Abakirisu b’ukuri barubaha Ijambo ry’Imana
“Ijambo ryawe ni ukuri.”—YOH. 17:17.
1. Ufatiye ku vyo wiboneye, nuvuge ikintu gihambaye kimwe Ivyabona vya Yehova batandukaniyeko n’ayandi madini.
GERAGEZA kwibuka ibijanye n’igihe wagiranira n’Icabona ca Yehova ari bwo bwa mbere ikiyago kiri n’ico kivuze. Ni igiki wibuka ku bijanye n’ico kiyago? Benshi bokwishura bati: ‘Narakozwe ku mutima no kuba ico Cabona yarakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose namubajije.’ Ese ukuntu twahimbawe no kumenya umugambi Imana ifitiye isi, ingene bigenda iyo umuntu apfuye be n’ukuntu ivy’abacu bapfuye bizogenda muri kazoza!
2. Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye uha agaciro Bibiliya?
2 Ariko rero, uko twagenda turiga, twaratahuye ko Bibiliya itishura gusa ibibazo twibaza ku bijanye n’ubuzima, urupfu na kazoza. Twaratahuye kandi yuko Bibiliya ari co gitabu ngirakamaro kuruta ibindi vyose kw’isi. Impanuro ziri muri yo ntizigera zita igihe, kandi abazikurikiza neza bararoranirwa mu buzima, bakagira n’agahimbare. (Soma Zaburi 1:1-3.) Abakirisu b’ukuri bamye bemera Bibiliya, “atari nk’ijambo ry’abantu, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.” (1 Tes. 2:13) Kwihweza muri make ivyabaye muri kahise biraza gushira ahabona itandukaniro riri hagati y’abubaha koko Ijambo ry’Imana n’abataryubaha.
IKIBAZO KITOROSHE GITORERWA UMUTI
3. Ni ikibazo ikihe cari kibangamiye ubumwe bw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere, kandi kubera iki iyo ngorane itari yoroshe gutorera umuti?
3 Mu myaka 13 yakurikiye ukurobanurwa kwa Koruneliyo, wa munyamahanga wa mbere atari yaragenyerewe, haravyutse ikibazo cari kibangamiye ubumwe bw’ishengero rya gikirisu. Abanyamahanga benshi bariko baracika abakirisu. Ikibazo cari kihari cari iki: Abagabo boba bari bakwiye kugenyerwa hisunzwe imigenzo y’Abayuda imbere y’uko babatizwa? Ico cari ikibazo kitorohera Umuyuda kwishura. Abayuda bakurikiza Itegeko ntibashobora no kwinjira mu rugo rw’Umunyamahanga, tutiriwe turavuga ivyo kwifatanya na we mu buryo burangwa igishika. Abakirisu b’Abayuda bari basanzwe bariko barahamwa bimwe bikaze bahorwa ko bahevye idini bahozemwo. Iyo bashika n’aho baha ikaze Abanyamahanga muri bo, nta kindi vyari kuvamwo atari ukwongereza ukutumvikana kwari hagati y’Abayuda n’abakirisu no gutuma bano barushiriza kwankwa.—Gal. 2:11-14.
4. Ni bande bakoraniye hamwe kugira ngo batorere umuti ca kibazo cerekeye ukugenyerwa, kandi ku bijanye n’ivyo, ni ibibazo ibihe abari kuba bari ng’aho bari gushobora kwibaza?
4 Mu 49 G.C., intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu, ubwabo bakaba bari Abayuda bagenyerewe, “[barakoraniye] hamwe ngo barabe ivy’ico kibazo.” (Ivyak. 15:6) Iryo koraniro bagize ntikwari uguharira ivy’idini kurambira kwerekeye ibintu bidahambaye, ahubwo cari ikiyago gishwangamura gishingiye ku nyigisho za Bibiliya. Abatavuga rumwe kuri ico kibazo barashikirije ivyiyumviro bikomeye. Ivyo umuntu yikundira canke ivyo kwinubana vyoba ari vyo bari kwisunga mu gufata ingingo? Abo bagabo b’inararibonye baja imbere abandi boba bari kurindira gufata ingingo gushika ivy’abakirisu birushirije kumera neza muri Isirayeli? Canke boba bari guhava bemera iciyumviro badashigikiye vy’ukuri kugira gusa bashobore kugira ico bapfunditse?
5. Ni mu buryo buhambaye ubuhe rya koraniro ryabera i Yeruzalemu mu 49 G.C. ryari ritandukanye n’amanama yagizwe n’abakuru b’amadini mu myaka amajana yakurikiye?
5 Mu manama agirwa n’abakuru b’amadini muri iki gihe usanga abo bakuru bemera ivyiyumviro bataba vy’ukuri bashigikiye kugira gusa hashobore kuboneka iciyumviro bapfunditse. Abakuru bamwebamwe usanga bagerageza gutuma abandi bashigikira ivyiyumviro vyabo. Ariko rero, muri rya koraniro ryabera i Yeruzalemu, nta kintu nk’ico cahabaye. Naho ari ukwo, harafashwe ingingo ishigikiwe na bose. Ivyo vyashobotse gute? Naho umwe wese mu bari ng’aho yabona ko iciyumviro ciwe gikomeye, bose barubaha Ijambo ry’Imana, kandi ivyo vyanditswe vyeranda ni vyo bisunze mu gutorera umuti ico kibazo.—Soma Zaburi 119:97-101.
6, 7. Ivyanditswe vyakoreshejwe gute mu gutorera umuti ca kibazo kijanye no kugenyerwa?
6 Icanditswe cafashije gutorera umuti ico kibazo ni Amosi 9:11, 12. Nk’uko casubiwemwo mu Vyakozwe 15:16, 17, kigira giti: “Nzogaruka nongere kwubaka urusago rwa Dawidi rwatemvye; kandi nzokwongera kwubaka ibihomvagurike vyarwo nongere kuruhagarika, kugira ngo abasigaye bo mu bantu baronderane ubwira Yehova, bari kumwe n’abo mu mahanga yose, igisata citirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuga”
7 Hari uwoharira avuga ati: ‘Mugabo ico canditswe ntikivuga yuko vyari ngombwa yuko abemera b’Abanyamahanga bagenyerwa.’ Ivyo ni vyo; ariko rero abakirisu b’Abayuda bari kubitahura gutyo. Uti kubera iki? Kubera ko babona ko Abanyamahanga bagenyerewe ari abavukanyi, atari ‘abo mu mahanga.’ (Kuv. 12:48, 49) Nk’akarorero, twisunze impinduro yitwa Septante ya Bagster, muri Esiteri 8:17 hagira hati: “Benshi mu Banyamahanga bariko baragenyerwa, bagacika Abayuda.” Ku bw’ivyo, igihe Ivyanditswe vyavuga ko abasigaye bo mu nzu ya Isirayeli (ni ukuvuga Abayuda be n’abagenyerewe binjiye idini ry’Abayuda) bari kumwe n’ “abo mu mahanga yose” (ni ukuvuga Abanyamahanga batagenyerewe) bobaye igisata kimwe citirirwa izina ry’Imana, ubwo butumwa bwari butomoye. Abanyamahanga bipfuza kuba abakirisu, ntivyari ngombwa yuko bagenyerwa.
8. Ni kubera iki abakirisu b’Abayuda bari bakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo bafate irya ngingo bafashe?
8 Ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo vyarayoboye abo bakirisu b’umutima nziraburyarya ‘barahuriza hamwe.’ (Ivyak. 15:25) Naho iyo ngingo yari gushobora gutuma abakirisu b’Abayuda barushiriza guhamwa, abantu b’abizigirwa barashigikiye bivuye inyuma iyo ngingo yari ishingiye kuri Bibiliya.—Ivyak. 16:4, 5.
ITANDUKANIRO RYIBONEKEJE
9. Ni ikintu kimwe gihambaye ikihe catumye ugusenga kw’ukuri kwononekara, kandi ni inyigisho ihambaye iyihe yagoretswe?
9 Intumwa Paulo yari yaravuze yuko inyuma y’urupfu rw’intumwa, ukwizera kw’abakirisu kwokwandujwe n’inyigisho z’ikinyoma. (Soma 2 Abatesalonika 2:3, 7.) Mu batokwihanganiye “inyigisho ngirakamaro” hobaye harimwo bamwebamwe mu bafise amabanga. (2 Tim. 4:3) Paulo yagabishije abakurambere bo mu gihe ciwe ati: “Muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ivyak. 20:30) Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) kiravuga ikintu nyamukuru catumye haba ivyiyumviro bigoramanze giti: “Abakirisu bari barize filozofiya y’Abagiriki baratanguye kubona ko bakeneye gukoresha iyo filozofiya mu gusigura ukwizera kwabo, kugira ngo biyumvemwo ko bashize akanyota ku bijanye n’ubwenge bwabo no kugira ngo binjize mw’idini ryabo abapagani bize.” Inyigisho ihambaye bagoramitse biciye ku vyiyumviro vyabo vya gipagani, ni iyijanye no kumenya Yezu Kristu uwo ari we. Bibiliya imwita Umwana w’Imana, mugabo abakunda filozofiya y’Abagiriki bemeje ko ari Imana.
10. Ikibazo kijanye no kumenya Kristu uwo ari we cari gushobora gutorerwa umuti gute?
10 Ico kibazo caraciwe irya n’ino mu manama atari make yagizwe n’abakuru b’amadini. Ico kibazo cari gutorerwa umuti bitagoranye na gato iyo abari muri ayo manama baha agaciro Ivyanditswe, mugabo benshi muri bo nta vyo bagize. Nkako, abenshi bari baramaze gufata ingingo n’imbere y’uko bashika muri ayo manama, kandi nta kintu na kimwe cashoboye kubakura ku vyiyumviro vyabo. Mu ngingo bafashe muri ayo manama, ntibigeze mbere berekeza ku Vyanditswe.
11. Ingingo abitwa ngo ni Abakuru ba Ekleziya bafashe bayishingiye ku ki, kandi kubera iki?
11 Ni kubera iki none batihweje Ivyanditswe mu buryo bunogangije? Incabwenge imwe yitwa Charles Freeman yishura yuko abemera ko Yezu ari Imana “vyabagoye kubeshuza amajambo menshi Yezu yavuze yerekana ko Imana Data imuruta.” Ivyo vyatumye imigenzo y’amadini be n’ivyiyumviro vy’abantu bahambaye bisubirira Injili. Gushika uyu musi, benshi mu bakuru b’amadini barafata amajambo atahumetswe y’abitwa ngo ni Abakuru ba Ekeleziya bakayarutisha Ijambo ry’Imana! Nimba warigeze kuyaga ibijanye n’inyigisho y’Ubutatu n’uwize seminari, birashoboka yuko wabonye ico kintu.
12. Umwami w’abami yagize akosho kabi akahe?
12 Abami b’abami b’Abaroma baragize akosho gakomeye muri ayo manama. Ku vyerekeye ico kintu, Porofeseri Richard E. Rubenstein yanditse ku bijanye n’Inama y’i Nicée ati: “Konsitantino yari yaratonesheje yongera aratungisha [abasenyeri] kuruta uko bavyiyumvira. Ata n’umwaka urahera, uwo mwami w’abami mushasha yari amaze kubasubiza insengero zabo nka zose canke kuzubaka, arabasubiza mu buzi yongera aratuma basubirana ivyubahiro bari baratswe . . . Yari yarateye abakuru b’idini uduteka twahora duterwa abaherezi b’abapagani.” Ivyo vyatumye Konsitantino ashobora kugira akosho gakomeye ku ngingo zafashwe muri ya Nama y’i Nicée, akaba kumbure yaranashoboye kuzihindura. Charles Freeman yemeje ati: “Ico gihe hari hashizweho icitegererezo c’uko umwami w’abami yoshobora kugira ico akoze atari kugira gusa akomeze Ekleziya ariko kugira ngo agire ico ahinduye ku nyigisho.”—Soma Yakobo 4:4.
13. Wibaza ko ari ibiki vyatumye indongozi z’amadini zo mu binjana vyakurikiye zirengagiza inyigisho zitomoye zo muri Bibiliya?
13 Magingo abakuru b’amadini vyabagora kumenya neza na neza Yezu Kristu uwo ari we, benshi mu bantu babayabaye ntibari bafise iyo ngorane. Kubera yuko batari barajwe ishinga no kwuzuza udusaho twabo inzahabu y’umwami w’abami canke kuduzwa igiti mw’idini, barashoboye kubona ibintu nk’uko biri koko, babifashijwemwo n’Ivyanditswe. Umunyatewolojiya yabayeho muri ico gihe nyene yitwa Gregory w’i Nysse, yavuze atyekeza abo bantu babayabaye, ati: “Abadandaza b’impuzu, abavunja amahera be n’abadandaza mu mabutike bose bigira abanyatewolojiya. Iyo ubajije ibijanye n’agaciro k’amahera ufise, umufilozofe munaka aca asigura itandukaniro riri hagati y’Umwana na Data. Ubajije igiciro c’umukate, uca wishurwa yuko Data aruta Umwana. Ubajije nimba mu bwogero hariyo amazi yo kwoga, bakwishura yuko Umwana yaremwe mu busa.” Egome, mu buryo butandukanye n’abo bakuru b’idini, abantu babayabaye benshi bariko barashigikira ivyiyumviro vyabo bakoresheje Ijambo ry’Imana. Gregory hamwe n’abari bifatanije na we bari kuba bagize neza iyo babumviriza!
“INGANO” N’“ICATSI KIBI” BIKURANA
14. Ni kubera iki twovuga ko kuva mu kinjana ca mbere kubandanya, kw’isi hategerezwa kuba hamye hariho abakirisu b’ukuri barobanuwe?
14 Mu mugani umwe Yezu yaciye, yarerekanye yuko kuva mu kinjana ca mbere kubandanya, kw’isi hokwamye hariho abakirisu b’ukuri barobanuwe. Yabagereranije n’“ingano” zakuranye n’“icatsi kibi.” (Mat. 13:30) Ego ni ko, ntituzi neza abantu canke imigwi y’abantu yari mu bagize umugwi w’ingano ari bo barobanuwe, mugabo turashobora kwemeza yuko hamye hariho abantu baburanira Ijambo ry’Imana babigiranye umutima rugabo, bagashira ku kabarore inyigisho za Ekleziya zidashingiye ku Vyanditswe. Reka turimbure uturorero dukeyi.
15, 16. Vuga abantu bamwebamwe berekanye ko bubaha Ijambo ry’Imana.
15 Musenyeri mukuru Agobard w’i Lyons mu Bufaransa (779-840 G.C.), yariyamirije ivyo gusenga ibishushanyo, kwitirira insengero aberanda be n’amaliturujiya hamwe n’imigenzo bidashingiye ku Vyanditswe bigirwa na Ekleziya. Umwe mu bantu babayeho mu gihe ciwe ari we Musenyeri Claudius, na we nyene yariyamirije imigenzo ya Ekleziya yongera ararwanya ivyo gusenga aberanda be n’ivyo guha icubahiro kidasanzwe ibisigarira vyabo. Mu kinjana ca 11, uwitwa Berengarius w’i Tours mu Bufaransa, uno akaba yari icegera ca Musenyeri, yaraciwe muri Ekleziya Gatolika kubera ko yiyamirije ya nyigisho ivuga yuko umukate n’umuvinyu bikoreshwa mu gihe c’imisa bihinduka umubiri n’amaraso vya Kristu (transsubstantiation). Vyongeye, yarigisha yuko Bibiliya ari yo abantu bakwiye kwisunga aho kwisunga imigenzo ya Ekleziya.
16 Mu kinjana ca 12 harabonetse abantu babiri bakunda ukuri kwo muri Bibiliya, ari bo Peter w’i Bruys na Henry w’i Lausanne. Peter yaratanze imihoho mu bupatiri kubera ko yabona yuko inyigisho za Gatolika zijanye no kubatiza inzoya, kwemera ko umukate n’umuvinyu bikoreshwa mu gihe c’imisa bihinduka umubiri n’amaraso vya Kristu, gusabira abapfuye no gusenga umusaraba zidahuye n’Ivyanditswe. Mu 1140, Peter yarishwe azira ivyo yemera. Henry, akaba yari umumonaki, yariyamirije imigenzo yononekaye igirwa muri Ekleziya be n’ibintu bidashingiye ku Vyanditswe vyerekeye liturujiya. Yafashwe mu 1148 maze imyaka yari asigaje kubaho yose ayimara mw’ibohero.
17. Ni ibintu bihambaye ibihe Waldo n’abayoboke biwe bakoze?
17 Nko mu kiringo Peter w’i Bruys yatuririwemwo ari muzima ahorwa ko yubahutse kunebagura Ekleziya, haravutse umuntu yohavuye agira akosho gakomeye mu bijanye no gukwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya. Yitwa Valdès, canke Waldo.a We yari atandukanye na Peter w’i Bruys hamwe na Henry w’i Lausanne, kubera ko atari yarize ibijanye na Ekleziya, mugabo yaraha agaciro cane Ijambo ry’Imana ku buryo yemeye guheba ivyo yari atunze maze aratunganya ivy’uko ibice bimwebimwe vya Bibiliya bihindurwa mu rurimi rwavugwa cane mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa. Hari abaryohewe cane no kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi kavukire ku buryo na bo nyene bahevye ivyo bari batunze maze barihebera ivyo kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ico kintu carababaje cane Ekleziya. Mu 1184 abo bagabo n’abagore b’abanyamwete, abahavuye bitwa Abavodwa, baraciwe na papa bongera barirukanwa mu ngo zabo na musenyeri. Ico kintu carafashije vy’ukuri gukwiragiza ubutumwa bwo muri Bibiliya mu tundi turere. Amaherezo, abayoboke ba Waldo, aba Peter w’i Bruys n’aba Henry w’i Lausanne be n’abandi bari bariyonkoye kuri Ekleziya barashobora kuboneka mu turere twinshi two mu Buraya. Mu binjana vyakurikiye, harabonetse abandi bantu barwanira ukuri kwo muri Bibiliya, ari bo John Wycliffe (uwabayeho nko mu 1330-1384), William Tyndale (uwabayeho nko mu 1494-1536), Henry Grew (uwabayeho mu 1781-1862), na George Storrs (yabayeho mu 1796-1879).
“IJAMBO RY’IMANA NTIRIBOSHWE”
18. Sigura uburyo bwo kwiga Bibiliya bwakoreshejwe n’abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya bo mu kinjana ca 19 be n’igituma ubwo buryo bwari ngirakamaro.
18 Naho abansi b’ukuri kwo muri Bibiliya ata ko batagize ngo bakubuze gukwiragira, vyarabataye ku w’amazi. Muri 2 Timoteyo 2:9 hagira hati: “Ijambo ry’Imana ntiriboshwe.” Mu 1870, umugwi umwe w’abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya waratanguye kurondera ukuri. None bakoresha ubuhe buryo mu kwiga? Umuntu yaravyura ikibazo, bagaca bakiganirako. Bararondera ivyanditswe vyose bijanye n’ico kibazo maze babonye neza yuko ivyo vyanditswe bihuza, bagaca bavuga iciyumviro bashitseko hanyuma bakacandika. None ntibigusubiriza umutima mu nda kumenya yuko, nka kumwe kw’intumwa n’abagabo b’inararibonye bo mu kinjana ca mbere, abo bagabo b’abizigirwa, abo twokwita ba sokuruza bacu mu vy’impwemu bo mu mpera z’imyaka ya 1800, bari biyemeje guhuza neza ivyo bemera n’Ijambo ry’Imana?
19. Icanditswe c’umwana wa 2012 ni ikihe, kandi ni kubera iki kibereye?
19 Bibiliya iracari ryo nshingiro ry’ivyo twemera. Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ifise ico kintu ku muzirikanyi, yahisemwo ko amajambo Yezu yavuze abigiranye ubujijutsi, aba ari yo aba icanditswe cacu c’umwaka wa 2012, ayo na yo akaba avuga ngo: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yoh. 17:17) Kubera ko umuntu wese yipfuza gushimwa n’Imana ategerezwa kugendera mu kuri, ese twese twobandanya kwihatira kuyoborwa n’Ijambo ry’Imana!
[Akajambo k’epfo]
a Valdès rimwe na rimwe bamwita Pierre Valdès canke Peter Waldo, mugabo nta n’umwe azi neza izina ryiwe ry’iritazirano.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
Icanditswe cacu c’umwaka wa 2012 kivuga ngo: “Ijambo ryawe ni ukuri.”—Yohani 17:17
[Ifoto ku rup. 7]
Waldo
[Ifoto ku rup. 7]
Wycliffe
[Ifoto ku rup. 7]
Tyndale
[Ifoto ku rup. 7]
Grew
[Ifoto ku rup. 7]
Storrs