ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 60-64
  • Isengesho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isengesho
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 60-64

Isengesho

Tuzi gute ko Yehova yumviriza amasengesho akongera akayishura?

Zb 65:2; 145:18; 1Yh 5:14

Raba kandi Zb 66:19; Ivk 10:31; Heb 5:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 18:​36-38—Yehova yarishuye adatebaganye isengesho ry’umuhanuzi Eliya ku musozi Karumeli igihe yari ahanganye n’abahanuzi ba Bayali

    • Mt 7:​7-11—Yezu yaturemesheje kuguma dusenga yongera adusubiriza umutima mu nda ko Yehova Data wa twese yuzuye urukundo adutega yompi

Ni nde gusa abakirisu bakwiye gusenga?

Zb 5:​1, 2; 69:13; Mt 6:9; Fp 4:6

Dusenga mw’izina rya nde?

Yoh 15:16; 16:​23, 24

Yehova yumva amasengesho ya bande?

Ivk 10:​34, 35; 1Pt 3:12; 1Yh 3:22; 5:14

Ni amasengesho ya bande Yehova atumviriza?

Img 15:29; 28:9; Yes 1:15; Mik 3:4; Yak 4:3; 1Pt 3:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yos 24:​9, 10—Yehova yaranse kwumviriza Balamu kuko yasavye ibidahuye n’ivyo Imana igomba

    • Yes 1:​15-17—Yehova yaranse kwumviriza amasengesho y’abasavyi biwe kubera ko biyorobeka bagasesa amaraso

Uburyo bwiza bwo kurangiza isengesho ni ubuhe, kandi kubera iki?

1Ng 16:36; Zb 41:13; 72:19; 89:52; 1Kr 14:16

Hoba hari uburyo kanaka Bibiliya idusaba kwifata igihe dusenga?

1Bm 8:54; Mr 11:25; Lk 22:​39, 41; Yoh 11:41

Raba kandi Yon 2:1

Ni ibintu bimwebimwe ibihe abasavyi ba Yehova bashobora kumusaba igihe bahuriye hamwe ngo bamusenge?

Ivk 4:​23, 24; 12:5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Ng 29:​10-19—Umwami Dawidi yaraserukiye mw’isengesho ishengero rya Isirayeli igihe abantu bariko baratanga bavyishakiye intererano zo kwubaka urusengero

    • Ivk 1:​12-14—Intumwa, benewabo na Yezu, Mariya nyina wa Yezu n’abandi bagore bamwebamwe b’abizigirwa bari mu cumba co hejuru i Yeruzalemu bariko barasengera hamwe

Kubera iki uwuriko arasenga adakwiye kwiyerekana canke kurondera gutangaza abandi?

Mt 6:5; Lk 18:​10-14

Vyoba bibereye gusenga tugira dufungure?

Mt 14:19; Ivk 27:35; 1Kr 10:​25, 26, 30, 31

Kubera iki tudakwiye kwigera dufata minenegwe ibijanye no gusenga Data wa twese wo mw’ijuru?

Rm 12:12; Ef 6:18; 1Ts 5:17; 1Pt 4:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 6:​6-10—Naho umuhanuzi Daniyeli yabona ko yoshobora kwicwa, yarabandanije gusengera Yehova ahantu abandi bashobora kumubona nk’uko vyahora

    • Lk 18:​1-8—Kugira Yezu yerekane ko Data wa twese agororotse azokwishura abikunze amasengesho abasavyi biwe baguma bamutura barondera gufashwa, yakoresheje akarorero k’umucamanza atagororotse, yagondojwe n’umugore umwe yaguma amusaba ngo amutunganirize

Ni agatima akahe dukwiye kuba dufise nimba twipfuza ko Imana yumva amasengesho tuyitura dusaba kubabarirwa?

2Ng 7:​13, 14

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 22:​11-13, 18-20—Kubera ko umwami Yosiya yicishije bugufi maze akarondera guhimbara Yehova, yaragiriwe imbabazi nyinshi n’ubuntu

    • 2Ng 33:​10-13—Umwami Manase yarasenze yicishije bugufi, bituma Yehova amubabarira yongera amusubiza ku ntebe y’ubwami

Yehova adusaba iki kugira tubabarirwe?

Mt 6:​14, 15; Mr 11:25; Lk 17:​3, 4

Kubera iki ari vyiza kubwira Imana ko twipfuza ko ivyo igomba biranguka?

Mt 6:10; Lk 22:​41, 42

Kubera iki amasengesho yacu akwiye kugaragaza ko twizera Dawe wa twese wo mw’ijuru?

Mr 11:24; Heb 6:10; Yak 1:​5-7

Ni ibintu bimwebimwe ibihe bibereye twoshira mw’isengesho?

Ukwezwa kw’izina ry’Imana

Lk 11:2

Ukuza kw’Ubwami bw’Imana ngo buganze isi yose

Mt 6:10

Iranguka ry’ivyo Imana igomba

Mt 6:10; 26:42

Gusaba ibintu vy’umubiri dukeneye

Lk 11:3

Kubabarirwa ibicumuro vyacu

Dn 9:19; Lk 11:4

Kudukingira iyo tugeragejwe

Mt 6:13

Gukenguruka

Ef 5:20; Fp 4:6; 1Ts 5:​17, 18

Gusaba Imana ngo idufashe kumenya ivyo igomba, iduhe ugutahura n’ubukerebutsi

Img 2:​3-6; Fp 1:9; Yak 1:5

Raba kandi Zb 119:34

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 1Bm 3:​11, 12—Yehova yarahimbawe no kuba umwami Salomo yarasavye ubukerebutsi maze amuha ubukerebutsi bwinshi

Gusaba impwemu nyeranda

Lk 11:13; Ivk 8:​14, 15

Gusabira abakirisu bagenzi bacu, harimwo n’abariko bashikirwa n’uruhamo

Ivk 12:5; Rm 15:​30, 31; Yak 5:16

Raba kandi Kl 4:12; 2Tm 1:3

Gushemeza Imana

Zb 86:12; Yes 25:1; Dn 2:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 10:21—Yezu yarashemeje Se ku mugaragaro kubera yahishuriye ukuri kwo mu vy’impwemu abicisha bugufi nk’abana

    • Ivy 4:​9-11—Umuryango wa Yehova wo mw’ijuru uramuha iteka n’ubuninahazwa abereye

Gusaba Yehova ko yotuma abari ku butegetsi bareka tukamusenga mu mahoro kandi tukavuga n’inkuru nziza

Mt 5:44; 1Tm 2:​1, 2

Raba kandi Yr 29:7

Vyoba bibereye gusenga igihe co kubatizwa?

Lk 3:21

Vyoba bibereye gusenga dusabira abarwaye mu vy’impwemu?

Yak 5:​14, 15

Kubera iki abagabo bakunda gusenga batitwikiriye umutwe, kandi ni kubera iki abagore rimwe na rimwe bitwikira umutwe bariko barasenga?

1Kr 11:​2-16

Ni igiki gihambaye gusumba umwanya tumara turiko turasenga canke inyiyumvo dushiramwo?

Int 3:41; Mt 6:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Bm 18:​25-29, 36-39—Igihe umuhanuzi Eliya n’abahanuzi ba Bayali bahiga, abo bahanuzi baramaze amasaha n’ayandi bambaza imana yabo ariko ntihagira ikivamwo

    • Ivk 19:​32-41—Abasenga ibigirwamana i Efeso baramaze amasaha abiri bahayagiza imanakazi Arutemi bivuye inyuma, ariko nta kindi cavuyemwo atari uko umukuru w’ico gisagara yababwiye guhagarika ako kaguma

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika