Umubano w’ababiranye
Ni nde yatanguje umubano?
Umukirisu akwiye kwubakana n’umuntu ameze gute?
Kubera iki umukirisu w’ukuri atoshima yuko umwana wiwe yabatijwe yubakana n’umuntu atari umusavyi wa Yehova yiyeguye akabatizwa?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 24:1-4, 7—Aburahamu yari yiyemeje kuronderera umuhungu wiwe Izahaki umugore mu bantu basenga Yehova, aho kumuronderera mu Banyakanani basenga izindi mana
It 28:1-4—Izahaki yabwiye umuhungu wiwe Yakobo ngo aronderere umugore mu basenga Yehova, aho kumuronderera mu Banyakanani
Yehova abona gute abubakana n’abatamusenga?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 11:1-6, 9-11—Yehova yarashavuriye cane umwami Salomo kubera ko yirengagije ingabisho ziwe, arongora abagore b’abanyamahangakazi yongera arareka barahindura umutima wiwe
Neh 13:23-27—Cokimwe na Yehova, buramatari Nehemiya yarashavujwe n’uko Abisirayeli barongoye abanyamahangakazi bo mu bihugu bitandukanye. Vyatumye abatoza indero yongera arabakosora
Kubera iki ari vyiza guhitamwo kwubakana n’umuntu akorera Yehova adahemuka kandi avugwa neza?
Raba kandi Ef 5:28-31, 33
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 25:2, 3, 14-17—Nabali yari umugabo atunze ariko akaze kandi afise ingeso mbi. Ivyo vyatuma abera Abigayili umugabo mubi
Img 21:9—Guhitamwo nabi uwo tuzokwubakana bituma dutakaza umunezero n’amahoro twifitiye
Rm 7:2—Intumwa Pawulo yarasiguye yuko iyo umugore yubatse aca agabwa n’umugabo wiwe adatunganye. Ni co gituma umugore w’inkerebutsi araba neza uwo yemera ko bazokwubakana
Kwitegurira umubano
Kubera iki umugabo akwiye kuba yiteguriye gutunga urugo rwiwe imbere yo kwiyumvira kurushinga?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Img 24:27—Imbere y’uko umugabo arushinga kumbure akavyara n’abana, akwiye gukora kugira aronke ivyo azotungisha umuryango
Kubera iki abareshanije bakwiye canecane kurondera impanuro nziza no kumenyana neza, aho gushira imbere ubwiza bwo ku mubiri?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Rs 2:4-7, 10-12—Bowazi yamenye Rusi mu kwihweza ingene akora no mu kuzirikana ivyiza bamuvugako, ingene yari abanye n’umuryango wiwe n’ingene yakunda Imana
Rs 2:8, 9, 20—Rusi yamenye Bowazi mu kwihweza ukuntu yagaragaza umutima mwiza, ukuntu yatanga cane n’urukundo yari afitiye Yehova
Ni kubera iki Yehova asaba ko abagenderanira ku bwo kuzoreshanya canke abareshanije baguma badahumanye mu nyifato runtu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Img 5:18, 19—Ibimenyetso bimwebimwe vy’urukundo bigenewe gusa abubakanye
Ind 1:2; 2:6—Igihe umusore w’umwungere yagenderanira na wa Mushulamukazi, barabwirana amajambo y’urukundo atarimwo ubushirasoni
Ind 4:12; 8:8-10—Wa Mushulamukazi yagumye adahumanye, agaragaza ukwigumya. Yari ameze nk’umurima uzitiye
Kubera iki abakundanye bakwiye kwubakana biciye mu mategeko?
Ivyo umugabo ajejwe
Umugabo ajejwe amabanga ahambaye ayahe?
Umugabo mukirisu akwiye kwigana nde mu kuntu akoresha ubukuru afise mu rugo?
Kubera iki bihambaye ko umugabo atahura umugore wiwe kandi akamufatana urukundo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 21:8-12—Yehova yasavye Aburahamu kwumva ivyo umugore wiwe Sara amubwira, naho iciyumviro Sara yatanze kitamushimishije
Img 31:10, 11, 16, 28—Nk’uko bivugwa muri iyi mirongo, umugabo afise umugore abishoboye ntamukandamiza canke ngo agume amutora amahinyu, ahubwo aramwizigira akanamushemagiza
Ef 5:33—Ayo majambo intumwa Pawulo yanditse ahumekewe n’Imana arerekana ko umugore akeneye cane kwiyumvamwo ko umugabo wiwe amukunda
Ivyo umugore ajejwe
Ni ibanga rihambaye irihe Yehova yajeje umukenyezi mukirisu?
Amabanga umugore ajejwe yoba amushira hasi?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Img 1:8; 1Kr 7:4—Mu mubano w’ababiranye be n’ubuzima bwo mu rugo, umukenyezi canke inabibondo arafise ubukuru kanaka Imana yamuhaye
1Kr 11:3—Intumwa Pawulo yarasiguye ko mu kuntu Yehova yatunganije ibintu, ata wudafise uwumugaba kiretse Imana Mushoboravyose
Heb 13:7, 17—Mw’ishengero, abagabo n’abagore bose basabwa kuyobokera no kugamburukira abatuja imbere
Umukenyezi mukirisu yubakanye n’uwutizera ashobora gute kunezereza Yehova?
Kubera iki umukenyezi mukirisu akwiye kuguma yubaha umugabo wiwe?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
It 18:12; 1Pt 3:5, 6—Sara yarubaha cane umugabo wiwe akamwita «umutware wiwe» mu majambo no mu mutima
Bibiliya ivuga ko umugore avugwa neza aba ameze gute?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 24:62-67—Rebeka yarafashije umugabo wiwe Izahaki kuronka uruhoza inyuma y’urupfu rwa nyina
1Sm 25:14-24, 32-38—Abigayili yarakingiye umugabo wiwe w’ikijuju akiza n’urugo rwiwe mu kwicisha bugufi, agasaba imbabazi Dawidi
Est 4:6-17; 5:1-8; 7:1-6; 8:3-6—Umwamikazi Esiteri yarashize ubuzima bwiwe mu kaga incuro zibiri, mu kurenguka atatumweko imbere y’umugabo wiwe akaba n’umwami, kugira avugire abasavyi b’Imana ntibagirirwe nabi
Gutorera umuti ingorane
Ni ingingo ngenderwako izihe zofasha abubakanye gutorera umuti ingorane zo mu mubano wabo?
Ni impanuro izihe zishobora gufasha abubakanye kubona amahera mu buryo bwiza?
Lk 12:15; Fp 4:5; 1Tm 6:9, 10; Heb 13:5
Raba kandi «Amahera»