ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/8 rup. 6
  • Imana iraguhoza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana iraguhoza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ingene imana itanga uruhoza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Impumurizo Nyakuri Ishobora Kuva Hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Duhoze abagandaye bose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/8 rup. 6

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA YOBA IKWITWARARIKA?

Imana Irashobora Kuguhoza

“Imana, imwe ihoza abakubititse, yaraduhojeje.”​—2 ABAKORINTO 7:6.

Umugore ariko arasoma Bibiliya

“Umwana w’Imana ya[ra]nkunze a[r]anyigura.”​—ABAGALATIYA 2:20

IGITUMA BAMWEBAMWE BAKEKERANYA: Abantu bamwebamwe, n’igihe baba bakeneye cane guhozwa, usanga biyumvira ko kwoba ari ukwikunda basavye Imana ngo ihaseruke ibafashe gutorera umuti ingorane zabo. Umugore umwe yitwa Raquel avuga ati: “Ndavye igitigiri kinini c’abantu bari kw’isi n’ingorane zikomeye bafise, nca mbona ko ibingoye ata co bivuze, bigatuma ngonanwa gusaba Imana ngo imfashe.”

ICO IJAMBO RY’IMANA RYIGISHA: Imana iramaze gukora ikintu gihambaye kugira ngo ifashe abantu yongere ibahoze. Umuntu wese ari kw’isi yararazwe igicumuro, kino kikaba gituma tutigera dushitsa neza ivyo Imana idusaba. Naho ari ukwo, Imana “ya[ra]dukunze [i]tuma Umwana wayo [Yezu Kristu] ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.” (1 Yohani 4:10) Biciye ku rupfu rwo kwitangako inkuka rwa Yezu, Imana yaratumye bishoboka ko duharirwa ibicumuro, tukagira ijwi ryo mu mutima ryiza n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’amahoro.a Ariko none, iyo nkuka yoba yatanzwe ku neza y’abantu muri rusangi gusa, canke yoba yerekana ko Imana ikwitwararika ku giti cawe?

Raba akarorero k’intumwa Paulo. Yarakozwe ku mutima n’inkuka Yezu yatanze, maze yandika ati: “[Mba]yeho ku bw’ukwizera kwerekeye Umwana w’Imana yankunze akanyigura.” (Abagalatiya 2:20) Ni ivy’ukuri ko Yezu yapfuye Paulo ataraba umukirisu. Yamara Paulo yabona ko iyo nkuka ari ingabirano Imana yamuhaye ku giti ciwe.

Urwo rupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka ni ingabirano Imana yaguhaye na wewe ku giti cawe. Iyo ngabirano irerekana ko ufise agaciro imbere y’Imana. Iyo ngabirano irashobora kukuronsa “uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza,” igatuma “[ushikama] mu gikorwa ciza cose n’ijambo ryiza ryose.”​—2 Abatesalonika 2:16, 17.

Ariko rero, haraciye imyaka yababa 2.000 Yezu atanze ubuzima bwiwe ngo bube inkuka. None ni ikimenyamenya ikihe cerekana yuko Imana irondera kukwiyegereza muri iki gihe?

a Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’inkuka Yezu yatanze, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika