Nahumu
1 Urubanza rwaciriwe Ninewe+. Igitabu c’ivyo Nahumu* w’i Elikoshi yeretswe:
2 Yehova ni Imana isaba gusengwa* yonyene+ kandi yihora.
Yehova arihora kandi agiye kwerekana ishavu ryiwe+.
Yehova arihora abamurwanya,
kandi aguma ashavuriye abansi biwe.
3 Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+,
mugabo Yehova ntazokwigera areka guhana ababikwiye+.
Aje azananye n’umuyaga utema ugatongora be n’igihuhusi.
Ibirenge vyiwe bitumura ibicu nk’umukungugu+.
I Bashani n’i Karumeli haruma+,
amashurwe y’i Libani na yo agakabirana.
Isi izohinda agashitsi imbere yiwe.
Izohinda agashitsi hamwe n’abayibako bose+.
6 Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+?
Ni nde ashobora kurinda ishavu ryiwe rirurumba+?
Uburake bwiwe buzosukwa nk’umuriro,
ibitandara bimenagurike kubera we.
7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye kidukingira ku musi w’amagorwa+.
Aritwararika* abamuhungirako+.
8 Azozana umwuzure utikiza, ahonye Ninewe ntihagire igisigara,
kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe.
9 Mbega hari umugambi mwopfundika ngo murwanye Yehova?
Arahonya ntihagire igisigara.
Ntazokwirirwa arateza ivyago ubugira kabiri+.
10 Naho bameze nk’amahwa azitanye,
bakaba kandi bameze nk’ababorewe inzoga*,
bazosha baherengetere nk’ivyatsi vyumye.
11 Iwawe hazova uwiyumvira kurwanya Yehova,
abahanure ibitagira akamaro.
12 Ibi ni vyo Yehova avuze:
«Naho boba bakomeye gute kandi bakaba benshi,
bazorandurwa bazimangane*.
Naraguteje* imibabaro, ariko sinzosubira kuyiguteza.
Nzorandura mu nzu* y’imana zawe ibishusho vy’ibibazano
n’ibishusho bikozwe mu cuma*.
Nzokwimbira imva, kuko ugayitse.”
Azoranduranwa n’imizi.»