bose “[kurondera] gucambirwa amata atavanze ya rya jambo.” (1 Pet. 2:2) Abahaza ukwo gucambirwa biciye ku kwiga Bibiliya maze bagashira mu ngiro ivyo yigisha, baragira ijwi ryo mu mutima ryiza be n’ubuzima bufise intumbero. Baragiranira ubugenzi buramba n’abandi bantu na bo nyene bakunda Imana y’ukuri kandi bayikorera. Izo zose ni imvo zumvikana zo “[gu]himbarwa n’itegeko ry’Imana.” (Rom. 7:22) Mugabo hari n’ibindi vyiza bironkera. Bimwebimwe muri ivyo ni ibihe?

3 Uko urushiriza kumenya ivyerekeye Yehova n’Umwana wiwe, ni ko uzorushiriza kubakunda no gukunda abantu nkawe. Kugira ubumenyi bwo mu Vyanditswe butagira amakosa biragufasha kubona ukuntu Imana igiye gukiza abantu bagamburuka ikabakura muri iyi si iri ku mpfiro. Urafise ubutumwa buremesha bwerekeye inkuru nziza bwo kubwira abantu mu busuku bwawe. Yehova azoguhezagira uko wigisha abandi ibintu umenya igihe usoma Ijambo ry’Imana.

NUSOME KANDI UZIRIKANE

4. Gusoma Bibiliya “n’ijwi ritoyi” bisobanura iki?

4 Yehova ntashaka ko abasavyi biwe basoma Ijambo ryiwe bihutagiza. Yabwiye Yosuwa wo mu bihe vya kera ati: “Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro.” (Yos. 1:8; Zab. 1:2) Ubwo buyobozi bwoba busaba ko uvuga nya kuvuga n’ijwi ritoyi amajambo yose usoma kuva mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuwe? Oya. Busobanura ko ukwiye gusoma mu buryo butuma ushobora kuzirikana. Igihe usoma Bibiliya “n’ijwi ritoyi,” biragufasha kwitunira ku bice canecane bigufitiye akamaro kandi bikuremesha muri uwo mwanya. Ushitse ku majambo nk’ayo, ku mirongo nk’iyo canke ku nkuru nk’izo, nubisome witonze, kumbure ubivuge n’ijwi ryumvikana. Ubigenjeje gutyo, iciyumviro kanaka co mu Vyanditswe coshobora kugukora ku mutima cane. Kubera iki ivyo bihambaye? Kubera ko gutahura impanuro Imana itanga bituma ugira icipfuzo gikomeye co kuzishira mu ngiro.

5-7. Tanga uturorero twerekana ukuntu gusoma Ijambo ry’Imana n’ijwi ritoyi vyoshobora kugufasha (a) kuguma udahumanye mu vy’inyifato runtu; (b) gufata abandi mu buryo buranga ukwihangana n’ubuntu; (c) kwizigira Yehova no mu bihe bigoye.

5 Gusoma n’ijwi ritoyi biragufasha igihe wihweza ibitabu vyo muri Bibiliya utamenyereye. Mu kubitangira akarorero, niwiyumvire ibintu bitatu bikurikira. Ubwa mbere, niwiyumvire umuvukanyi akiri muto afise urutonde rwo gusoma Bibiliya, akaba ashitse ku buhanuzi bwa Hoseya. Mu kigabane ca 4, araruhuka gatoya amaze gusoma n’ijwi ritoyi umurongo wa 11 gushika ku wa 13. (Soma Hoseya 4:11-13.) Kubera iki? Iyo mirongo iramukwegera kubera ko amaze igihe arondera kunanira ibintu bimwosha gukora ivy’ubuhumbu kw’ishure. Arazirikana kuri iyo mirongo maze akiyumvira ati: ‘Yehova arabona ibintu bibi abantu bakorera no mu mpisho. Sinipfuza kumubabaza.’ Uwo muvukanyi ariyemeza kuguma adahumanye mu vy’inyifato runtu imbere y’Imana.

6 Mu kintu kigira kabiri, mushiki wacu umwe ariko arasoma ubuhanuzi bwa Yoweli akaba ashitse mu kigabane ca 2, umurongo wa 13. (Soma Yoweli 2:13.) Igihe asoma uwo murongo n’ijwi ritoyi, arazirikana ukuntu akwiye kwigana Yehova, we ari “umunyempuhwe n’umunyembabazi, ateba gushavura kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo.” Aciye yiyemeza kugerageza kwirinda amajambo y’agahemo kandi aranga ishavu bishika agakoresha igihe ariko aravugisha umugabo wiwe canke abandi bantu.

7 Ubugira gatatu, iyumvire sebibondo w’umukirisu yakuwe mu kazi akaba ahagaritswe umutima n’ukuntu umugore n’abana biwe bazobaho. Muri Nahumu 1:7, arasoma n’ijwi ritoyi yuko Yehova “[azi] abaronderera ubuhungiro muri we” be n’uko abakingira nk’ “igihome gikomeye ku musi w’amarushwa.” Ico ciyumviro kiramuhumuriza. Aratahura ko Yehova yitwararikana mu buryo buranga urukundo, bigatuma areka guhagarika umutima birenze urugero. Aca asoma n’ijwi ritoyi umurongo wa 15. (Soma Nahumu 1:15.) Uwo muvukanyi wacu arabona ko yamamaje inkuru nziza mu bihe bigoye, aba yerekanye yuko mu vy’ukuri abona ko Yehova ari igihome ciwe gikomeye. Uko uwo muvukanyi aguma arondera akazi, aranavyurirwa umutima wo gushigikira umurimo wo mu ndimiro ukorwa hagati mu ndwi.

8. Nuvuge muri make ikintu c’agaciro wubuye igihe wariko urasoma Bibiliya.

8 Ivyo vyiyumviro ngirakamaro duhejeje kubona, biri mu bitabu vya Bibiliya bamwebamwe boshobora kubona ko bigoye gutahura. Niwasuzuma igitabu ca Hoseya, ica Yoweli n’ica Nahumu ufise icipfuzo co kugira ico uhigiye, uzokwipfuza gusoma n’ijwi ritoyi iyindi mirongo yo muri vyo. Iyumvire ubukerebutsi n’uruhoza uzokura mu vyo abo bahanuzi banditse! Tuvuge iki ku bijanye n’ibindi bitabu vyo muri Bibiliya? Ijambo ry’Imana rimeze nk’ahantu bimba amabuye y’agaciro yitwa diyama. Niwimbe neza aho hantu! Egome, nusome Bibiliya yose ufise intumbero yo kwubura ubuyobozi n’uguhumurizwa vy’agaciro biva ku Mana.

NIWIHATIRE KURONKA UGUTEGERA

9. Dushobora gute kurushiriza gutegera ivyo Imana igomba?

9 Naho bihambaye ko usoma buri musi igice kinaka co muri Bibiliya, uripfuza kandi kuronka ugutegera n’ugutahura kwimbitse. Ku bw’ivyo, nukoreshe neza ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe rya Yehova mu kugira ubushakashatsi ku bijanye na kahise k’abantu, ibibanza be n’ibintu vyabaye usoma muri Bibiliya. Nimba wipfuza kumenya ukuntu inyigisho kanaka yo muri Bibiliya yoshobora kugira ico ikoze ku buzima bwawe, woshobora kwitura umukurambere w’ishengero canke uwundi mukirisu ahumuye. Kugira ngo twerekane igituma bihambaye ko turushiriza kugira ugutegera, nimuze twihweze akarorero k’umukirisu umwe wo mu kinjana ca mbere yihatiye kugira ico kintu. Yitwa Apolo.

10, 11. (a) Apolo yafashijwe gute kurushiriza kuba umusuku w’inkuru nziza kirumara? (b) Dushobora kwigira iki ku nkuru yerekeye Apolo? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo wigisha vyoba bihuye n’igihe?”)

10 Apolo yari umukirisu w’Umuyuda w’ “umuhanga mu Vyanditswe” kandi “yarurumba impwemu.” Igitabu c’Ivyakozwe cigana ibimwerekeye giti: “Yaravuga akongera akigisha ivyerekeye Yezu mu buryo bugororotse, mugabo akaba yari azi gusa ibatisimu ya Yohani.” Apolo atabiciye n’ikanda, yigisha inyigisho yataye igihe yerekeye ibatisimu. Aho umugabo n’umugore bamwe b’abakirisu ari bo Pirisikila na Akwila bamariye kumwumva yigisha i Efeso, baramusiguriye “inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.” (Ivyak. 18:24-26) Ivyo none vyagiriye akamaro gute Apolo?

11 Apolo amaze kwamamaza i Efeso, yaragiye i Akaya. “Ashitseyo, [yarafashije] cane abari bemeye kubera ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana; kuko yahinyuza rwose Abayuda ashimitse kandi ku mugaragaro, yongera yerekana akoresheje Ivyanditswe yuko Yezu ari we Kristu.” (Ivyak. 18:27, 28) Ico gihe, Apolo yarashobora gusigura neza ico ibatisimu ya gikirisu isobanura. Kubera ko ugutegera kwiwe kwari kwongerekanye, ‘yarafashije cane’ abashasha gutera imbere mu gusenga kw’ukuri. Dushobora kwigira iki kuri iyo nkuru? Cokimwe na Apolo, turihatira gutegera ivyo dusoma muri Bibiliya. Ariko rero, igihe uwo dusangiye ukwemera azi utuntu n’utundi aduterereye ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu tworushiriza kwigisha mu buryo kirumara, twipfuza kwemera iyo mfashanyo tubigiranye ukwicisha bugufi n’ugukenguruka. Tubigenjeje gutyo, tuzorushiriza kurangura neza umurimo mweranda twashinzwe.

NUKORESHE IVYO WIGA MU GUFASHA ABANDI

12, 13. Erekana ukuntu gukoresha Ivyanditswe ubigiranye ubugenge vyoshobora gufasha abatohoji ba Bibiliya gutera imbere.

12 Cokimwe na Pirisikila, Akwila na Apolo turashobora kubera abandi umuhezagiro. Igihe uremesheje umuntu ashimishwa n’ukuri bikamufasha gutsinda ikintu camubuza gutera imbere mu vy’impwemu, wumva umerewe gute? Canke nimba uri umukurambere, wumva umerewe gute igihe uwo musangiye ukwemera agushimiye kubera impanuro ishingiye mu Vyanditswe wamuhaye yamufashije mu gihe kigoye? Nta gukeka ko gukoresha Ijambo ry’Imana mu gufasha abandi kuryohora ubuzima bwabo bituma unezerwa.a Raba ukuntu wobishikako.

13 Ku vyerekeye ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma, Abisirayeli benshi bo mu gihe ca Eliya bari ba ntahompagaze. Impanuro Eliya yahaye abo bantu yoshobora gufasha umutohoji wa Bibiliya adafata ingingo akaba atinya gutera imbere mu vy’impwemu. (Soma 1 Abami 18:21.) Rimbura iki kindi kintu: Nimba umuntu ashimishwa n’ukuri atinya ukuntu abagenzi n’abo mu muryango bovyakira, woshobora gukomeza umwiyemezo afise wo gusenga Yehova mu kumufasha kuzirikana ku bivugwa muri Yesaya 51:12, 13.—Soma.

14. Ni igiki kizogufasha kwibuka imirongo yo muri Bibiliya igihe uzoba uyikeneye kugira ngo ufashe abandi?

14 Biragaragara ko Bibiliya irimwo amajambo ashobora kuremesha, gukosora canke gukomeza abayisoma. Mugabo woshobora kwibaza uti: ‘Noshobora gute kuronka ivyanditswe igihe ndabikeneye?’ Nusome Bibiliya maze uzirikane ivyiyumviro vy’Imana buri musi. Muri ubwo buryo, uzobika amajambo ya Yehova, ayo impwemu yiwe ishobora kugufasha kwibuka igihe uyakeneye.—Mrk. 13:11; soma Yohani 14:26.b

15. Ni igiki kizogufasha kurushiriza gutahura Ijambo ry’Imana?

15 Cokimwe n’Umwami Salomo, nusabe Yehova ubukerebutsi bwo kurangura amabanga ya gitewokarasi. (2 Ngo. 1:7-10) Nk’uko abahanuzi ba kera babigize, nugire “itohoza rigiranywe ubwira be n’ubushakashatsi bwitondewe” ku bijanye n’Ijambo ry’Imana kugira ngo uronke ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Yehova be n’ivyo agomba. (1 Pet. 1:10-12) Intumwa Paulo yaremesheje Timoteyo kwigaburira “amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza.” (1 Tim. 4:6) Niwabigenza gutyo, uzoba ushoboye rwose gufasha abandi mu buryo bw’impwemu. Muri ico gihe nyene, uzokomeza ukwizera kwawe.

UBURINZI BWO KWIZIGIRWA BUSHINGIYE KW’IJAMBO RY’IMANA

16. (a) ‘Gusuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye’ vyagiriye akamaro gute Abanyaberoya? (b) Ni kubera iki gusoma Bibiliya ku musi ku musi bihambaye cane kuri twebwe muri iki gihe?

16 Abayuda baba mu gisagara ca Beroya co muri Makedoniya bari bafise akamenyero ko “[gu]suzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye.” Igihe Paulo yabwira inkuru nziza abo Bayuda, baragereranya ivyo ababwiye n’ivyo bari bazi mu Vyanditswe. None vyavuyemwo iki? Benshi barajijutse yuko yariko yigisha ukuri, maze “bacika abemera.” (Ivyak. 17:10-12) Ivyo vyerekana ko gusoma Bibiliya ku musi ku musi bituma umuntu arushiriza kwizera Yehova. Ukwo kwizera, kukaba ari “ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe,” kurahambaye cane nimba twipfuza kurokoka tukinjira mw’isi nshasha y’Imana.—Heb. 11:1.

17, 18. (a) Ukwizera be n’urukundo bikomeye bikingira gute umutima w’ikigereranyo w’umukirisu? (b) Icizigiro kidukingira gute akaga?

17 Birabereye kuba Paulo yaranditse ati: “Twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza, twambare n’icizigiro c’ubukiriro nk’inkofero.” (1 Tes. 5:8) Umutima w’umusoda urakenera gukingirwa umwansi. Muri ubwo buryo nyene, umutima w’ikigereranyo w’umukirisu urakeneye gukingirwa ububasha bw’igicumuro. Bigenda gute igihe umusavyi wa Yehova yizera cane ivyo Imana yasezeranye, akaba kandi ayikunda akongera agakunda abantu nka we? Uwo musavyi wa Yehova aba yambaye igikingira igikiriza gikomeye cane. Birashoboka cane ko atazokora ikintu cotuma Imana itamutonesha.

18 Paulo yaravuze kandi ibijanye n’inkofero, iyo na yo ikaba ari “icizigiro c’ubukiriro.” Umusoda wo mu bihe vya Bibiliya ataba yakingiye umutwe wiwe, yarashobora gupfira ku rugamba bitagoranye. Mugabo igihe yaba yambaye inkofero ikomeye, yarashobora kurokoka igihe baba bamuteye ibintu ku mutwe kandi ntakomereke cane. Turarushiriza kwizigira ibikorwa vyo gukiza vya Yehova mu kwiga Ijambo ryiwe. Icizigiro gikomeye kiratuma dushobora kunanira abahuni n’ “amajambo [yabo] ata co arimwo” ameze nk’igisebe kiboze. (2 Tim. 2:16-19) Vyongeye, icizigiro cacu kizodukomeza kugira ngo tunanire abotuma tugira inyifato Yehova yiyamiriza.

NI NTAHARA KUGIRA TUZOROKOKE

19, 20. Ni kubera iki twubaha cane Ijambo ry’Imana, kandi twerekana gute ko turikenguruka? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Yehova arampa ivyo mba nkeneye nyene.”)

19 Uko turushiriza kugera kure mu gihe c’iherezo, ni ko turushiriza gukenera kwiheka kw’Ijambo rya Yehova. Impanuro turikuramwo ziradufasha gukosora utumenyero tubi no gucungera impengamiro dufise zo gukora ibicumuro. Tubifashijwemwo n’indemesho be n’uruhoza turikuramwo, tuzotsinda ibigeragezo Shetani n’isi yiwe baduteza. Tubifashijwemwo n’ubuyobozi Yehova atanga mw’Ijambo ryiwe, tuzoguma muri ya nzira ijana mu buzima.

20 Uribuka ko Imana igoma yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa.” Abasavyi ba Yehova bari muri abo “bantu b’uburyo bwose.” Abo twoshobora gufasha biciye ku gikorwa cacu co kwamamaza no kwigisha, na bo nyene barimwo. Mugabo abo bose bipfuza gushikira ubukiriro, bategerezwa kuronka “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Ku bw’ivyo, kugira ngo tuzorokoke imisi ya nyuma, dutegerezwa gusoma Bibiliya tukongera tugashira mu ngiro ubuyobozi bwahumetswe buri muri yo. Vyemere, gusoma Bibiliya ku musi ku musi birerekana ko twubaha cane Ijambo rya Yehova ry’ukuri rifise agaciro.—Yoh. 17:17.

a Ariko ntiwumve, ntidukoresha impanuro zishingiye kuri Bibiliya mu guhatira abandi gukora ibintu canke mu kubacira urubanza. Dukwiye kwihanganira no kugaragariza ubuntu umutohoji wa Bibiliya nk’uko Yehova abitugirira.—Zab. 103:8.

b Bite hoho mu gihe wibuka amajambo nyamukuru yo muri uwo murongo mugabo ukaba utibuka igitabu, ikigabane n’umurongo? Niwarondera ayo majambo mw’ironderero riri amaja inyuma muri Bibiliya, muri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bisohokayandikiro vyacu (Watchtower Library) canke muri ca gitabu gikoranirijwemwo amajambo akoreshwa muri Bibiliya (Concordance), uzoshobora gutora ico canditswe.

IVYO WIGISHA VYOBA BIHUYE N’IGIHE?

Apolo yarafashijwe kuryohora ubusuku bwiwe

Twipfuza kuguma dufise amakuru ahuye n’igihe ku bijanye n’ukuntu dutegera ukuri kwo muri Bibiliya kugira ngo dushobore gushikiriza abandi ubumenyi butagiramwo amakosa. Ufise ivyo mu muzirikanyi, wokwishura gute ibibazo bikurikira?

  • Yezu yariko yiyumvira bande igihe yavuga ibijanye n’“iri yaruka” rivugwa muri Matayo 24:34?—Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2010, urupapuro rwa 10-11.

  • Gutandukanya “intama n’impene” bivugwa muri Matayo 25:32 biba ryari?—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1995, urupapuro rwa 21-23.

  • Nk’uko bivugwa muri Luka 21:26, ni ryari “abantu bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi”?—Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1994, urupapuro rwa 19-20.

Nitwarushiriza gusoma Bibiliya mu buryo ngirakamaro mu kuyiyigisha twitonze, tuzoshobora gufasha abandi kugendera mu muco urushiriza kwongerekana Yehova arasira kw’Ijambo ryiwe ryanditse.—Imig. 4:18.

‘YEHOVA ARAMPA IVYO MBA NKENEYE NYENE’

Mushiki wacu akiri muto umwe yanditse ati: “Mu vyibutsa vyose biranga urukundo Yehova aduha, ibiduhimiriza gusoma Bibiliya ku musi ku musi ni vyo vyagize ikintu gikomeye bikoze ku buzima bwanje kuruta ibindi vyose. Natanguye gusoma Bibiliya ndi mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye, bikaba vyansavye imyaka ibiri kugira ngo ndayisome yose. Muri ico gihe, Ijambo ry’Imana ryarandonkeje ikintu cose nari nkeneye kugira mfate ingingo y’ukuntu nzokoresha ubuzima bwanje. Ubu ndiko ndasoma Bibiliya ubugira kabiri. Mugabo umenga ndiko nsoma ibintu ntari bwigere mbona. Gusoma Bibiliya ubu birandyohera nk’uko vyandyoheye ubwa mbere, eka mbere birarushiriza! Ndatangazwa n’ubushobozi Yehova afise bwo kumpa ivyo mba nkeneye nyene.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika