Abasomyi bacu barabaza . . .
Inzoya zoba zikwiye kubatizwa?
▪ Uwitwa Victoria yigana ati: “Naratinya yuko musazanje mutoyi John yogiye mw’Irimbi.” Ni kubera iki yari afise ubwo bwoba? Asigura ati: “John yapfuye atarabatizwa, kandi umupatiri umwe w’umugatolika yavuze yuko ivyo vyotumye aguma mw’Irimbi ibihe bidahera.” Mu vy’ukuri ico ciyumviro kirateye ubwoba, ariko none coba gishingiye ku Vyanditswe? Bibiliya yoba yigisha yuko abana bapfa batarabatizwa bategerezwa kuguma mw’ipurugatori?
Bibiliya irigisha yuko abakirisu bakwiye kubatizwa. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.” (Matayo 28:19, 20) Urabona yuko ababatizwa bategerezwa kuba ari abigishwa ba Yezu. Ivyo bisigura yuko baba ari abantu bize ivyerekeye Yezu maze bagahitamwo kumukurikira, bikaba vyumvikana ko uruyoya rudashobora kugira iryo hitamwo.
Naho ari ukwo, abantu benshi bavuga bashimitse yuko iryo tegeko rya Yezu ryerekeye n’abana batoyi. Umupasitori umwe wo mw’idini ry’abaluteri yitwa Richard P. Bucher yemeza ati: “Umuntu wese ategerezwa kubatizwa, harimwo n’inzoya.” Yongerako ati: “Umuntu yanse ko zibatizwa yoba yanse ko zigirirwa ikigongwe akaba kandi atumye zishobora kuzohanwa ibihe vyose.” Ariko rero, mu vy’ukuri ayo majambo arateye kubiri n’inyigisho za Yezu n’imiburiburi mu buryo butatu.
Ubwa mbere, Yezu ntiyigishije yuko inzoya zikwiye kubatizwa. Ni kubera iki ico kintu gihambaye? Rimbura iki kintu: Yezu abigiranye ubwira yarigishije abigishwa biwe ivyo Imana isaba. Rimwe na rimwe yarasubiramwo inyigisho nyamukuru. Kubera iki? Kugira ngo yiyemeze yuko abigishwa biwe bazitahuye. (Matayo 24:42; 25:13; Mariko 9:34-37; 10:35-45) Ariko rero, nta na rimwe yigishije yuko inzoya zikwiye kubatizwa. Yezu yoba none yaribagiye kuvuga ico kintu? Ivyo ntibishoboka! Iyo inzoya ziba zibwirizwa kubatizwa nta gukeka ko yari kubivuga.
Ubwa kabiri, Yezu ntiyigeze yigisha yuko umuntu ababara inyuma y’urupfu. Yaremera Ivyanditswe, bino bikaba bitomora biti: “Abazima bazi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba.” (Umusiguzi 9:5) Yezu yari azi yuko abapfuye batababarira mw’ipurugatori, mw’irimbi, mu muriro udahera, canke ahandi hantu na hamwe. Ahubwo yigishije yuko ata co bazi, ko bameze nk’abasinziriye.—Yohani 11:1-14.
Ubwa gatatu, Yezu yigishije yuko “abari mu mva bose” bazosubira kuba bazima. (Yohani 5:28, 29) Nta gukeka yuko muri abo hazoba harimwo abantu amamiliyoni batigeze babatizwa. Nibazuka, bazoronka akaryo ko kwiga ivyo Imana isaba maze babeho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.a—Zaburi 37:29.
Biratomoye rero yuko Bibiliya itigisha ko inzoya zikwiye kubatizwa.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’Iparadizo yo kw’isi be n’icizigiro c’izuka, raba ikigabane ca 3 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.