ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 12-14
  • Bibiliya yoba yiyamiriza akamari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba yiyamiriza akamari?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutwarwa n’ukwizigira igihamana
  • Ivyo batsindira biva he?
  • “Umutego” dukwiye kwirinda
  • Akamari
    Be maso!—2015
  • Akamari koba ari igicumuro?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 12-14

Bibiliya yoba yiyamiriza akamari?

AMAVIDEWO n’ibiganiro vyo ku mboneshakure bikundwa na benshi vyerekana ko akamari, canecane agakinirwa mu mazu abigenewe, ari urukino rwo kwisamaza rw’abantu bezabeza, batunze n’abakomakomeye. Yamara muri rusangi abavyihweza barabona ko ivyo atari ivy’ukuri, ko ari ivyo abantu bapfa kwiyumvira gusa.

Ariko rero turavye ibiba vy’ukuri mu buzima bwa misi yose, dusanga amatike yo gutombora, ivy’ugutombora uwuzotsinda mu rukino kanaka hamwe n’akamari gakinirwa kuri Internet bigenda bihiganwa na ka kamari gakinirwa mu mazu abigenewe, bihiganirwa abanywanyi. Igitabu kimwe kivuga ivy’akamari ko kuri Internet (Internet Gambling) kivuga ko akamari ari “ingeso ikwiye hafi kw’isi yose yigaruriye abantu ningoga na ningoga.” Nk’akarorero, urukino rw’amakarata bakinira amahera rwitwa poker, rusigaye ari urukino rumenyerewe cane ku mboneshakure no kuri Internet. Ikinyamakuru kimwe kivuga ko mw’itohoza abahinga baherutse kugira, bagereranije ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika igitigiri c’abakina poker cigwije na kabiri mu kiringo c’amezi 18.

Gukina akamari bidondorwa ko ari ugusheta amahera umuntu atazi ikiza kuvamwo. Abantu benshi bibwira yuko gukina akamari ata co biba bitwaye mu gihe ayo mahera aba ari aya nyene kugakina kandi kakaba kataramwizizira. Kukaba nkako, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi c’abagatolika (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko gukina akamari “ata wovuga ko ari igicumuro kiretse gusa igihe biba bituma nyene kugakina adashitsa ibanga ajejwe.” Ariko ntiwumve, ico gitabu nta canditswe na kimwe co muri Bibiliya gitanga gishigikira ico ciyumviro. None umukirisu akwiye kubona gute ivyo gukina akamari? Bibiliya yoba ibishigikira canke iravyiyamiriza?

Ico twomenya ni uko Ivyanditswe Vyeranda bitavuga bidomako ibijanye n’ugukina akamari. Ariko rero ivyo ntibisobanura yuko ata buyobozi dufise ku bijanye n’ico kintu. Aho kuduha amategeko agenga ikintu cose dukora canke gishika mu buzima, Bibiliya iduhimiriza ngo “[t]ubandanye gutahura ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo.” (Abanyefeso 5:17) Nk’uko incabwenge imwe mu vya Bibiliya E. W. Bullinger ibivuga, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gutahura” ritanga iciyumviro co gushira hamwe imice itandukanye y’ikintu biciye ku “kwiyumvira” no ku “bumenyi buzanwa no kwiyumvira be no kuzirikana.” Umukirisu arashobora rero gutahura igomba ry’Imana ku bijanye n’akamari mu gushira hamwe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zifitaniye isano n’akamari akongera akazizirikanako. Uko usoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyatanzwe muri iki kiganiro, woshobora kwibaza uti: ‘Gukina akamari vyoba bihuza n’iki canditswe? Ijambo ry’Imana ryerekana ko Imana igomba iki ku bijanye n’akamari?’

Gutwarwa n’ukwizigira igihamana

Kubera yuko ivyo gukina akamari birimwo uguhiga ku bintu utazi ikiza kuvamwo, usanga ivyo kwemera igihamana bigira uruhara runini na canecane igihe umuntu aba yashese amahera, ico gihamana kikaba ari inguvu nsigabwenge yitwa ko igenga ibintu bipfa gushika. Nk’akarorero, hari abacagura amatike yo gutombora afise inomero yitwa ko izana umugisha, abakina ivyitwa mah-jongg bemera ibintazi na bo ugasanga hari amajambo kizira ko bavuga, hakaba n’abakina urudo usanga babanza guhuha ka kantu bakinisha (bita saxe) imbere y’uko bagatera. Uti none ni kubera iki bagira ivyo? Abakina akamari usanga kenshi bemera ko igihamana gituma baronka canke babura, canke kikaba n’imiburiburi vyoshika kikabituma.

Urukino rurimwo ukwizigira igihamana rwoba gusa ari urukino ata co rutwaye? Abantu bamwebamwe bo muri Isirayeli ya kera ni ko babibona. Bemera ko igihamana cashobora gutuma batunga bagatunganirwa. None Yehova Imana yabona gute ico kintu? Imana ibicishije ku wo yavugisha Yesaya, yababwiye iti: “Mwebwe muri abaheba Yehova, mukibagira umusozi wanje mweranda, mugatunganiriza imeza imana y’Umugisha, mukuzuriza imana Rugenibishika umuvinyu uvanze.” (Yesaya 65:11) Imana ibona ko kwemera ivy’umugisha canke igihamana ari uburyo bwo gusenga ibigirwamana kandi ko binyuranye n’ugusenga kw’ukuri. Vyerekana ko umuntu yizigira inguvu itabaho aho kwizigira Imana y’ukuri. Nta mvo ihari yotuma tubona ko Imana yoba yarahinduye ukuntu ibona ibintu.

Ivyo batsindira biva he?

Abakinyi b’akamari, baba bagakinira kuri Internet, bagura itike yo gutombora, bahiga ku bijanye n’uwuzotsinda mu rukino kanaka, canke bakinira akamari mu mazu yabigenewe, akenshi usanga birengagiza aho ivyo bahahamira gutsindira bizanana. Gukina akamari biratandukanye n’ivyo kugura canke kugurisha mu buryo bwemewe n’amategeko kuko umukinyi w’akamari aba ashaka gutsindira amahera abandi bakinyi bahomvye.a Ikigo kimwe co muri Kanada (Centre de toxicomanie et de santé mentale) kivuga giti: “Igihe cose habaye uwutsindira amamiliyoni muri tombora, abandi bantu amamiliyoni baba bahomvye amahera yabo!” None ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zishobora gufasha umukirisu gutahura ukuntu Imana ibona ico kintu?

Irya nyuma muri ya Mabwirizwa cumi yahabwa Isirayeli ryavuga riti: “Ntukipfuze umugore wa mugenzawe, canke umushumba wiwe, canke umushumbakazi wiwe, canke ishūri yiwe, canke indogobwa yiwe, canke ikintu na kimwe ca mugenzawe.” (Kuvayo 20:17) Kwipfuza ibintu vya mugenzawe, vyaba ivyo atunze canke amahera yiwe, cari icaha gikomeye, kikaba cashirwa mu mugwi umwe n’ukwipfuza umugore wa mugenzawe. Haheze ibinjana bitari bike, intumwa Paulo yarasubiriyemwo iryo bwirizwa abakirisu ati: “Ntukagire umwina.” (Abaroma 7:7) None umukirisu arondera gutsindira ivy’uwundi muntu ahomvye, yoba yokwagirwa n’icaha c’umwina?

Umwanditsi umwe w’ikinyamakuru yitwa J. Phillip Vogel yandika ati: “[Abakinyi b’akamari nka bose] baba bavyemera canke batavyemera, imbere y’uko batangura gukina babanza kugira muri bo icipfuzo c’uko ivyo basheta, naho twoba ari uduhera dukeyi gusa, bobikuramwo inyungu nyinshi.” Abo bakinyi b’akamari baba bipfuza gutunga cane bitiriwe birabagora. Biragaragara ko ivyo bihushanye n’impanuro Bibiliya itanga y’uko umukirisu akwiye ‘gukora cane, agakoresha amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.’ (Abanyefeso 4:28) Intumwa Paulo kandi yavuze adomako ati: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye.” Yongeyeko ati: “Bakwiye kurya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye.” (2 Abatesalonika 3:10, 12) Ariko none, gukina akamari vyoba vyoshobora kubonwa nk’igikorwa cemewe?

Naho urukino rw’akamari rushobora kuba urutoroshe, amahera ayo ari yo yose umuntu yunguka, aba ari ayo yatsindiye, ntaba ari ayo yakoreye. Mu rukino rw’akamari, umuntu asheta amahera yiteze gutsinda canke guhomba, yizigiye ko ikivamwo akironka ku gihamana, akizigira kandi ko bitebe bitebuke ibintu bishobora kugenda neza. Muri make, umukinyi w’akamari aba arondera kwimbura ivyo atabivye. Ariko rero abakirisu b’ukuri bahimirizwa kurondera amahera biciye ku gikorwa kitarimwo ubugunge. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” Yaciye yongerako ati: “Ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri.” (Umusiguzi 2:24) Ego cane, abasavyi b’Imana ntibashingira ivyizigiro vyabo ku bintu bitagira ishingiro vy’ibintazi canke ngo barondere gutunga mu buryo bworoshe kandi bunyaruka. Agahimbare n’imihezagiro babizeye ku Mana.

“Umutego” dukwiye kwirinda

Naho umukinyi w’akamari yogira amahirwe agatsinda, vyoba vyiza aravye ingaruka z’igihe kirekire ziva ku kamari, ntarabe gusa umunezero w’igihe gito agira. Mu Migani 20:21 hagira hati: “Intoranwa ibanza kuronkwa biciye ku munoho, mugabo kazoza kayo ntikazohezagirwa.” Abantu benshi batsinze muri tombora be n’abandi bakinyi b’akamari baricujije canke baratuntura bamaze kubona ko ubutunzi batsindiye ata gahimbare bwabazaniye. Ese ingene birushiriza kuba vyiza twumviye impanuro yo muri Bibiliya idusaba kudashingira icizigiro cacu ku “butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo [tukagishingira] ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe.”​—1 Timoteyo 6:17.

Uretse ivy’uko umuntu ashobora guhomba, gukina akamari birimwo n’ikindi kintu kibabaje gusumba. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero.” (1 Timoteyo 6:9) Umutego ugenewe gucakira umuntu. Abantu badaharurika bahavuye bagwa mu mutego ntibaba bagishobora kwigobotora ivy’akamari vyari vyabiziziye, naho mu ntango bari biyemeje gusheta udufaranga dukeyi gusa canke kugerageza gukina akamari nka kangahe gusa. Vyaratumye abakina akamari batakaza akazi, bituma ababo bavunika umutima vyongera biragirira nabi imiryango.

Umaze kurimbura ivyo vyanditswe vyo muri Bibiliya bitari bike bijanye n’ivyo gukina akamari, woba utahura ico Imana igomba ku vyerekeye ico kintu? Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Abaroma 12:2) Ivyo Imana igomba ni vyo bikwiye kuyobora ubuzima bw’umukirisu, ntibukwiye kuyoborwa n’ivyiyumviro vya benshi. Kubera yuko Yehova ari “Imana ihimbawe,” ashaka ko tunezererwa ubuzima, tudashikirwa n’ingaruka mbi ziva ku mutego w’akamari.​—1 Timoteyo 1:11.

[Akajambo k’epfo]

a Ikinyamakuru Be maso (mu gifaransa) co ku wa 8 Gitugutu 2000, kuva ku rupapuro rwa 25 gushika ku rwa 27, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, carasiguye ukuntu gushira umutahe mw’isoko ry’imitahe bitandukanye n’ugukina akamari.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

Abasavyi b’Imana barondera amahera biciye ku gikorwa kitarimwo ubugunge

[Uruzitiro ku rup. 13]

Ingene gutsinda bikabura ubwonko

Gukina akamari koba ari akamenyero umuntu atsimbataza, kagahava kakamwizizira bitagoranye? Muganga Hans Breiter, amaze kwiga ingene abakinyi b’akamari bamera igihe batsinze canke bahomvye, yavuze ko “iyo babakinishije ibintu bimeze nk’akamari, inyungu y’amahera baronka ibakabura ubwonko mu buryo busa cane n’ibishika igihe umuntu yiziziwe n’ikiyayuramutwe kokayine acihereje.”

[Ifoto ku rup. 13]

Amahera abakinyi b’akamari baba bizigiye gutsindira aba ari aya nde?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika