Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 27 Kigarama 2010. Umucungezi w’Ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 1 Munyonyo gushika mu ndwi itangura ku wa 27 Kigarama 2010.
1. Ni ibiki dushobora kwigira ku majambo yo gushemeza y’Abalewi dusanga mu 1 Ngoma 16:34? [w02 1/2 rup. 9 ing. 6-7]
2. Twoshobora gute kwererwa mu gukorera Yehova n’umutima ukwiye? (1 Ngo. 28:9) [w01 1/11 rup. 21 ing. 20]
3. Umwami Dawidi yashaka ko umuhungu wiwe Salomo abona gute Imana? (1 Ngo. 28:9) [w08 15/10 rup. 7 ing. 18]
4. Ni kubera iki vyari bibereye ko hakoreshwa ibishushanyo vy’amapfizi mu kwubaka aho ca gikarabiro citwa ikiyaga cateretswe? (2 Ngo. 4:2-4) [w05 1/12 rup. 19 ing. 2; w98-RU 1/7 rup. 6 ing. 17 canke w98-F 15/6 rup. 16 ing. 17]
5. Ya sandugu y’isezerano yoba yarimwo gusa vya bisate vy’amabuye bibiri, canke yarimwo n’ibindi bintu? (2 Ngo. 5:10) [w06 15/1 rup. 31]
6. Amajambo dusanga mu 2 Ngoma 1:11, 12 atwigisha iki? [w05 1/12 rup. 19 ing. 5]
7. Imvugo ngo “isezerano ry’umunyu” dusanga mu 2 Ngoma 13:5 isobanura iki? [w05 1/12 rup. 20 ing. 2]
8. Ibivugwa mu 2 Ngoma 17:9, 10 vyoshobora gute guhuzwa muri rusangi n’ubusuku turangura? [w09 15/6 rup. 12 ing. 7]
9. Abasavyi b’Imana bo muri kino gihe bazokora iki bahuje n’ibivugwa mu 2 Ngoma 20:17? [w03 1/6 rup. 21-22 ing. 14-17]
10. Mu buryo buhushanye na Shetani, ni ibiki Yehova arondera kw’isi? (2 Ngo. 16:9) [w02 15/10 rup. 14 ing. 4, 5]