ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/10 rup. 3
  • Ni kubera iki abantu basenga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni kubera iki abantu basenga?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/10 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | GUSENGA BIMAZE IKI?

Ni kubera iki abantu basenga?

“Nari umukinyi w’akamari akomeye. Narasenga nsaba ubutunzi. Sinigeze ndaburonka.”​—Samuela wo muri Kenya.

“Kw’ishure twapfa gusubiramwo ibisabisho twafashe ku mutwe.”​—Teresa wo muri Filipine.

“Ndasenga igihe mfise ingorane. Ndasenga nsaba imbabazi ku bicumuro vyanje nongera nsaba ko noba umukirisu mwiza.”​—Magdalene wo muri Gana.

1. Umugabo ariko arasenga agira akine akamari; 2. Akigeme kariko karasenga kw’ishure; 3. Umugore ariko arasenga

Ivyavuzwe na Samuel, Teresa na Magdalene vyerekana ko abantu basenga kubera impamvu nyinshi. Zimwezimwe usanga ari nziza. Amasengesho ya bamwebamwe aba avuye ku mutima, mu gihe abandi usanga ari ayo guheza umwuga. Ariko rero, icibonekeza n’uko abantu amamiliyoni bafise agatima ko gusenga. Hari abasenga kugira batore ikibazo kw’ishure, kugira umugwi bakunda mu vy’inkino utsinde, kugira basabe Imana ubuyobozi mu muryango wabo, no ku bw’izindi mpamvu zitandukanye. Amatohoza yerekana ko n’abantu batari mu madini basenga ubudahorereza.

Woba uhora usenga? Uhora usenga usaba iki? Waba ufise akamenyero ko gusenga canke utagafise, ushobora kwibaza uti: ‘Gusenga hari ico bimaze? Hoba hari uwumviriza amasengesho?’ Umwanditsi umwe yavuze ko gusenga ari uburyo bwo kwitururuza nka kurya wovugana n’igikoko utunze. Hari n’abaganga babona ibintu muri ubwo buryo, bakavuga ko isengesho ari nk’“umuti wo gupfupfahaza.” None twovuga ko abantu basenga baba bariko baraheza umwuga gusa canke ko babigira kugira gusa bihe amahoro?

Bibiliya yoyo ivuga ko gusenga atari gusa uburyo bwo kwitururuza. Iratubwira ko hariho uwumviriza amasengesho atuwe mu buryo bwiza kandi arimwo ibintu bibereye. Ivyo vyoba ari ivy’ukuri? Reka twihweze ibimenyamenya.

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika