Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 17 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 17 NYAKANGA
Ururirimbo rwa 49 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 26 ing. 16-22, n’uruzitiro ku rup. 209 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 46-48 (Imin. 10)
No. 1: Ezekiyeli 48:1-14 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma dukwiye kuba inzirabugunge mu bintu vyose—Ef. 4:25, 28; 5:1 (Imin. 5)
No. 3: Ubwami bw’Imana ntibuza biciye ku twigoro tw’abantu—td 30C (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 30: “Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje? (Igice ca 1)” Ibibazo n’inyishu. Nukoreshe ibivugwa mu ngingo ya mbere mu gushikiriza intangamarara ngufi, ibivugwa mu ngingo ya nyuma na vyo ubikoreshe mu gushikiriza insozero ngufi. Aho iyo videwo itaboneka, nimukoreshe amayagwa ari mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro igitabu ca 2 ikigabane ca 38 ahari umutwe uvuga ngo “Nzokoresha gute ubuzima bwanje?” Nuremeshe urwaruka kwishingira imigambi ya gitewokarasi, nk’iyivugwa muri ico kigabane, no kuronderera ubuyobozi ku bavyeyi babo bakirisu be no ku bandi bakirisu bahumuye.
Ururirimbo rwa 88 n’isengesho