Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
NI IGIKI catumye umwigeme yari yarahevye kubaho yisunga inyigisho z’ivy’Imana yahawe akiri umwana asubira kuzigendera? Soma ivyo atuyagira.
“Ubu, ubuzima bwanje burafise intumbero koko.”—LISA ANDRÉ
YAVUTSE MU 1986
IGIHUGU AKOMOKAMWO: LUXEMBOURG
IVYO YACIYEMWO: YARI UMWANA W’ICANGAZI
KAHISE KANJE: Nakuriye i Bertrange, agasagara gasukuye, gatekanye, kandi kifashe mu vy’ubutunzi kari hafi y’igisagara ca Luxembourg. Tuvukana turi batanu, nkaba ndi umuhererezi. Abavyeyi banje ni Ivyabona vya Yehova, kandi nta ko batagize ngo batwigishe kubaho rukirisu twe na bene wacu na basazanje.
Nshitse mu buyabaga, naratanguye gukekeranya cane ku bijanye n’inyigisho z’Ivyabona vya Yehova. Mu ntango, nabona umengo nta co bitwaye, ariko ukwizera kwanje kwagiye buhorobuhoro kurayama. Abavyeyi banje nta ko batagize ngo banyereke inzira ibereye, ariko ndanka. Naramarana umwanya batabizi n’abakiri bato batubaha ubukuru. Nashaka umwidegemvyo basa n’abifitiye mu buzima. Twariryohera tukaryimara, tukaryamana n’abahungu benshi, tukihereza ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze. Mu ntango nararyoherwa kuba ndi kumwe n’abantu basa n’abiryohera mu buzima bakaryimara.
Ariko mu vy’ukuri, nta gahimbare nari mfise. Kugendana n’abantu nk’abo vyatuma mbona ko ubuzima ata co bumaze; nta n’umwe yagira ico yitaho. Ariko jewe narabuzwa amahoro n’ibibazo bimwebimwe nk’akarenganyo kiraye mw’isi. Uko haca igihe ni ko narushiriza kuvunika umutima.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Umusi umwe, mfise imyaka 17, numvise nihebuye cane. Mawe yarabonye ko ntaryohewe, aca ansaba ko nosubira kwiga Bibiliya. Yandemesheje gusuzuma ivyo Bibiliya yigisha maze nkihitiramwo kuvyisunga canke kutavyisunga. Ico kiyago twagiranye tubwirana akari ku mutima carahinduye ubuzima bwanje koko. Naremeye kwigana Bibiliya na mukuru wanje Caroline be n’umugabo wiwe Akif. Akif ntiyari yakuriye mu muryango w’Ivyabona vya Yehova, ariko yagiye kuba Icabona amaze gukura. Kubera ivyo yari yaraciyemwo, nabona ko nshobora kumuyagira ivyanje ata co ndamuhisha, kandi ivyo vyari bihambaye kuri jewe.
Narabona ko ntari mbayeho nk’uko Icabona ca Yehova ategerezwa kubaho, mugabo mu ntango nabona ko ari je nihitiramwo uburyo mbaho. Ariko rero, igihe nariko ndiga Bibiliya naratahuye ko inyifato ngira ishobora kubabaza Yehova canke kumunezereza. (Zaburi 78:40, 41; Imigani 27:11) Nahavuye kandi ntahura yuko igira ico ikoze no ku bandi bantu.
Narashishikaye gusuzuma Bibiliya maze ndibonera yuko hariho imvo zumvikana kandi zijijura zo kwemera yuko ari Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, narize ivyerekeye ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya bwarangutse, emwe, buranguka neza na neza nk’uko nyene bwari bwaravuzwe. Ubwo bumenyi bwaratoreye umuti kwa gukekeranya nari mfise.
Haciye nk’umwaka ntanguye kwiga Bibiliya, twe n’abavyeyi banje twaragiye kuraba musazanje ankurira yari yaritanze gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Budagi. Mbonye ukuntu ahimbawe, vyarankoze ku mutima cane. Ako gahimbare ni ko nyene nari maze igihe ndondera! Narakozwe ku mutima kandi n’ibindi Vyabona vya Yehova bari baritanze gukorera ng’aho. Nta ho bari bahuriye n’abantu batavugisha ukuri kandi bironderera kuryoherwa twahora ducuditse. Gatoyi inyuma y’aho, naratuye Yehova isengesho rivuye ku mutima ndamusezeranira kumukorera ubuzima bwanje bwose. Mfise imyaka 19, narerekanye ko niyeguriye Yehova mu kubatizwa.
IVYIZA NAHAKUYE: Ubu, ubuzima bwanje burafise intumbero koko. Ndahimbarwa no kwigisha abandi Bibiliya, nkabafasha kumenya ivyerekeye Yehova n’ivyo adusezeranira ku bijanye na kazoza. Umuryango wanje na wo nyene warahungukiye, kuko batagihagarika umutima ku binyerekeye.
Ndazi amakosa nakoze muri kahise, ariko ndagerageza kutayagumizako umutima. Ahubwo riho, nguma nibanda ku mbabazi za Yehova no ku kuntu anyitwararikana urukundo. Emwe, mu Migani 10:22 havuga ukuri nk’ukurima. Hagira hati: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 12]
“Twariryohera tukaryimara, tukaryamana n’abahungu benshi, tukihereza ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze”
[Iciyumviro nyamukuru ifoto ku rup. 13]
“Ndazi amakosa nakoze muri kahise, ariko ndagerageza kutayagumizako umutima”