Inyenyeri zoba ziyobora ubuzima bwawe?
IGIHE umuntu yitegereje ijuru rikeye mw’ijoro kandi amatara akaba ari kure cane yiwe, usanga rimeze nk’igihuzu cirabura gitatseko utubuyenge inzatsa twa diyama ibihumbi n’ibihumbi duca ibibatsi mu kirere amahero. Mu binjana bitatu n’igice biheze ni ho gusa umuntu yatanguye gutahura ukuntu inyenyeri ari amahanga be n’ukuntu ikirere kiri hagati yacu na zo kingana. Ni ho tugitangura gutahura inguvu zikomeye cane zikorera mu kirere cose turimwo giteye akoba gitekeyemwo isi n’ibiriho vyose.
Kuva kera na rindi, abantu bamye bitegereza neza ingendo ibisyo vyo mu kirere bigira hejuru mw’ijoro be n’ukuntu bigenda birahindagura aho biherereye mu kirere uko ibihe biza birakurikirana. (Itanguriro 1:14) Abenshi baraseruye ko biyumva nk’uku kw’Umwami Dawidi wa Isirayeli, uwo hakaba haheze imyaka 3.000 yanditse ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka?”—Zaburi 8:3, 4.
Ariko rero, twaba tubimenya canke tutabimenya, ibisyo vyo mu kirere be n’ingendo zavyo biragira ico bikoze ku buzima bwacu mu buryo buboneka kuruta ubwo. Izuba, irisanzwe ari ikinyenyeri isi izunguruka, ni ryo abantu bisunga mu gushinga ingero nyamukuru z’umwanya, nk’uburebure bw’umusi canke umwaka. Ukwezi kwashiriweho “kumenyekanisha ibihe.” (Zaburi 104:19) Inyenyeri na zo zirayobora ata kwihenda abagendera mu kirere, zikanafasha abiga ivy’imibumbe n’inyenyeri kuyobora ibigendajuru vyabo. Ku bw’ivyo, hariho abibaza niba inyenyeri zitoshobora vy’ukuri kudufasha n’ibindi uretse kudufasha kumenya imyanya n’ibihe, hamwe no kudufasha kurushiriza gutahura no gukenguruka ivyo Imana yaremye. Zoba kandi zishobora kudufasha kumenya ibizodushikira muri kazoza canke kutuburira ku bijanye n’ivyago?
Inkomoko y’ivyo kuragurira ku nyenyeri be n’intumbero yavyo
Umugenzo wo kurabira kw’ijuru ibimenyetso vyitwa ko bifasha kumenya kazoza biyobora abantu mu buzima bwabo, wakomotse muri Mezopotamiya ya kera guhera kumbure mu kimpumbi ca gatatu B.G.C. Abaragurira ku nyenyeri bo mu ntango bari abantu bitegereza ijuru bavyitondeye. Utwigoro bagize barondera gushushanya ingendo ibisyo vyo mu kirere bigira, gutondeka inyenyeri bisunze ikibanza zirimwo, gutunganya ibirangamisi no kuvuga igihe hazobera ubwirakabiri, ni two twatumye ivyigwa vyerekeye ivy’imibumbe n’inyenyeri bivuka. Ariko rero, ivyo kuragurira ku nyenyeri ntibigarukira ku kwitegereza ukuntu izuba n’ukwezi bigira ico bikoze ku bidukikije. Biremeza yuko ngo aho izuba, ukwezi, imibumbe, inyenyeri be n’uturundo tw’inyenyeri biherereye be n’ingene bitonze, bitagira gusa ico bikoze ku bintu nyamukuru biba kw’isi, ariko kandi ngo birayobora ubuzima bw’abantu umwumwe ku giti ciwe. Uti mu buryo ubuhe?
Bamwebamwe mu baragurira ku nyenyeri barakoresha ubwo buryo mu kurabira mu bisyo vyo mu kirere ibimenyetso canke imburi ku vyerekeye kazoza, ngo ababizi bakaba bashobobora kuvyikorako no kuvyungukirako mu buryo bwinshi. Abandi babona ko ivyo kuragurira ku nyenyeri mu vy’ukuri vyerekana ivyo twandikiwe kuzokora canke bakabona ko bishobora kudufasha kumenya igihe ciza co gukora ibintu kanaka canke gutangura kwihatira gushika ku bintu kanaka bidasanzwe. Amakuru mwene ayo bivugwa ko abantu bayaronka mu kwitegereza ukuntu ibisyo bikurubikuru vyo mu kirere bitonze ngo no mu kurimbura ukuntu kimwe kigira ico gikoze ku kindi be n’ukuntu bigira ico bikoze kw’isi. Bivugwa ko ukuntu ibisyo vyo mu kirere bigira ico bikoze ku muntu kanaka bivana n’ukuntu vyari bitonze igihe yavuka.
Abatanguye ivyo kuragurira ku nyenyeri bibaza yuko isi yari hagati na hagati mu kirere kirimwo ibiriho vyose be n’uko imibumbe n’inyenyeri vyari vyugaraniwe mu rukurikirane rw’uturere two mu kirere turimwo ibisyo tugenda dusumbasumbana, tuzunguruka isi. Biyumvira kandi ko izuba ryatembera mu kirere riciye mu nyenyeri no mu turundo tw’inyenyeri turi mu nzira kanaka ricamwo mu rugendo rigira buri mwaka. Aho hantu izuba risa n’irica bahita inzira y’izuba, bakahagaburamwo uturere canke uduhimba 12. Agahimba kamwekamwe kose baciye bagaha izina bisunze akarundo k’inyenyeri izuba ryacamwo gasanzwe kari muri ako gahimba. Ukwo rero ni ko vya bimenyetso 12 bigize ca gicapo abaragurira ku nyenyeri bisunga (zodiac) vyatanguye kubaho. Utwo turere, ari two bita “amazu yo mw’ijuru,” twabonwa ko ari ho imana kanaka zibera. Ariko ntiwumve, mu nyuma abanyasiyansi baramenye ko izuba atari ryo rizunguruka isi, ahubwo ko ari isi izunguruka izuba. Ico kintu abahinga bubuye catumye ivyo kuragurira ku nyenyeri bitaba bikibonwa nk’ibintu vy’ubuhinga bwitondewe.
Guhera i Mezopotamiya aho ivyo kuragurira ku nyenyeri vyatanguriye, vyarakwiragiye mu mihingo nka yose y’isi maze biratsimbatazwa mu buryo butandukanye mu bibano bikomakomeye vy’abantu hafi vyose. Inyuma y’aho Abaperesi bigaruriye Babiloni, ivyo kuragurira ku nyenyeri vyarakwiragiye mu Misiri, mu Bugiriki no mu Buhindi. Abamisiyonari bo mw’idini ry’Ababuda bavuye mu Buhindi barabishikanye muri Aziya yo Hagati, mu Bushinwa, muri Tibet, mu Buyapani no mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Aziya. Naho ata wuzi inzira vyaciyemwo ngo bishikire abitwa Abamaya, ikibano cabo carakoresheje cane ivyo kuragurira ku nyenyeri mu buryo busa n’ubw’Abanyababiloni. Uburyo bwitwa ko ari ubwa none bwo kuragurira ku nyenyeri biboneka ko bwatanguriye mu Misiri igihe yari imaze gutsimbatazwamwo imico y’Abagiriki, kandi bwaragize akosho gakomeye ku vyiyumviro vy’idini ry’Abayuda, iry’abisilamu be n’iry’abiyita abakirisu.
N’imbere y’uko ihanga rya Isirayeli ritwarwa mu bunyagano i Babiloni mu kinjana c’indwi B.G.C., nta rucanco ryari ryaratewe rurikingira akosho k’ivyo kuragurira ku nyenyeri. Bibiliya iratubwira ibijanye n’utwigoro Umwami w’umwizigirwa Yosiya yagize kugira ngo akure mu banyagihugu umugenzo wo gushikanira ibimazi “izuba n’ukwezi n’uburundo bg’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru.”—2 Abami 23:5.
Uwo ivyo kuragurira ku nyenyeri vyandurutseko
Ivyo kuragurira ku nyenyeri bishingiye ku vyiyumviro bitari vyo na gato abantu bafise ku vyerekeye ukuntu ibiriho vyose bitunganijwe be n’ingene bikora. Ku bw’ivyo, biratomoye ko bidashobora kuba biva ku Mana. Kubera yuko ibintu nyamukuru ivyo kuragurira ku nyenyeri bishingiyeko ari ibintu bitari vyo, ntibishobora kuba isôko ry’ukuri ry’amakuru yerekeye kazoza. Inkuru zibiri zitangaje zigana ivyabaye zirerekana neza ukuntu ivyo kuragurira ku nyenyeri ata co bifasha.
Ku ngoma y’umwami wa Babiloni ari we Nebukadinezari, abaherezi n’abaragurira ku nyenyeri barananiwe gusigurira umwami indoto yari yarose. Daniyeli, wa muhanuzi w’Imana y’ukuri Yehova, yaradomyeko icatumye bibananira mu kuvuga ati: “Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’abapfumu cank’abanyamarēba cank’abamenyi; ariko mw ijuru har’Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi.” (Daniyeli 2:27, 28) Ego cane, Daniyeli yahanze amaso Yehova Imana we “[a]hishura amabanga” aho kuyahanga izuba, ukwezi canke inyenyeri, kandi yarahaye umwami insobanuro y’ukuri ya nya ndoto.—Daniyeli 2:36-45.
Ibiharuro bidomako neza na neza Abamaya bari baragize mu kuragurira ku nyenyeri ntivyabujije ko ikibano cabo gisenyuka mu kinjana c’icenda G.C. Ukwo kunanirwa ntikwerekana gusa ko ivyo kuragurira ku nyenyeri ari ububeshi, bikaba bidashoboye kuvuga imbere y’igihe ikintu na kimwe ata kwihenda, ariko kandi birahishahisha intumbero yavyo nyakuri, na yo ikaba ari iyo kubuza abantu guhanga amaso Imana kugira ngo baronke amakuru y’ukuri ku vyerekeye kazoza.
Kuba ivyo kuragurira ku nyenyeri bishingiye ku binyoma biradufasha kandi kubona neza uwo vyandurukako uwo ari we. Yezu yavuze ku bijanye na Shetani ati: “Ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma.” (Yohani 8:44) Shetani yigira “umumarayika w’umuco,” amadayimoni na yo akihindura “abasuku b’ubugororotsi.” Mu vy’ukuri, ni ababeshi bafise intumbero yo guta abantu mu mutego w’ububeshi. (2 Abakorinto 11:14, 15) Ijambo ry’Imana rirashira ahabona yuko “ibikorwa vy’ububasha . . . n’ibimenyetso be n’ibitangaza vy’ububeshi” ari ‘ibikorwa vya Shetani.’—2 Abanyatesalonika 2:9.
Igituma ukwiye kuvyirinda
Ivyo kuragurira ku nyenyeri bishingiye ku binyoma, bikaba rero bisesema ya Mana y’ukuri Yehova. (Zaburi 31:5) Ni co gituma Bibiliya ivyiyamiriza idacisha ku ruhande, ikanahimiriza abantu kudakora ikintu na kimwe kijanye na vyo. Mu Gusubira mu vyagezwe 18:10-12, Imana ivuga itomora iti: “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . [“ibimenyetso bitara ibizoba,” NW], cank’umurozi, . . . ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu. Kuk’ūkora ben’ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho.”
Kubera ko Shetani n’amadayimoni ari zo nguvu zishigikiye ivyo kuragurira ku nyenyeri, umuntu abikinisha yoshobora gusanga bamugizeko akosho. Nka kurya nyene kugerageza gufata ibiyayuramutwe usanga bishobora gutuma umuntu aba umuja w’ababidandaza, ni ko n’ukugerageza kuja mu vyo kuragurira ku nyenyeri bishobora gutuma umuntu aba umuja wa wa mubeshi ruheta ari we Shetani. Ku bw’ivyo, abakunda Imana be n’ukuri babwirizwa kwamirira kure baherejeko ivyo kuragurira ku nyenyeri, bakumvira nyabuna impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Mwanke ibibi, mukunde ivyiza.”—Amosi 5:15.
Ivyo kuragurira ku nyenyeri birafatira ku cipfuzo abantu bafise co kumenya ivya kazoza. Vyoba none bishoboka ko tumenya ivya kazoza? Nimba na ho bishoboka, twobimenya gute? Bibiliya iratubwira ko umwe wese ku giti ciwe adashobora kumenya ibizomushikira ejo, mu kwezi kuza canke mu mwaka uza. (Yakobo 4:14) Naho biri ukwo, Bibiliya iraduhishurira muri rusangi ibigiye gushikira umuryango w’abantu ubu bwa vuba. Iratumenyesha ko vuba bwa Bwami dusaba muri rya sengesho rya Dawe wa twese bugiye kuza. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10) Iratubwira kandi ko imibabaro abantu barimwo vuba igiye kurangira kandi ko itazokwigera isubira kutubabaza. (Yesaya 65:17; Ivyahishuwe 21:4) Aho kwandikira umuntu ibizomushikira mu buzima, Imana iriko iratumira abantu aho bari hose ngo bige ibiyerekeye be n’ivyo izokora ku neza yabo. Ivyo tubizi gute? Bibiliya iratomora ko ivyo Imana igomba ari uko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”—1 Timoteyo 2:4.
Amajuru atangaje be n’ibiyarimwo vyose ntivyashizweho ngo biyobore ubuzima bwacu. Ahubwo nyabuna, bigaragaza ububasha n’ubumana bwa Yehova. (Abaroma 1:20) Birashobora kutuvyurira umutima wo kwamirira kure ibinyoma maze tugahanga amaso Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya, kugira ngo turonke ubuyobozi butuma turoranirwa mu buzima. Bibiliya igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.”—Imigani 3:5, 6.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]
Abamaya barakoresheje cane ivyo kuragurira ku nyenyeri
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]
Ibiharuro bidomako Abamaya bari baragize mu bijanye no kuragurira ku nyenyeri ntivyabujije ko ikibano cabo gisenyuka
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]
‘Mw’ijuru hari Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yamenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza’
[Ifoto ku rup. 19]
Ikibanza barabiramwo ibisyo citwa El Caracol, c’ahitwa Chichén Itzá, i Yucatán muri Megizike, 750-900 G.C.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 19]
Urupapuro rwa 18 n’urwa 19, uva ibubamfu uja iburyo: Inyenyeri: NASA, ESA, na A. Nota (STScI); Ikirangamisi c’Abamaya: © Lynx/Iconotec com/age fotostock; Umumaya aragurira ku nyenyeri: © Albert J. Copley/age fotostock; Ikibanza c’Abamaya co kurabiramwo ibisyo: El Caracol (The Great Conch) (photo), Mayan/Chichen Itza, Yucatan, Mexico/Giraudon/The Bridgeman Art Library