Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 25 Ruheshi 2012. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni mu buryo ki umuntu ‘agaruka kuri Yehova’? (Int. 3:40, 41) [18 Ruh., jr ikig. 6 ing. 14]
2. Nk’uko vyagenze mu gihe c’isangangurwa rya Yeruzalemu mu 607 B.G.C., ni ryari Yehova atazogira impuhwe? (Int. 2:21) [11 Ruh., cl ikig. 25 ing. 20]
3. Icanditswe co mu Gucura intimba 5:7, coba gishaka kuvuga yuko Yehova ahora abantu amakosa ya ba sokuruza babo? [18 Ruh., w07 1/6 rup. 10 ing. 5]
4. “Ibintu bihambaye” Baruki ashobora kuba yariko ararondera vyari ibihe, kandi ukuntu yakiriye impanuro Yehova yamuhaye bidufasha kwibanda ku biki? (Yer. 45:5) [21 Rus., w06 15/8 rup. 18 ing. 2; rup. 19 ing. 6]
5. Ni kubera iki incuro nyinshi Ezekiyeli yitwa “umwana w’umuntu”? (Eze. 2:6) [25 Ruh., w07 1/7 rup. 12 ing. 2]
6. Ivyanditse muri Ezekiyeli 2:5 bizoranguka gute mu bihe vya none? [25 Ruh., w08 15/7 rup. 11 ing. 17]
7. “Intebe y’ibirenge” ya Yehova n’ “urusago” rwiwe ni iki? (Int. 2:1, 6) [11 Ruh., w07 1/6 rup. 9 ing. 1]
8. Igihe Yeremiya yavuga ko Yehova ‘yomwibutse, akunama akamushikira’ yashaka kuvuga iki, kandi kubera iki ivyo bihambaye cane kuri twebwe? (Int. 3:20) [18 Ruh., w07 1/6 rup. 11 ing. 2]
9. Kubera iki ari vyiza ko umuntu yiga kwikorera ingǒgo y’umubabaro mu buto bwiwe? (Int. 3:27) [18 Ruh., w07 1/6 rup. 11 ing. 4]
10. Akarorero ka Ezekiyeli gashobora kudufasha gute kuvugana ubutinyutsi naho abantu boba batanegwa ivyo tubabwira? (Ezk. 3:8, 9) [25 Ruh., w08 15/7 rup. 8 ing. 6-7]