ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Gitugutu rup. 2-5
  • 1925: Imyaka 100 irarangiye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1925: Imyaka 100 irarangiye
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYO BARI BITEZE BITASHITSE
  • BASHINGA AYANDI MARADIYO
  • DUTAHURA UKURI GUSHASHA
  • TURI IVYABONA VYA YEHOVA
  • GUSUBIRA KUGENDERA ABASHIMISHIJWE
  • BITEGURIRA KAZOZA
  • 1924​—⁠Imyaka 100 irarangiye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • 1922: Imyaka 100 irarangiye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu
    Ubwami bw’Imana buraganza!
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Gitugutu rup. 2-5
Ifoto yerekana umugwi munini w’abavukanyi bari bitavye ihwaniro mu 1925, mu gisagara ca Indianapolis, muri leta ya Indiana.

Ihwaniro ryabereye mu gisagara ca Indianapolis muri leta ya Indiana, mu 1925

1925​—Imyaka 100 irarangiye

UMUNARA W’INDERETSI wo ku wa 1 Nzero 1925 wavuze uti: «Twebwe abakirisu turiteganye igishika ibintu bikomeye bizoba muri uwu mwaka.» Ariko rero uwo Munara wongeyeko uti: «Abakirisu ntibakwiye kurazwa ishinga cane n’ibishobora gushika muri uwu mwaka, ku buryo bibasamaza ngo ntibakore ivyo umukama abitezeko.» Ni ibiki none Abatohoji ba Bibiliya bari biteze ko vyobaye mu 1925? Vyongeye, bakoze iki kugira ngo bagumane umwete mu gikorwa c’Umukama, naho ivyo bari biteze bitashitse?

IVYO BARI BITEZE BITASHITSE

Mu 1925, Abatohoji ba Bibiliya bari biteze ko isi ihinduka ikaba Iparadizo. Uti kubera iki? Umuvukanyi Albert Schroeder, uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, yavuze ati: «Twiyumvira ko muri uyo mwaka, abarobanuwe bakiri kw’isi bogiye mw’ijuru maze bagafadikanya na Kristu kuganza mu Bwami bw’Imana be n’uko abagabo b’abizigirwa ba kera nka Aburahamu, Dawidi be n’abandi, bociye bazuka bakaba abaganwa batwara isi baserukiye Ubwami bw’Imana.» Kubera ko ivyo bintu bitarangutse muri uwo mwaka, hari abaciye bacika intege.—Imig. 13:12.

Naho ivyo bari biteze bitarangutse, Abatohoji ba Bibiliya benshi bagumye bamamaza n’umwete bongera bararushiriza gufatana uburemere ibanga ryo gushingira intahe Yehova. Reka turabe nk’akarorero ivyo bakoze, kugira ngo babwire inkuru nziza abantu benshi bashoboka.

BASHINGA AYANDI MARADIYO

Abatohoji ba Bibiliya bamaze kubona ingene iradiyo ya WBBR yafashije abantu benshi kumenya ukuri mu 1924, baciye bubaka iyindi radiyo nini hafi y’i Chicago, muri leta ya Illinois. Iyo radiyo yitwa JAMBO. Umu enjeniyeri yitwa Ralph Leffler ari mu bubatse iyo radiyo yavuze ati: «Mu gihe c’urushana mw’ijoro, abantu benshi bo mu mihingo ya kure cane barakunda kwumviriza radiyo JAMBO.» Nk’akarorero, umuryango umwe wo mu gisagara ca Pilot muri Alaska, hakaba ari ku bilometero birenga 5.000 uvuye aho iyo radiyo yari iri, barakurikiye kimwe mu biganiro vyatanguye guca kuri iyo radiyo. Inyuma y’aho, uwo muryango warandikiye abakorera kuri iyo radiyo ubashimira kuri izo nyigisho ziremesha batanga.

Ibubamfu: Antene ndende zari i Batavia muri leta ya Illinois, zatuma radiyo JAMBO isamirana

Iburyo: Ralph Leffler ariko arakorera kw’iradiyo

Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1925, warasiguye igituma iyo radiyo yumvikana gushika kure cane. Wavuze uti: «Radiyo JAMBO ni imwe mu maradiyo yo muri Amerika akoresha ivyuma bikomeye cane. Iyo radiyo irumvikana neza, haba mu buseruko bwa Amerika no mu burengero, muri Kiba gushika no mu karere ka kure cane ko mu buraruko bwa Alaska. Kwumviriza iyo radiyo vyaratumye abantu benshi batari bwigere bumva inkuru nziza, bipfuza kumenya n’ibindi.»

George Naish

Muri ico gihe nyene, Abatohoji ba Bibiliya bo muri Kanada, na bo nyene bariko baragira akigoro ko kurushiriza gukoresha amaradiyo mu gukwiragiza inkuru nziza. Mu 1924, hari harubatswe iradiyo yitwa CHUC mu gisagara ca Saskatoon, mu ntara ya Saskatchewan. Yari imwe mu maradiyo ya mbere y’ivy’idini muri Kanada. Mu 1925, vyarabaye ngombwa ko iyo radiyo yimurwa kuko aho yakorera hari hato. Ishirahamwe ryacu rero ryaciye rifata ibintu mu minwe, ryimurira iyo radiyo mu nyubakwa yitwa Regent. Yari inyubakwa ya kera y’i Saskatoon yahora iberamwo ibikino, bakaba bari barayiguze baca barayisanura kugira ngo iyo radiyo ihakorere.

Iyo radiyo yaratumye abantu benshi bo mu dusagara two hirya no hino mu ntara ya Saskatchewan bumva inkuru nziza ari ryo rya mbere. Nk’akarorero, igihe umukenyezi yitwa Graham wo mu gasagara kamwe kari kure cane yumviriza ikiganiro caciye kuri iyo radiyo, yaciye yandikira ishirahamwe ryacu asaba ko yoronswa ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Umuvukanyi George Naish avuga ati: «Ukuntu uwo mugore yatakamvye asaba ngo tumwigishe, vyaraboneka cane ko avyipfuza rwose ku buryo twaciye tumurungikira ibitabu vyose vyari bigize rwa rukurikirane rwavuga ngo Ukwiga ivyanditswe (Études des Écritures).» Bidatevye, uwo mukenyezi yaciye atangura gukwiragiza inkuru nziza mbere gushika mu turere twa kure cane.

DUTAHURA UKURI GUSHASHA

Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1925, warimwo ikiganiro kidasanzwe cavuga ngo «Ivuka ry’ihanga.» Kubera iki none ico kiganiro cari gihambaye cane? Hari haciye igihe Abatohoji ba Bibiliya bazi ko Shetani afise ishirahamwe rigizwe n’amadayimoni, inzego z’ivy’idini, iz’ivy’ubudandaji, be n’iz’ivya politike. Ariko biciye kuri ico kiganiro, umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yarafashije abavukanyi gutahura ko Yehova na we nyene afise ishirahamwe ritandukanye cane n’irya Shetani, kandi ko ayo mashirahamwe adahuza. (Mat. 24:45) Vyongeye, umushumba yarasiguye ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914, be n’uko intambara yadutse mw’ijuru muri uwo mwaka yatumye Shetani n’amadayimoni yiwe birukanwa mw’ijuru, bakororerwa ng’aha kw’isi.—Ivyah. 12:​7-9.

Hari abo vyagoye kwakira ukwo kuri gushasha. Ni co gituma ico kiganiro cavuze giti: «Nimba hari abasomyi b’Umunara w’Inderetsi batemera ibivuzwe ng’aha, twobahanura kurindira Umukama bihanganye, bakaguma bamukorera badahemuka.»

Ariko rero umutsimvyi umwe yitwa Tom Eyre wo mu Bwongereza (kera umutsimvyi yitwa umu colporteur), yavuze ko Abatohoji ba Bibiliya bakiriye neza ico kiganiro. Yavuze ati: «Abavukanyi bararyohewe cane bamenye insobanuro y’ibivugwa mu Vyahishuwe 12. Vyaranse ko twigumizamwo iyo nkuru nziza, duca tuja kuyibwira abandi. Ivyo vyaratumye twongereza umwete mu ndimiro, biradufasha no kubona ingene Yehova yobandanije kuyobora abasavyi biwe, bagashika no ku bindi bintu bikomeye muri kazoza.»

TURI IVYABONA VYA YEHOVA

Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova baramenyereye ibivugwa muri Yesaya 43:​10, ahagira hati: «Yehova avuze ati: ‘Muri ivyabona vyanje, emwe umusavyi wanje natoye.’» Ariko imbere y’umwaka wa 1925, ico canditswe nticakunda gukoreshwa mu bitabu vyacu. Yamara ivyo vyari bigiye guhinduka. Mu mwaka wa 1925, Iminara y’Inderetsi 11 yaragarutse ku canditswe co muri Yesaya 43:10 na 12.

Mu mpera za Myandagaro 1925, Abatohoji ba Bibiliya barahuriye hamwe kw’ihwaniro ryabereye mu gisagara ca Indianapolis muri leta ya Indiana. Mu majambo y’ikaze yari yanditse kuri programa y’ihwaniro, umuvukanyi Joseph F. Rutherford yavuze ati: «Twaje kuri iri hwaniro kugira turonke . . . inkomezi zitangwa n’Umukama maze dusubire kuja kumuvugira dufise inguvu ziyongereye.» Mu misi umunani iryo hwaniro ryamaze, abaryitavye bararemeshejwe kuvuga ivyerekeye Yehova igihe cose baronse akaryo.

Ku wa gatandatu itariki 29 Myandagaro, umuvukanyi Rutherford yarashikirije insiguro ivuga iti: «Kura amaboko mu mpuzu.» Muri iyo nsiguro, yarashimitse ku gituma kwamamaza bihambaye. Yavuze ati: «Yehova yabwiye abasavyi biwe . . . ati: ‘Muri Ivyabona vyanje. Kandi ni jewe Mana.’ Yaciye ahimiriza abariko baramwumviriza mu buryo bukomeye ati: ‘Nimushingire ikimenyetso amahanga.’ Muri iyi si, nta bandi bashobora gushingira ikimenyetso canke intahe amahanga, atari abasavyi ba Yehova bafise impwemu yiwe, bakaba rero ari Ivyabona vyiwe.»—Yes. 43:12; 62:10.

Ka gapapuro karimwo wa mwiyemezo bise «Ubutumwa butanga icizigiro».

Ka gapapuro kavuga ngo Ubutumwa butanga icizigiro

Insiguro y’umuvukanyi Rutherford iheze, abitavye iryo hwaniro bose baciye bagira umwiyemezo bise ngo «Ubutumwa butanga icizigiro.» Uwo mwiyemezo warerekana ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira ko buzotuma baronka «amahoro, umutekano, ubuzima bwiza, amagara meza, umwidegemvyo be n’agahimbare kamaho.» Uwo mwiyemezo wahavuye ushirwa mu ndimi nyinshi wongera uracapurwa mu mpapuro. Twarakwiragije hirya no hino udupapuro tw’uwo mwiyemezo nk’imiliyoni 40.

Haraciye imyaka itari mike Abatohoji ba Bibiliya bataritwa Ivyabona vya Yehova. Naho ari ukwo, baguma barushiriza gutahura ibanga bari bafise ryo kumushingira intahe.

GUSUBIRA KUGENDERA ABASHIMISHIJWE

Kubera ko Abatohoji ba Bibiliya baguma bongerekana hirya no hino kw’isi, ishirahamwe ryarabaremesheje kuza barasubira kugendera ababa bashimishijwe n’inkuru nziza. Inyuma ya rya sekeza ryo gutanga ka gapapuro kavuga ngo Ubutumwa butanga icizigiro, ikinyamakuru Bulletina cavuze giti: «Nimutunganye ivyo kugendera imihana mwasizeko ka gapapuro kavuga ngo Ubutumwa butanga icizigiro.»

Ikinyamakuru Bulletin co muri Nzero 1925, cari kirimwo amajambo yavuzwe n’Umutohoji umwe wa Bibiliya wo muri Plano muri Texas, agira ati: «Turatangazwa n’ukuntu uturere twasubiye kugendera kenshi ari two twimbuka cane kuruta uturere dushasha. Agasagara ko mu karere iwacu kagendewe incuro zitanu mu myaka cumi iheze. Mawe be n’uwundi mudada yitwa Hendrix baherutse gusubira kukagendera kandi batanzeyo ibitabu vyinshi cane bitari bwigere bitangwayo.»

Mu gihugu ca Panama na ho, hari umutsimvyi yanditse ati: «Abantu benshi banyirukanye ku mihana yabo igihe nabagendera ari ryo rya mbere, nsubiyeyo irya kabiri canke irya gatatu nasanga barahinduye umutima. Muri uyu mwaka, ahanini nitwararitse cane gusubira kugendera abari barashimishijwe n’inkuru nziza, kandi bamwe muri bo bavyakiriye neza.»

BITEGURIRA KAZOZA

Mw’ikete umuvukanyi Rutherford yandikira abatsimvyi bose buri mwaka, yaravuze mu ncamake ivyaranguwe muri uwo mwaka yongera avuga n’ibindi vyari bibarindiriye. Yavuze ati: «Mu mwaka uheze twarahimbawe no kuremesha abantu benshi bari bihebuye. Ico gikorwa caratumye tunezerwa cane. Mu mwaka uza, muzoronka uturyo two gushingira intahe Imana n’Ubwami bwayo no kwerekana ko muri abasavyi bayo. Nimuze twese hamwe tubandanye kuduza amajwi, dushemeze Imana yacu ikaba n’Umwami wacu.»

Mu mpera z’umwaka wa 1925, abavukanyi bariko barategura ivyo kwagura inyubakwa za Beteli i Brooklyn. Umwaka wa 1926 wotanguranye na proje nini y’ubwubatsi ishirahamwe ryacu ritari bwigere rigira.

Abavukanyi bari mu bikorwa vy’intango vyo kwubaka inyubakwa nshasha.

Ibikorwa vy’ubwubatsi kw’ibarabara rya Adams Street, i Brooklyn muri New York, mu 1926

a Ubu citwa Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika