ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/10 rup. 3-7
  • ‘Amaso ya Yehova aca ibibatsi’ arasuzuma abantu bose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Amaso ya Yehova aca ibibatsi’ arasuzuma abantu bose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arabona mu mutima
  • Adusuzuma mu buryo buranga urukundo
  • Yehova arabona vyose kandi akagira ico akoze kuri vyo
  • Nta caha na kimwe gishobora kunyegezwa Yehova
  • Tugume turi intadohoka ibihe vyose
  • Tugumane umutima utunganye
  • Abavukana Batsimbataje Udutima Dutandukanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Yarishe mwenewabo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/10 rup. 3-7

‘Amaso ya Yehova aca ibibatsi’ arasuzuma abantu bose

“Amaso [ya Yehova] aca ibibatsi arasuzuma abana b’abantu.”​—ZAB. 11:4, NW.

1. Ni abantu bameze gute usanga badukwegera?

WIYUMVA gute ku bijanye n’abantu bakwitwararika vy’ukuri? Baraguterera iciyumviro ciza igihe ubibasavye. Igihe hari imfashanyo ukeneye, barayikuronsa babigiranye umutima mwiza. Igihe ukeneye impanuro, barayiguha babigiranye urukundo. (Zab. 141:5; Gal. 6:1) None, ntiwumva ukwegerewe n’abantu nk’abo? Yehova be n’Umwana wiwe bameze nk’ukwo nyene. Nkako, barakwitwararika kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kandi babitumwa n’imvo zitarimwo ubwikunzi namba; bipfuza kugufasha “[gucakira] ubuzima nyakuri.”​—1 Tim. 6:19; Ivyah. 3:19.

2. Yehova yitwararika abasavyi biwe ku rugero rungana iki?

2 Umwanditsi wa zaburi Dawidi yaraseruye ukuntu Yehova atwitwararika mu buryo bugera kure igihe yavuga ati: “Amaso [ya Yehova] aritegereza, amaso yiwe aca ibibatsi arasuzuma abana b’abantu.” (Zab. 11:4, NW) Vy’ukuri, Imana ntituraba gusa; iradusuzuma. Dawidi kandi yanditse ati: “[“Wasuzumye,” NW] umutima wanje, wangendeye mw ijoro; . . . ntiwambonamw’imigabo mibi.” (Zab. 17:3) Biragaragara ko Dawidi yatahura ukuntu Yehova amwitwararika mu buryo bugera kure. Yari azi yuko yotuntuje Yehova be n’uko atoba agikwiye gushimwa na we aramutse yiyinjijemwo ivyiyumviro bibi canke agatsimbataza umutima wuzuye imigabo mibi. Yehova yoba atari umugani kuri wewe nk’uko yari kuri Dawidi?

Yehova arabona mu mutima

3. Yehova agaragaza gute uburimbane ku bijanye n’udusembwa twacu?

3 Yehova yitwararika canecane umuntu w’imbere, ni ukuvuga ukuntu vy’ukuri tumeze mu mutima. (Zab. 19:14; 26:2) Abigiranye urukundo, ntiyibanda ku dukosa dutoduto. Nk’akarorero, igihe Sara umukenyezi wa Aburahamu, yananirwa kuvugisha ukuri ariko avugana n’umumarayika yari yiyambitse umubiri w’abantu, uwo mumarayika biboneka ko yabonye yuko Sara yari afise ubwoba n’ibimaramare, akaba ari yo mpamvu yaciye gusa amukosora n’umutima mwiza. (Ita. 18:12-15) Igihe vyashika sekuruza w’imiryango Yobu akavuga ko ari “umugororotsi kurusha Imana,” Yehova ntiyaciye areka kumuhezagira, kubera ko yatahuye yuko Yobu yari yaraseserejwe n’ibitero vya Shetani. (Yobu 32:2; 42:12) Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntiyababajwe n’amajambo adudurirako wa mupfakazi w’i Zarefati yabwiye umuhanuzi Eliya. Imana yaratahuye yuko uwo mupfakazi yari yishwe n’intuntu kubera ukubura umwana wiwe w’ikinege.​—1 Abm. 17:8-24.

4, 5. Yehova yerekanye gute ubuntu bwiwe mu vyo yagiriye Abimeleki?

4 Kubera yuko Yehova asuzuma umutima, yaragaragarije ubwitwararitsi mbere n’abatemera. Raba ivyo yagiriye Abimeleki, umwami w’igisagara c’Abafilisitiya citwa Gerari. Kubera yuko Abimeleki atari azi ko Aburahamu na Sara bari bubakanye, yaratwaye Sara ngo amugire umugore wiwe. Ariko rero, Abimeleki ataramukorako, Yehova yamubwiye mu ndoto ati: “Koko, nzi yuko wakoze ivyo ufise umutima utakurega ikibi, kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundiye kumukorako. None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho.”​—Ita. 20:1-7.

5 Ata gukeka, Yehova yari gushobora kugirira nabi Abimeleki, uwari asanzwe asenga imana z’ikinyoma. Ariko Imana yarabonye ko ivyo bintu uwo mugabo yabikoze kubera ukutamenya. Kubera ko ivyo Yehova yari abizi, abigiranye ubuntu yaciye abwira uwo mwami ukuntu yoronka ikigongwe maze “[akabona] kubaho.” None Imana imeze gutyo si yo wipfuza gusenga?

6. Yezu yiganye Se wiwe mu buryo butandukanye ubuhe?

6 Yezu yariganye Se wiwe ata gahaze, mu kwibanda ku vyiza vyari mu bigishwa biwe akama agabirije guharira amakosa yabo. (Mrk. 10:35-45; 14:66-72; Luka 22:31, 32; Yoh. 15:15) Agatima Yezu yagaragaza kari gahuye n’amajambo yavuze dusanga muri Yohani 3:17 agira ati: “Imana yatumye Umwana wayo mw’isi, atari kugira ngo acire urubanza isi, ahubwo kugira ngo isi ikizwe biciye kuri we.” Ni vyo, urukundo Yehova na Yezu badufitiye rugera kure kandi rwamaho. Rurabonekera mu cipfuzo bafise c’uko tworonka ubuzima. (Yobu 14:15) Urukundo nk’urwo rurerekana neza igituma Yehova adusuzuma, ukuntu atubona be n’ukuntu agira ico akoze ku vyo abona.​—Soma 1 Yohani 4:8, 19.

Adusuzuma mu buryo buranga urukundo

7. Yehova adusuzuma abigiranye imvo iyihe?

7 Mbega ukuntu kwoba rero ari ukwihenda twiyumviriye ko Yehova ari nk’umupolisi aducungera ari mw’ijuru kugira ngo aducakire turiko turakora icaha! Shetani ni we atwagiriza akongera akavuga ko turi abikunzi. (Ivyah. 12:10) Aravuga mbere ko dukorana imvo mbi naho biba atari ko biri! (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Ku vyerekeye Imana, umwanditsi wa zaburi yanditse ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zab. 130:3) Inyishu y’ico kibazo ni nta n’umwe! (Umus. 7:20) Ahubwo, Yehova atwihweza abigiranye imbabazi n’ubuntu nka kurya kw’umuvyeyi yitwararika abana biwe akunda, yipfuza kubakingira ikintu cobagirira nabi. Akenshi aratugabisha ku bijanye n’udusembwa twacu be n’ubugoyagoye bwacu kugira ngo dushobore kwirinda ivyotugirira nabi.​—Zab. 103:10-14; Mat. 26:41.

8. Ni gute Yehova yigisha abasavyi biwe akongera akabatoza indero?

8 Urukundo Imana idukunda ruragaragarira mu nyigisho be no mu gutozwa indero bitangwa mu Vyanditswe be no mu bifungurwa vy’impwemu turonswa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45; Heb. 12:5, 6) Yehova kandi araturonsa imfashanyo biciye kw’ishengero rya gikirisu be no ku “ngabirano z’abagabo” bari muri ryo. (Ef. 4:8) N’ikirushirije, Yehova aratwihweza kugira arabe ukuntu twakira ukumenyerezwa kwa kivyeyi aturonsa, maze akarondera ingene yorushiriza kudufasha. Muri Zaburi 32:8 hagira hati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” Ese rero ukuntu bihambaye ko twama nantaryo twumviriza Yehova! Turakeneye kuguma twicisha bugufi imbere yiwe, tukemera yuko ari we Mwigisha adukunda akaba n’Umuvyeyi wacu munyarukundo.​—Soma Matayo 18:4.

9. Ni ingeso izihe dukwiye kwirinda, kandi kubera iki?

9 Ese rero tutokwigera na rimwe dukomantaza umutima kubera ubwishime, ukubura ukwizera canke “ububasha buhendana bw’igicumuro.” (Heb. 3:13; Yak. 4:6) Akenshi umuntu atangura kugira izo ngeso iyo atsimbataje ivyiyumviro canke ivyipfuzo bitabereye. Yoshobora mbere gushika ku rugero rw’aho atera akagere impanuro zibereye zishingiye ku Vyanditswe. N’ikirushirije kuba kibi, yoshobora kwumira cane ku gatima kabi afise canke ku nzira ziwe mbi ku buryo yigira umwansi w’Imana, ico kikaba ari ikintu vy’ukuri giteye ubwoba! (Imig. 1:22-31) Reka turimbure akarorero ka Kayini, imfura ya Adamu na Eva.

Yehova arabona vyose kandi akagira ico akoze kuri vyo

10. Kubera iki Yehova yanse ishikanwa rya Kayini, kandi Kayini yavyakiriye gute?

10 Igihe Kayini na Abeli umwumwe wese yazanira ishikanwa Yehova, ntiyitwararitse gusa ayo mashikanwa ariko kandi yaritwararitse imvo yatumye bayashikana. Ivyo vyatumye yemera ishikanwa rya Abeli, iryo yatanganye ukwizera, ariko yanka irya Kayini, uwagaragaje mu buryo bunaka ukubura ukwizera. (Ita. 4:4, 5; Heb. 11:4) Aho kwigira ku vyari vyashitse ngo aheze ahindure agatima yari afise, Kayini yaciye agirira ishavu ryinshi mwenewabo.​—Ita. 4:6.

11. Ivyashikiye Kayini vyerekana gute ko umutima wibesha, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?

11 Yehova yarabonye ako gatima gateye akaga Kayini yariko aratsimbataza aca aramuhanura abigiranye ubwitwararitsi, amwereka yuko aramutse akoze iciza yoshirwa hejuru. Ikibabaje, Kayini yarirengagije impanuro yahawe n’Umuremyi maze yica mwenewabo. Umutima mubi wa Kayini waragaragariye kandi mu kuntu yishuye mu buryo butaranga urupfasoni ikibazo Imana yari imubajije iti: “Abeli murumunawe ari hehe?” Kayini yishuye ati: “Ndabizi? Nar’umwungere wa murumunanje?” (Ita. 4:7-9) Mbega ukuntu umutima ushobora kwibesha, gushika naho mbere utuma umuntu yirengagiza impanuro zirashe Imana itanga! (Yer. 17:9) Nimuze rero twigire ku nkuru mwene izo maze twamirire kure tudatebaganye ivyiyumviro be n’ivyipfuzo bibi. (Soma Yakobo 1:14, 15.) Igihe turonse impanuro ishingiye ku Vyanditswe, ese twoyikenguruka tukongera tukabona ko ari ikimenyamenya c’uko Yehova adukunda.

Nta caha na kimwe gishobora kunyegezwa Yehova

12. Yehova avyifatamwo gute ku bijanye n’ibibi biba vyakozwe?

12 Hari abokwiyumvira yuko igihe ata muntu n’umwe ababonye bariko barakora ikintu kibi, batazoshobora guhanwa. (Zab. 19:12) Twoshobora kuvuga yuko ata caha co mu kinyegero kibaho. Bibiliya ivuga iti: “Ibintu vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.” (Heb. 4:13) Yehova ni Umucamanza asuzuma imvo z’ibwina zituma dukora ibintu, kandi ukuntu avyifatamwo ku bijanye n’ibibi biba vyakozwe, bigaragaza ubutungane butagira agahaze. Ni ‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, ihora ari inyizigirwa.’ Ariko ku bantu b’intigaya, ‘ntizogenda ibakuyeko igihano’ (NW) nimba “[baza baracumura] n’ibigirankana” canke bagaragaza agatima ko guhishahisha ibintu no kugira imigabo mibi. (Kuv. 34:6, 7; Heb. 10:26) Ivyo turabibonera mu vyo Yehova yagiriye Akani be na Ananiya na Safira.

13. Ni gute biboneka ko ivyiyumviro bibi ari vyo vyatumye Akani agira inyifato mbi?

13 Akani yararenze kw’itegeko ry’Imana n’ibigirankana, aratwara ku vyanyazwe mu gisagara c’i Yeriko abinyegeza mw’ihema ryiwe, bikaba biboneka yuko abagize umuryango wiwe boba baramushigikiye. Igihe icaha ciwe cashirwa ahabona, Akani yarerekanye yuko yatahuye uburemere bw’ico yari yakoze, kuko yavuze ati: “Nacumuye k’Uhoraho.” (Yos. 7:20) Cokimwe na Kayini, Akani yari yaratsimbataje umutima mubi. Ku bijanye na Akani, ubwibone ni co kintu nyamukuru cabimutumye, kandi bwatumye acika umwiyorobetsi. Kubera yuko ivyari kunyagwa i Yeriko vyari ivya Yehova, mu bisanzwe Akani yivye Imana kandi ivyo vyatumye we n’umuryango wiwe bahasiga ubuzima.​—Yos. 7:25.

14, 15. Ni kubera iki vyari bikwiye ko Ananiya na Safira batemerwa n’Imana, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?

14 Ananiya be n’umukenyezi wiwe Safira, bari mu bagize ishengero rya gikirisu ryo mu ntango ryari i Yeruzalemu. Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., harashinzwe ikigega rusangi kugira ngo abantu bari baherutse kuba abemera baturuka mu mihingo ya kure bari bagumye i Yeruzalemu, bashobore kuronswa ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ico kigega cari gishigikiwe n’intererano zatangwa n’abavyishakiye. Ananiya yaragurishije itongo maze atanga muri ca kigega igice c’amahera yaronse. Ariko rero, yivugishije yuko yatanze amahera yose yarigurishije, kandi n’umugore wiwe yari azi neza ko atari ko biri. Ata gukeka, uwo mugabo n’umugore bashaka kuronka iteka ridasanzwe mw’ishengero. Mugabo ivyo bakoze vyarimwo ububeshi. Mu buryo bw’igitangaro, Yehova yarahishuriye intumwa Petero ivy’ico kinyoma, uno akaba yaciye abaza Ananiya igituma yakiremaremye. Agiheza kuvuga ivyo, Ananiya yaciye agwa hasi aracikana. Inyuma gatoyi y’ivyo, Safira na we nyene yarapfuye.​—Ibik. 5:1-11.

15 Ananiya na Safira ntibatwawe n’ubugoyagoye bw’akanya gato. Barapfunditse umugambi mubi bongera barabesha kugira ngo bagerageze kwemeza intumwa ibintu bitari vyo. Ikibabaje gusumba, ‘barondeye guhenda impwemu nyeranda be n’Imana.’ Ukuntu Yehova yavyifashemwo birerekana mu buryo butomoye ko yiteguriye gukingira ishengero abantu b’abiyorobetsi. Vy’ukuri, “ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima”!​—Heb. 10:31.

Tugume turi intadohoka ibihe vyose

16. (a) Shetani ariko agerageza gute kwonona abasavyi b’Imana? (b) Ni uburyo ubuhe wa Mubesheranyi ariko arakoresha mu kwonona abantu mu karere iwanyu?

16 Shetani ariko arakora uko ashoboye kwose kugira ngo atwonone gutyo atume tutaba tucemerwa na Yehova. (Ivyah. 12:12, 17) Imigabo mibi ya wa Mubesheranyi, iribonekeza mu buryo butomoye muri iyi si yatwawe n’ubuhumbu be n’ubukazi. Amashusho yerekana ubushegabo muri kino gihe umuntu arashobora kuyashikira bitagoranye biciye kuri za orodinateri canke ku bindi vyuma bikoresha ubuhinga bwa elegitoronike. Ese tutokwigera dutsindwa n’ibitero vya Shetani. Ahubwo riho, ese inyiyumvo zacu zoba nk’iz’umwanditsi wa zaburi Dawidi, uwanditse ati: “Nzokwitondera kugendera mu nzira itunganye: . . . Nzokwama ngendana mu nzu yanje umutima utunganye.”​—Zab. 101:2.

17. (a) Ni kubera iki impera n’imperuka Yehova ashira ku mugaragaro ivyaha vyanyegejwe? (b) Dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?

17 Muri iki gihe, Yehova ntahishura mu buryo bw’igitangaro ivyaha bikomakomeye be n’inyifato irimwo uruyeri, nk’uko rimwe na rimwe yabigira muri kahise. Naho ari ukwo, arabona ibintu vyose kandi ku gihe we abona ko kibereye, akoresheje n’uburyo abona ko bubereye, arashira ku mugaragaro ibintu vyahishijwe. Paulo yavuze ati: “Ibicumuro vy’abantu bamwe biribonekeza icese, bigashikana ubwo nyene ku rubanza, abandi na bo ibicumuro vyabo na vyo nyene biribonekeza mu nyuma.” (1 Tim. 5:24) Imvo nyamukuru ituma Yehova ashira ahabona ibibi vyakozwe, ni urukundo. Arakunda ishengero kandi yipfuza kurikingira kugira rigume rityoroye. Vyongeye, aragaragariza imbabazi abari baracumuye ariko mu nyuma bakigaya vy’ukuri. (Imig. 28:13) Nimuze rero twihatire kugumana umutima utunganye imbere y’Imana twongere twamirire kure utwosho twose twonona.

Tugumane umutima utunganye

18. Umwami Dawidi yipfuza ko umuhungu wiwe yiyumva gute ku vyerekeye Imana?

18 Umwami Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ati: “[Umenye] Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ukunze; kuk’Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya . . . n’ivyiyumviro vyose.” (1 Ngo. 28:9) Dawidi yipfuza yuko umuhungu wiwe akora n’ibindi uretse gusa kwemera Imana. Yashaka ko Salomo atahura ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe bimwe bigera kure. Woba ukengurukira Yehova kubera ukwo kuntu ameze?

19, 20. Nk’uko muri Zaburi 19:7-11 havyerekana, ni igiki cafashije Dawidi kwiyegereza Imana, kandi twoshobora gute kumwigana?

19 Yehova arazi ko abantu b’imitima nziraburyarya bazomwiyegereza be n’uko kumenya kamere ziwe nziza bizobeza umutima. Ku bw’ivyo, Yehova yipfuza ko tumumenya tukongera tukamenya neza kamere ziwe nziza igitangaza. Twobishikako gute? Biciye ku kwiga Ijambo ryiwe be no ku kwibonera imihezagiro aturonsa mu buzima.​—Imig. 10:22; Yoh. 14:9.

20 Woba uhora usoma Bibiliya ku musi ku musi ukayibona ko yavuye ku Mana ukongera ugasenga usaba imfashanyo kugira ngo ushire mu ngiro ivyo ivuga? Woba ubona agaciro ko kubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? (Soma Zaburi 19:7-11.) Nimba ari ukwo, ukwizera Yehova kwawe be n’urukundo umufitiye bizoguma vyongerekana. Na we azoheza akwiyegereze cane, kandi tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, azogendana nawe agufashe ukuboko. (Yes. 42:6; Yak. 4:8) Vy’ukuri, Yehova azokwereka urwo agukunda mu kuguhezagira no mu kugukingira mu vy’impwemu uko ugendera mu nzira ipfunganye ijana ku buzima.​—Zab. 91:1, 2; Mat. 7:13, 14.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki Yehova adusuzuma?

• Ni ibiki vyatumye abantu bamwebamwe bacika abansi b’Imana?

• Dushobora gute kwerekana ko Yehova atari umugani kuri twebwe?

• Dushobora gute kugumana umutima utunganye imbere y’Imana?

[Ifoto ku rup. 4]

Ni gute Yehova atwihweza nka kurya kw’umuvyeyi yitwararika ibintu?

[Ifoto ku rup. 5]

Ni icigwa ikihe twigira ku karorero ka Ananiya?

[Ifoto ku rup. 6]

Ni ibiki bizodufasha kuguma dusukurira Yehova n’umutima utunganye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika