Ivyo mu bushinguro bwacu
Twipfuza kuzigama ibintu vy’agaciro bijanye na kahise k’ishirahamwe ryacu
ABASAVYI ba Yehova barafise intoranwa yo mu buryo bw’impwemu igizwe n’ibintu vyinshi cane. Amakuru ashimishije yerekeye iyo ntoranwa umuntu arashobora kuyakura mu bisohokayandikiro no mu mafoto, mu makete, mu nkuru z’ivyashikiye abantu no mu bintu vy’utugenegene bijanye n’ugusenga kwacu, igikorwa cacu co kwamamaza be na kahise k’ishirahamwe ryacu. None bitumarira iki kuzigama bene ayo makuru no gutohoza ibijanye na kahise k’ishirahamwe ryacu? Urabona, ba serugo bo muri Isirayeli ya kera babwirizwa kumenyesha abana babo amategeko ya Yehova n’ibikorwa vyiza igitangaza yakoze kugira ngo “bashire umwizero wabo mu Mana ubwayo.”—Zab. 78:1-7.
Kugira ubushakashatsi mu bintu vya kera vyazigamwe vyamye bigira uruhara mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Nk’akarorero, igihe abarwanya abasavyi b’Imana bagerageza kubuza igikorwa co ku rusengero rw’i Yeruzalemu, itohozwa ryemewe n’amategeko ryagizwe mu nyandiko z’ivyabaye zari mu bushinguro bwo ku murwa mukuru w’Ubumedi ari wo Ekibatana, ryatumye huburwa icete canditswe n’Umwami Kuro catanga uburenganzira bwo kwubaka urwo rusengero. (Ezr. 6:1-4, 12) Gutyo, urwo rusengero rwarasubiye kwubakwa nk’uko Yehova yabigomba. Amakuru yo mu nyandiko za kera zazigamwe yarakoreshejwe kandi n’umwanditsi w’Injili Luka, “[uw]akurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango.”—Luka 1:1-4.
Inama Nyobozi iritwararika cane ibijanye na kahise k’ishirahamwe ryacu. Umuvukanyi umwe wo mu Nama Nyobozi, mu kwerekana ko bikenewe yuko tuzigama intoranwa yacu yo mu buryo bw’impwemu, tukandika ibijanye na yo tukongera tukayiraga abandi, yavuze ati: “Kahise gategura kazoza.” Ni co gituma ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York haheruka gushingwa urwego rwitwa Ubushinguro bw’ivya kera, ruhagarikiwe na Komite ijejwe ivyo kwandika.
IVYO TWOKWITA IGITABU C’AMAFOTO Y’UMURYANGO N’IBISIGI VY’UMURYANGO
Uko haca igihe, tugenda turibagira ivyabaye kera, kandi birashoboka yuko benshi muri twebwe bicuza kuba batabitse amakuru y’ido n’ido yerekeye umuryango wabo. Muri rwa rwego rwitwa Ubushinguro bw’ivya kera, bariko barakorana ubwira kugira bandike bongere bazigame amakuru yerekeye intoranwa yacu igizwe n’ibintu vyinshi kandi birushiriza kwongerekana. Amafoto yabitswe mu buryo bwitondewe muri ubwo Bushinguro yoshobora kubonwa ko ari mu bigize ico twokwita igitabu c’amafoto y’umuryango. Ibisohokayandikiro vyacu vyo mu ntango, inkuru z’ibintu biteye akamwemwe ziganwa n’abo vyashikiye be n’amakuru ahambaye ajanye n’ishirahamwe, na vyo nyene biri mu bintu vy’agaciro vyashinguwe muri ubwo Bushinguro. Ivyo bintu twogereranya n’ibisigi biratuma turushiriza gutahura ivyerekeye intoranwa yacu ya gitewokarasi bikongera bikadufasha kwitegana icizigiro kazoza k’umuryango wacu wo mu buryo bw’impwemu.
Turagutumiye ngo utereze amaso muri ubwo Bushinguro bw’ivya kera biciye ku kiganiro gishasha gifise umutwe uvuga ngo “Ivyo mu bushinguro bwacu.” Kizoza kirasohoka incuro zine mu mwaka mu nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Nk’akarorero, mu nomero ikurikira dutegekanya gusohora inkuru iherekejwe n’amashusho igenewe kwishura ibi bibazo: Ivalisi yiritiwe igitabu Aurole yari imeze gute? Yakoreshwa na bande? Yakoreshejwe ryari, kandi ku bw’intumbero iyihe?
Cokimwe n’igitabu c’amafoto cibutsa umuntu ivyerekeye umuryango wiwe, ivyatororokanirijwe muri bwa Bushinguro biratubwira vyinshi ku bitwerekeye no ku vyerekeye abatuboneye izuba mu vy’impwemu, ni ukuvuga ibijanye n’ukwizera hamwe n’umutima rugabo bagaragaje, ivyerekeye umunezero n’ingorane biva ku gukorera Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru be n’ibijanye n’ukuntu Imana iyobora abasavyi bayo ikongera ikabashigikira idatezura. (Gus. 33:27) Turizigiye ko Yehova azohezagira utwigoro tubandanya kugira two kuzigama kahise k’ishirahamwe ryacu kugira ngo turushirize kwunga ubumwe no gukomezwa kugira dukore ivyo agomba.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 31]
Ibintu birimburwa mu buryo bwitondewe
Mu gihe haba hariko harategurwa ibisohokayandikiro vya gikirisu, utudisiki twitwa DVD hamwe n’ibindi bintu bishingiye kuri Bibiliya, abanditsi bacu, abashushanya, abagira ubushakashatsi hamwe n’abandi, barakoresha ibintu vya kera vyazigamwe. Ku bw’ivyo, rwa rwego rujejwe Ubushinguro bw’ivya kera ruritwararika cane ivyo gutororokanya no kuzigama ibintu vyinshi cane bitandukanye bijanye na kahise, rubikuye ku biro vy’amashami, ku nzego za Beteli, mu mashengero, ku bantu batandukanye no mu nzego zo mw’isi. Raba muri make ingene ico gikorwa kigenda:
Kuronka ibintu no kubisuzuma: Ibintu bidasanzwe biguma vyongerwa ku vyatororokanirijwe muri bwa Bushinguro. Vyinshi muri vyo tubihabwa canke tukabitizwa n’abantu bafise imiryango imaze imyaka mirongo isukurira Yehova idahemuka. Gusuzuma no kugereranya amakuru ajanye n’ivyo bintu biradufasha kurushiriza gutahura kahise k’ishirahamwe ryacu hamwe n’ak’abantu babayeho ico gihe.
Gushira ibintu ku rutonde: Ivyatororokanirijwe muri bwa Bushinguro usanga bigizwe n’ibintu ibihumbi n’ibihumbi, bimwebimwe muri vyo bikaba bimaze imyaka irenga ijana. Kubera ko biba biri ubwoko bwinshi, bitegerezwa gushirwa ku rutonde kugira ngo umuntu azoshobore kubitora igihe azoba ariko aragira ubushakashatsi.
Gusanasana ibintu no kubizigama: Ibitabu be n’ibintu vy’utugenegene bitagikomeye birasanasanwa maze bikazigamwa hakoreshejwe ubuhinga budasanzwe. Inzandiko, amafoto, ivyakaswe ku binyamakuru vyo mw’isi, amasinema be n’ivyafashwe amajwi biratunganywa ku buryo bishirwa muri orodinateri. Gutyo, umuntu arashobora kubishikira akoresheje orodinateri kugira ngo yirinde gukora ku makopi y’intango canke ku bindi bintu bihambaye cane bijanye na kahise.
Kubika ibintu no gusubira kubitora: Ibintu biba vyatororokanijwe birabikwa ku rutonde kandi ahantu hatagira inkomanzi kugira ngo ntibitakare canke ngo vyononwe n’umuco kibure n’ubukanye. Hariko haratunganywa uburyo bwo kubika ibintu muri orodinateri bufasha umuntu kugira ubushakashatsi no gusubira kuronka ayo makuru ahambaye yerekeye kahise k’ishirahamwe ryacu.
[Amafoto ku rup. 32]
1. Igicapo cerekana rwa “Rukurikirane rw’amafoto yerekana ivy’irema.” 2. Urutonde rw’abagirishije abonema. 3. Umuduga uriko ivyuma biduza amajwi. 4. Igipfukisho c’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 1912. 5. Urukaratasi rw’ibohero ruriko amakuru yerekeye J. F. Rutherford. 6. Mikoro y’iradiyo WBBR. 7. Icuma kirekura amajwi citwa ifono. 8. Ivalisi y’ibitabu. 9. Utwo umuntu yiyandikiye. 10. Telegarama yarungikiwe J. F. Rutherford.