Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 30 Ruheshi 2014.
Ni kubera iki ingingo ngenderwako iri mu Kuvayo 23:2 ihambaye cane igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza no kwisamaza? [5 Rus., w11 15/7 rup. 10-11 ing. 3-7]
Imana yaganiriye gute na Musa “amaso mu yandi”? (Kuv. 33:11, 20) [19 Rus., w04 15/3 rup. 27 ing. 5]
Ni kubera iki Aroni atahaniwe kuba yaracuze ya nyana y’inzahabu? (Kuv. 32:1-8, 25-35) [19 Rus., w04 15/3 rup. 27 ing. 4]
Ni icigwa ikihe twigira ku kuba Abisirayeli barananiwe gushira mu ngiro ibivugwa muri Kuvayo 34:12? [26 Rus., w08 15/2 rup. 26 ing. 2, 4]
Ni kubera iki ivyabaye kuri Bezaleli na Oholiyabu bituremesha cane? (Kuv. 35:30-35) [26 Rus., w10 15/9 rup. 10 ing. 13]
“Ikimenyetso ceranda c’iyegurwa” cari ku gitambara co mu mutwe c’umuherezi mukuru wa Isirayeli cibutsa iki, kandi ico kimenyetso kitwigisha iki ku bijanye no kwiyegura? (Kuv. 39:30) [2 Ruh., w01 1/2 rup. 23 ing. 2-3]
Dukwiye gukora iki igihe tumenye ko hari umuntu akora igicumuro mu mpisho? (Lew. 5:1) [9 Ruh., w12 15/2 rup. 22 ing. 15]
Ibimazi vy’ugusangira vyari bifise uruhara uruhe ruhambaye mu gihe ca Isirayeli, kandi iyo ntunganyo igereranya iki kuri twebwe muri iki gihe? (Lew. 7:31-33) [16 Ruh., w12 15/1 rup. 19 ing. 11-12]
Icaha abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu bakoze gishobora kuba cari nyabaki, kandi ni ivyigwa ibihe twigira kuri iyo nkuru? (Lew. 10:1, 2, 9) [23 Ruh., w04 15/5 rup. 22 ing. 6-8]
Ni kubera iki ukwibaruka kwatuma umugore aba “uwuhumanye”? (Lew. 12:2, 5) [23 Ruh., w04 15/5 rup. 23 ing. 2]