Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 25 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 25 RUHESHI
Ururirimbo rwa 63 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 22 ing. 15-21 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 1-5 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. Mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero n’Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza, nimugire umwerekano w’ukuntu twokoresha ivyo binyamakuru mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wa Mukakaro.
Imin. 15: Dukoreshe umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi mu busuku. (Ef. 5:15, 16) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bibazo bikurikira. (1) Twokoresha gute umwanya wacu mu buryo buranga ubukerebutsi (a) igihe turongora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro? (b) igihe ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rirangiye? (c) igihe uwo tujanye kwamamaza turi mu mugwi aganiriye umwanya munini n’uwashimishijwe? (d) igihe dusubira kugendera abantu basabagiye mu cibare kinini? (2) Ni gute bidufasha gucungura umwanya: (a) igihe dufungurira umuryango wacu, nimba bishoboka, imbere yo kuza mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro? (b) igihe bose bashitse ku gihe kw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro? (c) igihe dutega yompi uwurongoye iryo koraniro ariko aragabura abamamaji kandi ntitwipange ukundi bidakenewe ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro rirangiye? (d) igihe bose bava muri iryo koraniro bazi aho bahera gukorera mu cibare?
Imin. 10: Ivyo tuzoshikiriza muri Mukakaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze ibintu nyamukuru biranga ivyo tuzoshikiriza hanyuma hagirwe umwerekano umwe canke ibiri w’ingene vyoshikirizwa.
Ururirimbo rwa 29 n’isengesho