ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lff icig. 17
  • Yezu ameze gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ameze gute?
  • Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWINJIRE MU MIZI
  • INCAMAKE
  • RONDERA N’IBINDI
  • Yezu ni nde?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • ‘Umwana aragomba guhishura Se’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni ibiki Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
lff icig. 17
Icigwa ca 17. Yezu arakijije ku gitangaro umugabo arwaye.

ICIGWA CA 17

Yezu ameze gute?

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

Uko twiga ibintu Yezu yavuze be n’ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi, turabona kamere nziza yari afise bigaca bituma turushiriza kuba abagenzi biwe n’abagenzi ba Se wiwe Yehova. Bimwebimwe mu bintu vyamuranga ni ibihe? Dushobora gute kwigana Yezu mu buzima bwacu?

1. Ni mu buryo ubuhe Yezu ameze nka se?

Yezu yaramaze imyaka amamiliyaridi ari kumwe na Se wiwe mw’ijuru. Ico gihe cose yarihweza ivyo akora, akagira ivyo amwigiyeko. Ni co gituma yiyumvira nka we, agakora nka we kandi akagira inyiyumvo nk’iziwe. (Soma Yohani 5:19.) Emwe Yezu arigana neza na neza Se wiwe. Ku bw’ivyo yavuze ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yohani 14:9) Niwiga uko Yezu ameze, uzorushiriza kumenya Yehova. Nk’akarorero ukuntu Yezu yitwararika abantu igihe yari kw’isi birerekana ingene na Yehova akwitwararika.

2. Yezu yerekanye gute ko akunda Yehova?

Yezu yavuze ati: “Kugira ngo isi imenye ko nkunda Data, nk’uko Data yantegetse gukora, ni ko nkora.” (Yohani 14:31) Igihe yezu yari kw’isi yarerekanye ko akunda cane Se wiwe mu kumugamburukira mbere n’igihe bitaba vyoroshe. Vyongeye, Yezu yarakunda kubwira abantu ivyerekeye Se wiwe kandi akabafasha kuba abagenzi biwe.—Yohani 14:23.

3. Yezu yerekanye gute ko akunda abantu?

Bibiliya ivuga ko Yezu akunda cane abantu. (Imigani 8:31) Ivyo yaravyerekanye mu kubaremesha no mu kubafasha cane. Ibitangaro Yezu yakoze vyarerekanye ko afise ububasha be n’uko yitwararika abandi. (Mariko 1:40-42) Yaragaragariza abantu bose umutima mwiza ata gucagura. Ivyo yavuga vyarahumuriza abamwumviriza kandi bigatuma bagira icizigiro. Yezu yaremeye kubabazwa no gupfa kubera ko yakunda abantu bose. Ariko ntiwumve, akunda cane abantu bashira mu ngiro inyigisho ziwe.—Soma Yohani 15:13, 14.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe izindi kamere ziranga Yezu. Turaza kubona kandi ukuntu twomwigana mu kugaragaza urukundo no mu gutanga cane.

4. Yezu arakunda Se wiwe

Akarorero ka Yezu karatwigisha ukuntu twokwerekana ko dukunda Imana. Nimusome Luka 6:12 na Yohani 15:10; 17:26. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Twokwerekana gute ko dukunda Yehova nk’uko Yezu yabigira?

Yezu ariko arasenga.

Yezu yarakunda Se wiwe wo mw’ijuru kandi yama amusenga

5. Yezu aritwararika abantu bari n’ivyo bakeneye

Yezu yashira imbere ineza y’abandi. Mbere n’igihe yaba arushe, yarakoresha umwanya wiwe n’inguvu ziwe kugira afashe abantu. Nimusome Mariko 6:30-44, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyi nkuru, ni uburyo bumwebumwe ubuhe Yezu yerekanye ko yitwararika abandi?—Raba umurongo wa 31, 34, 41, na 42.

  • Ni igiki catuma Yezu afasha abantu?—Raba umurongo wa 34.

  • Yezu ameze neza na neza nk’uko Yehova ameze. None ivyo bica bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

  • Ni mu buryo ubuhe twokwigana ukuntu Yezu yitwararika abandi?

Yezu ariko agaburira abantu ibihumbi ku gitangaro, aragwiza imikate itanu n’ifi zibiri. Abigishwa biwe barabihereza abantu.

6. Yezu aratanga cane

Naho Yezu atari afise ibintu vyinshi yaratanga cane. Rero, na twebwe aturemesha kuba abantu batanga. Nimusome Ivyakozwe 20:35, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Nk’uko Yezu yabivuze, ni igiki cotuma duhimbarwa?

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

IVIDEWO: “Gutanga birimwo agahimbare”—Agace (4:00)

  • Naho tutoba dufise ibintu vyinshi, ni nk’ibiki dushobora gutanga?

Wari ubizi?

Bibiliya itwigisha gusenga Yehova biciye mw’izina rya Yezu. (Soma Yohani 16:23, 24.) Igihe dusenze muri ubwo buryo tuba twerekanye ko dukenguruka ivyo Yezu yakoze kugira adufashe kuba abagenzi ba Yehova.

HARI ABAVUGA BATI: “Iyo ingorane zidushikiye ni Imana iba iriko iratugerageza.”

  • Ko Yezu ameze neza na neza nka Se wiwe, ivyo yakoze vyerekana gute ko Yehova atari we aduteza ingorane?

INCAMAKE

Yezu arakunda Yehova n’abantu. Kubera ko Yezu ameze nka Se wiwe, uko turushiriza kumumenya ni ko turushiriza kumenya na Yehova.

Wize iki?

  • Twokwerekana gute ko dukunda Yehova nk’uko Yezu yabigize?

  • Twokwerekana gute ko dukunda abantu nk’uko Yezu yabigize?

  • Muri kamere Yezu afise, ni iyihe igushimisha kuruta izindi?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe zimwezimwe muri kamere za Yezu twokwigana.

“Kugira wigane Yezu . . . ” (Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima, urupapuro rwa 317)

Nurabe igituma dukeneye gusenga mw’izina rya Yezu.

“Ni kubera iki twosenga mw’izina rya Yezu?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ruhuhuma 2008)

Hoba hari ico Bibiliya ivuga ku kuntu Yezu yasa?

“Yezu yasa gute?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Ni igiki twigira ku kuntu Yezu yafata abakenyezi?

“Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nyakanga 2012)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika