ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/10 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/10 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Hoba hariho icizigiro ku bapfuye?

Urupfu rumeze nk’itiro kubera ko abapfuye ata co baba bazi kandi ata kintu bashobora gukora. Ariko rero, Umuremyi arashobora kuzura abapfuye bagasubira kuba bazima. N’ikimenyamenya, Imana yarahaye Yezu ububasha bwo kuzura abantu batari bake bari bapfuye.​—Soma Umusiguzi 9:5; Yohani 11:11, 43, 44.

Ni mu buryo ki urupfu rumeze nk’itiro?

Imana yarasezeranye ko abapfuye yibuka bazozuka bakaba mw’isi nshasha y’ubugororotsi. Abazozuka bategerezwa kuba bararindiririye mu rupfu, gushika Imana isubiye kubagira bazima. Imana Mushoboravyose irashashaye gukoresha ububasha bwayo kugira ngo abapfuye isubire kubagira bazima.​—Soma Yobu 14:14, 15.

Izuka rizoba rimeze gute?

Imana niyazura abantu, bazokwimenya, bamenye n’abagenzi babo n’imiryango yabo. Naho umubiri w’umuntu usanguka iyo apfuye, Imana irashobora kuzura uwo muntu nyene yamuhaye umubiri mushasha.​—Soma 1 Abakorinto 15:35, 38.

Biboneka ko abantu bakeya ari bo bazukira kuba mw’ijuru. (Ivyahishuwe 20:6) Abenshi mu bazozurwa, bazoba kw’isi izoba yahinduwe Iparadizo. Bazoba baronse intango nziza, kandi bazoba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—Soma Zaburi 37:29; Ivyakozwe 24:15.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 6 n’ica 7 vy’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika