Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje? (Igice ca 1)
Uko abakiri bato bakura batera bagana mu bigero, ni ko babwirizwa gufata ingingo zihambaye. Harateguwe ividewo ivuga ngo Les jeunes s’interrogent— Que vais-je faire de ma vie ? (Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje?) kugira ngo ibafashe. Umaze gushira iyo videwo mu cuma kiyisoma, nuce ufyonda ahanditse ngo Drame, maze uhejeje kurorera iyo videwo nuce uraba ko woshobora kwishura ibibazo biri mu ngingo ya 2. Mu nyuma, nuce ufyonda ahanditse Menu principal hanyuma ufyonde ahanditse Interviews, maze uhejeje uce ufyonda ahanditse Souvenirs, hanyuma uce ugerageze kwishura ibibazo biri mu ngingo ya 3.
Drame (Igikino): (1) Ukuntu ivya Timoteyo vyari vyifashe, bifitaniye isano gute n’ukuntu ivy’abakiri bato b’abakirisu batari bake muri iki gihe vyifashe? (2) Ni gute André yashirwako umukazo kugira abe umuhanga mu vyo kwinonora imitsi? (3) Umuvukanyi Fleissig yabwiye iki André ku bijanye no (a) kwiyegurira Yehova be no kwihebera ivyo kwinonora imitsi? (Mat. 6:24) (b) isôko ry’ubuhirwe nyakuri? (c) ico isahani yakuye mw’ikambi ry’itunatuniro ryamwibutsa? (d) abantu bari kumwe na we be n’umugore wiwe kw’ifoto? (e) kuba yoba yicuza kubera yahevye imigambi yari afise? (Flp. 3:8) (4) Inakuru wa André yishuye gute ikibazo yamubajije ati: “Vyoba ari bibi ko nipfuza kuba umwirutsi rurangiranwa?” (Luka 4:5-7) (5) Gutsinda ihiganwa vyoba vyaratumye André ahimbarwa vy’ukuri? (6) Ni igiki ushima cane ku bijanye n’ikete rya nyuma umuvukanyi Fleissig yandikiye André? (Imig. 10:22) (7) Ni igiki umuvukanyi Fleissig yafashije André gutahura?
Souvenirs (Ivyo bibuka): (8) Ni imigambi iyihe uwo muvukanyi n’uwo mushiki wacu bariko barakurikirana, kandi kubera iki? (9) Ni gute baroraniwe? (10) Ni igiki catumye umwe wese muri bo afata ingingo yo guhindura imigambi? (2 Kor. 5:15) (11) Ni imigambi y’ivya gitewokarasi iyihe basubirije iyo bari bafise, kandi ni kubera iki babona ko badashobora kuyikurikirana yompi? (12) Boba baricujije na gato kubera ko bahinduye ivyo bahora bashira imbere mu buzima? (13) Ni igiki bavuze catumye canecane uzirikana ku kuntu wokoresha ubuzima bwawe?
Turagusavye urabe ibindi biganiro vyo kubaza ibibazo (Interviews) be n’amakuru y’inyongera (Suppléments), maze witegure kuzogira ico ubivuzeko nivyaganirwako mw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza.