Abavyeyi
Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye Yehova atanguza umubano w’ababiranye?
Abavyeyi bakwiye kubona gute abana babo?
Raba kandi «Abana; abakiri bato»
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 33:4, 5—Yakobo yabona abana biwe nk’umuhezagiro uvuye kuri Yehova
Kv 1:15, 16, 22; 2:1-4; 6:20—Amuramu na Yokebedi bamaze kuvyara Musa, baremeye gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bamukingire
Ni ibanga irihe abavyeyi bajejwe ku bijanye n’abana babo?
Gus 6:6, 7; 11:18, 19; Img 22:6; 2Kr 12:14; 1Tm 5:8
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 1:1-4—Elikana yaratwara umuryango wiwe ku misi mikuru i Shilo, akitwararika ko abana biwe bose bayigiramwo uruhara
Lk 2:39, 41—Yozefu na Mariya bama bava i Nazareti bakaja i Yeruzalemu ku musi mukuru wa Pasika bari kumwe n’abana babo
Kubera iki ari vyiza kwigisha abana kugamburukira Yehova?
Raba kandi 2Tm 3:14, 15
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 2:18-21, 26; 3:19—Abavyeyi ba Samweli baramutanze ngo aje gukorera kw’ihema ryeranda, ariko bama baja kumuramutsa bakamushira n’ivyo akeneye. Yahavuye aba umugabo akunda cane Yehova
Lk 2:51, 52—Yezu yagumye agamburukira abavyeyi biwe naho batari batunganye
Abavyeyi bokura hehe ibibafasha kurera abana babo?
Gus 6:4-9; Ef 6:4; 2Tm 3:14-17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Abc 13:2-8—Aho Manowa amariye kumenya ko umugore wiwe azovyara umwana ku gitangaro, yarabajije Yehova ukuntu yomurera
Zb 78:3-8—Yehova ashaka ko abavyeyi bigisha abana babo ivyo bize muri Bibiliya
Kubera iki umwana yakuriye mu muryango ukunda Yehova ashobora guheba kumukorera?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 6:1-5; Yud 6—Abamarayika benshi barahisemwo kugarariza naho bari bamaranye imyaka myinshi cane na Yehova mw’ijuru
1Sm 8:1-3—Naho Samweli yari umuhanuzi agororotse kandi w’umwizigirwa, abahungu biwe barabaye abantu babi kandi bakunda inyungu mbi
Ni ryari abavyeyi bakwiye gutangura kwigisha abana babo ivyerekeye Imana?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 29:10-12, 29; 31:12; Ezr 10:1—Igihe Abisirayeli baba bakoraniye hamwe kugira bigishwe ivyerekeye Yehova, baba bari kumwe n’abana babo
Lk 2:41-52—Yozefu na Mariya bama bajana abana babo harimwo na Yezu, ku musi mukuru wa Pasika wabera ku rusengero i Yeruzalemu
Ni uburorero ubuhe abavyeyi bakwiye kwigana mu bijanye no gukingira abana babo aboshobora kubagirira nabi?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Kv 19:4; Gus 32:11, 12—Yehova yigereranya n’inkona itwara, igakingira ikongera ikitwararika ibiswi vyayo
Yes 49:15—Yehova asezerana kwitwararika no gukingira abasavyi biwe gusumba uko umuvyeyi yonsa agirira impuhwe uruyoya rwiwe
Mt 2:1-16—Shetani yaragerageje kwica Yezu akiri uruyoya mu kurungika ku mwami mubi Herodi abantu b’abapagani baragurisha inyenyeri. Yehova yaciye akingira Umwana wiwe mu gutegeka Yozefu kwimukira mu Misiri n’umuryango wiwe
Mt 23:37—Yezu yagereranije icipfuzo afise co gufasha abantu n’ukuntu inkokokazi yegeranya imiswi yayo munsi y’amababa yayo ikayikingira
Kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo ivy’igitsina?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lw 15:2, 3, 16, 18, 19; Gus 31:10-13—Amategeko ya Musa yaravuga adaca ku ruhande ivyerekeye igitsina kandi Yehova yategetse ko abana baba bahari igihe asomerwa abantu
Zb 139:13-16—Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yarashemeje Yehova ku kuntu umubiri w’umuntu uremwe mu buryo bw’agatangaza, harimwo n’ivy’ukurondoka
Img 2:10-15—Ubumenyi n’ubukerebutsi biva kuri Yehova birashobora kudukingira abantu bakora ivy’agahomerabunwa kandi buzuye amanyanga
Kubera iki abavyeyi bakwiye gutoza indero abana babo mu buryo buranga urukundo?
Img 13:24; 29:17; Yr 30:11; Ef 6:4
Raba kandi Zb 25:8; 145:9; Kl 3:21
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 32:1-5—Naho umwami Dawidi yabona ko indero Yehova amutoje ikomeye, yarahumurijwe no kumenya ko Yehova ababarira abigaya vy’ukuri ibicumuro vyabo
Yon 4:1-11—Umuhanuzi Yona yishuye Yehova ashavuye kandi mu buryo butaranga icubahiro. Yamara Yehova yaramwigishije yihanganye ibijanye n’imbabazi
Kubera iki gutozwa indero vyerekana urukundo?
Raba kandi Img 15:32; Ivy 3:19