Kubabarira
Yehova ababarira ukungana iki?
Raba kandi 2Pt 3:9
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 78:40, 41; 106:36-46—Yehova yagumye ababarira abasavyi biwe batamugamburukira, naho ibicumuro vyabo vyamubabaza
Lk 15:11-32—Yezu yarerekanye ko Yehova aharira mu gutanga akarorero k’umuvyeyi w’umunyembabazi yahariye umuhungu wiwe yigenjeje nabi mugabo akigaya
Yehova aduharira yisunze iki?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Heb 9:22-28—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu amaraso ya Kristu ari yo yonyene atuma duharirwa ibicumuro vyacu
Ivy 7:9, 10, 14, 15—Intumwa Yohani yabonye «isinzi rinini» ryemewe n’Imana kubera amaraso ya Kristu
Nimba dushaka ko Yehova aduharira, dutegerezwa gukora iki igihe abandi baducumuyeko?
Mt 6:14, 15; Mr 11:25; Lk 17:3, 4; Yak 2:13
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yb 42:7-10—Imbere y’uko Yehova akuraho ivyago vyashikiye Yobu maze agatuma asubira kugira amagara meza n’ubuzima bwiza, yamusavye gusengera abagenzi biwe batatu bari bamuvuze nabi
Mt 18:21-35—Yezu yaratanze ikigereranyo gikomeye cerekana akamaro ko guharira abandi kugira natwe tubabarirwe
Kubera iki kwatura igicumuro no kwigaya bivuye ku mutima bihambaye?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 32:1-5; 51:1, 2, 16, 17—Umwami Dawidi yaragize umutima umenetse kandi ujanjaguritse kubera ibicumuro bikomeye yakoze, maze arigaya bivuye ku mutima
Yak 5:14-16—Yakobo yarerekanye ko dukoze igicumuro gikomeye dukwiye kwitura abakurambere
Ni amahinduka ayahe dukwiye kugira nimba dushaka ko Yehova aduharira?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 21:27-29; 2Ng 18:18-22, 33, 34; 19:1, 2—Igihe umwami Ahabu yacirwa urubanza, yaricishije bugufi maze Yehova aramugirira imbabazi ku rugero kanaka. Mugabo kubera ko ata co yakoze ngo yerekane ukwigaya vy’ukuri, Yehova yagumye abona ko ari umubisha maze atuma yicwa
2Ng 33:1-16—Umwami Manase yakoze ibintu bibi cane, ariko yarigaye Yehova aramuharira. Manase yarerekanye ko yahindutse vy’ukuri mu kurwanya ibigirwamana no mu kuremesha abantu gusenga Imana y’ukuri
Igihe umucumuzi yigaye, Yehova amuharira ku rugero rungana gute?
Zb 103:10-14; Yes 1:18; 38:17; Yr 31:34; Mik 7:19
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
2Sm 12:13; 24:1; 1Bm 9:4, 5—Naho umwami Dawidi yakoze ibicumuro bikomeye, Yehova yaramubabariye mu nyuma amutangako akarorero k’umuntu yakoreye Imana n’umutima wiwe wose
Yezu yiganye gute neza imbabazi za Yehova?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 26:36, 40, 41—Intumwa za Yezu zarasinziriye igihe yari akeneye cane ko zimuba hafi. Mugabo Yezu yaratahuye ubugoyagoye bwazo
Mt 26:69-75; Lk 24:33, 34; Ivk 2:37-41—Petero yarihakanye Yezu incuro zitatu, mugabo Yezu yaramuhariye. Yezu yaramwiyeretse ku giti ciwe amaze kuzuka, mu nyuma amuzeza amabanga adasanzwe mw’ishengero
Tuzi gute ko imbabazi za Yehova zifise aho zigarukira?
Mt 12:31; Heb 10:26, 27; 1Yh 5:16, 17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 23:29-33—Yezu yaraburiye abanditsi n’abafarizayo yuko uko bagize umugwi bociriwe urubanza rwa Gehena rusobanura ukurandurwa buhere
Yoh 17:12; Mr 14:21—Yezu yise Yuda Isikariyoti «wa mwana wo kurandurwa» avuga kandi ko uwo muhemu vyari kuba vyiza iyo ataba yaravutse