“Iherezo” ni iki?
“. . . maze iherezo rizoca riza.”—MATAYO 24:14.
HAMA hariko haravugwa ibijanye n’umuhero w’isi. Ibitabu, amasenema n’ibinyamakuru, guhera ku bitwenza gushika ku bivuga ibijanye na siyansi, biravuga ivyerekeye ivyago bitandukanye bizoba ku musi w’umuhero. Muri ivyo vyago harimwo uguhona biturutse ku ntambara ikoreshwamwo ibirwanisho ruhonyanganda, ugusekana kw’ibisyo, imigera itema igatongora, ihinduka ry’ikirere ry’akananirabahinga canke ibitero biturutse mu bindi birere.
Amadini na yo nyene abona ico kibazo mu buryo butandukanye. Benshi bigisha ko umuhero canke “iherezo” uzoherengeteza ibifise ubuzima vyose biri kw’isi. Mu kugira ico avuze kuri Matayo 24:14, umunyatewolojiya umwe yanditse aya majambo ateye ubwoba agira ati: “Uwu murongo ni umwe mu mirongo ihambaye kuruta iyindi mw’Ijambo ry’Imana ryose . . . Iyaruka ryacu rirashobora kuzoshikirwa n’agatikizo kazoherengeteza vyose, kakaba ari agatikizo gakomeye ku buryo ari bake muri twebwe bagerageza kwiyumvira ico kintu giteye ubwoba.”
Umuntu yiyumviriye muri ubwo buryo aba yirengagije iki kintu gihambaye: Yehova Imana ‘yarashimangiye’ isi; ‘ntiyayiremeye ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Igihe rero Yezu yavuga “iherezo”, ntiyashaka kuvuga ko isi yosanganguwe; eka kandi ntiyashaka kuvuga ko abantu bose boherengetejwe. Yashaka kuvuga ko ababisha, ni ukuvuga abo bose banka n’akagagazo n’akantu kubaho bahuza n’ubuyobozi buranga urukundo Yehova atanga, bazosangangurwa.
Rimbura aka karorero. Dufate ko ufise inzu nziza cane maze ukemera ko abantu kanaka bayibamwo ku buntu. Bamwe mu bayibamwo babana mu mahoro kandi barabungabunga iyo nzu. Ariko abandi nta kindi bakora atari ugutera ingorane, bakarwana, bakongera bakagirira nabi abo bantu beza bayibamwo. Baronona ivyawe kandi naho ukora uko ushoboye kugira ngo ubabuze, ntibashaka guheba iyo nyifato.
None wokora iki kugira utunganye ico kibazo? Mbega woca usambura iyo nzu? Uko biri kwose si ukwo wogira. Woshobora guca wirukana abo bantu babi bayibamwo maze ugasanura ivyononywe.
Na Yehova azokora ikintu nk’ico nyene. Yahumekeye umwanditsi w’amazaburi kwandika ati: “Inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi. Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:9-11.
N’intumwa Petero yaravuze ibijanye n’ico kintu. Ahumekewe n’Imana, yanditse ati: “Kuva kera hariho amajuru n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi, no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana; kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.” (2 Petero 3:5, 6) Aha iyo ntumwa iriko ivuga rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Isi igizwe n’abantu batibanga Imana yaratikijwe, ariko isi-butaka ntiyatikijwe. Iryo Segenya ryabaye kw’isi yose ryashiriyeho “abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza.”—2 Petero 2:6.
Petero yongeyeko ati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro.” Tugarukirije aho, twosanga dutahuye ibitari vyo. Ariko urabona ko uwo murongo ubandanya uvuga ngo: “N’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” Ntihazotikizwa isi, ahubwo hazotikizwa abantu batibanga Imana. Ni ibiki none bizokurikira? Petero yanditse ati: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha [ni ukuvuga Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya] n’isi nshasha [ni ukuvuga ikibano c’abantu bagororotse], kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.”—2 Petero 3:7, 13.
Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burerekana kandi ko “iherezo” riri hafi. Soma Matayo 24:3-14 na 2 Timoteyo 3:1-5 kugira ubone ivyerekana ko ari ukwo biri.a
Woba ubona umengo ntivyumvikana kubona hari abantu benshi badatahura ibivugwa muri Matayo 24:14, umurongo n’umwana ari umwana ashobora gutahura? Hariho ikibituma. Shetani yarahumye imizirikanyi y’abantu ngo ntibatahure ukuri kw’agaciro dusanga mw’Ijambo ry’Imana. (2 Abakorinto 4:4) Vyongeye, Imana yarahishije imigambi yayo abibona, ariko iyihishurira abicisha bugufi. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yavuze ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya.” (Matayo 11:25) Mbega ukuntu ari agateka kuba muri abo bicisha bugufi batahura ico Ubwami bw’Imana busobanura vy’ukuri kandi bashobora kwitegana igishika imihezagiro buzozanira abo bose babushigikira!
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka amakuru y’ido n’ido, raba ikigabane ca 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 9]
Ubwami buzozana “iherezo” ku babisha bose bari kw’isi