ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 22-23
  • Inyenyeri zoba zigira ico zikoze ku buzima bwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyenyeri zoba zigira ico zikoze ku buzima bwawe?
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyenyeri zoba zishobora kugira ico zikoze kuri kazoza kacu?
  • Inyenyeri zoba zigira ico zikoze ku kuntu tumeze?
  • Ahantu heza kuruta ahandi tworonderera ubuyobozi
  • Inyenyeri zoba ziyobora ubuzima bwawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imana Itangura Kurema
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»
    Niwiyegereze Yehova
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 22-23

Twisunze Bibiliya

Inyenyeri zoba zigira ico zikoze ku buzima bwawe?

Yoba ankunda?

Noba nkwiye gufata urugendo uno musi?

Noba nzoronka ako kazi?

ABANTU benshi kugira baronke inyishu z’ibibazo nk’ivyo biri aho haruguru, bitura abaragurisha inyenyeri.a Ariko none, inyenyeri zoba vy’ukuri zigira ico zikoze ku buzima bwawe? Zoba zishobora kugufasha kumenya ibijanye na kazoza kawe, canke ibikwerekeye wewe ubwawe? Bibiliya yoba ibivugako iki?

Inyenyeri zoba zishobora kugira ico zikoze kuri kazoza kacu?

Hari abantu bemera ko tudashobora guhindura ibidushikira mu buzima. Bavuga ko ibidushikira biba vyaranditswe, kandi ko inyenyeri zishobora kubiduhishurira. Ariko Bibiliya yoyo ivuga ibitandukanye n’ivyo. Itubwira ko Imana iha abantu uburenganzira bwo kwihitiramwo, ivyo bikaba vyerekana ko ibishikira abantu baba babifisemwo uruhara ku rugero runaka. Nk’akarorero, Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho, wewe n’uruvyaro rwawe.”—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Muri ayo majambo, Yehova Imana yaratomoreye abasavyi biwe ko ku rugero runini bobaye bafise uruhara ku vyobashikiye muri kazoza. Bagamburutse amategeko y’Imana, bokwironkeye imihezagiro. Batayagamburutse, bokwikwegeye ingorane.

Zirikana gatoyi: Iyaba ivyoshikiye Umwisirayeli wese vyari vyaramaze kwandikwa ku nyenyeri, ubwo vyoba vyari kwumvikana ko Imana ibahimiriza guhitamwo ubuzima? Ubwo vyobaye vyumvikana ko Imana ibahora ibikorwa bo ubwabo batagizemwo uruhara na rumwe?

Ico Bibiliya yigisha kiratomoye: Ibidushikira mu buzima biva ku mahitamwo tugira, ntibiva ku nyenyeri.—Abagalatiya 6:7.

Inyenyeri zoba zigira ico zikoze ku kuntu tumeze?

Abaragurisha inyenyeri benshi ntibashimika ku ciyumviro c’uko Imana yandika imbere y’igihe ibishikira umuntu. Hari umwe muri bo yavuze ati: “Turafise ububasha bwo guhindura ibidushikira mu buzima;” ariko yongeyeko ati: “Ku rundi ruhande igenekerezo umuntu yavukiyeko riragira ico rikoze ku kuntu ameze.” Abantu batari bake usanga bemera nk’ivyo nyene. Biyumvira bati: ‘Ko inyenyeri be n’imibumbe bigira ico bikoze kuri uwu mubumbe wacu, vyobuzwa n’iki kugira ico bikoze no ku buzima bwacu?’ None Bibiliya yerekana iki?

Bibiliya si igitabu c’ivya siyansi ngo kidondore akantu kose kerekeye umubiri w’abantu canke kerekeye ijuru n’isi. Ariko, irasigura icatumye Yehova arema ibisyo vyo mu kirere. Mw’​Itanguriro 1:14, 15 hagira hati: “Imana yongera kuvuga iti: ‘Nihabeho ibitangamuco mu kirere c’amajuru kugira bitandukanye umurango n’ijoro; bizoba ibimenyetso bibe n’ivyo kwerekana ibiringo n’imisi n’imyaka . . . kugira vyakire isi.’ ”

Zirikana gatoyi: Iyaba Imana yari yashinze ko inyenyeri zigira ico zikoze ku kuntu tumeze, none ntiyari kubitubwira?

None ni iciyumviro ikihe twoshikako? Ni ic’uko inyenyeri ziri mu bintu Imana yaremye ariko ko zitagira ico zikoze ku kuntu tumeze.

Ahantu heza kuruta ahandi tworonderera ubuyobozi

Nimba twipfuza kumenya ivyerekeye kazoza kacu canke ibitwerekeye twebwe ubwacu, turakwiye gukezwa. Ariko hariho ahantu heza kuruta ku nyenyeri tworondera ubwo buyobozi.

Bibiliya idondora ko Yehova Imana ari “Umwe kuva mu ntango ahishura iherezo.” (Yesaya 46:10) Arafise umugambi, kandi azotuma uranguka. (Yesaya 55:10, 11) Turashobora kumenya ivyerekeye uwo mugambi w’Imana mu gusoma Bibiliya. Ico gitabu ceranda ca kera kirasigura kandi igituma dushikirwa n’imibabaro be n’ukuntu Imana izokuraho buhere ibintu bibi bibangamiye abantu.b—2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:1-4.

Ku bijanye no kumenya ibitwerekeye no kugira ivyo turyohoye, muri Bibiliya ni ho hantu heza kuruta ahandi tworonderera ubuyobozi. Uti kubera iki? Kubera ko kuyisoma bidufasha kwisuzuma tutibesha. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Yehova Imana ari “inyembabazi,” “iteba gushavura,” kandi “[y]iteguriye kubabarira.” (Kuvayo 34:6; Zaburi 86:5) Twoba ari ko tumeze natwe? Bibiliya irashobora gushira ahabona ivyiyumviro vyacu bigoramye kandi ikadufasha kubona aho dukeneye gukosora.

Ku bw’ivyo, ntidukeneye kuraba ku nyenyeri kugira ngo tumenye ivyerekeye kazoza kacu canke ibitwerekeye ubwacu. Muri Bibiliya ni ho hantu heza kuruta ahandi tworonderera ubuyobozi, kuko yo ‘yahumetswe n’Imana kandi ikaba ari ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu.’—2 Timoteyo 3:16, 17.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivyo kuragurira ku nyenyeri ni ivyigwa vyerekeye izuba, ukwezi, imibumbe n’inyenyeri, umuntu akabigira yiyumvira ko ivyo bisyo vyo mu kirere bishobora kugira ico bikoze kuri twebwe kandi ko bishobora kudufasha gutahura ibitwerekeye.

b Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umugambi w’Imana, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Ni kubera iki Imana yaremye ibisyo vyo mu kirere?—Itanguriro 1:14, 15.

● Ushobora gute kurushiriza kubona ibikwerekeye mu buryo bwiza?—Abaheburayo 4:12.

● Ni gute woshobora kumenya neza ivyerekeye kazoza?—Yesaya 46:10.

[Ifoto ku rup. 22]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika