IKIGANIRO C’UKWIGA CA 40
URURIRIMBO RWA 111 Imvo zituma tunezerwa
Yehova aratuma tugira ‘agahimbare ntangere’
‘ Nzoza ku Mana, yo gahimbare kanje ntangere.’—ZAB. 43:4.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona ibintu vyotuma dutakaza umunezero be n’ivyodufasha gusubira kunezerwa.
1-2. (a) Abantu benshi ivyabo vyifashe gute muri iki gihe? (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?
HIRYA no hino kw’isi, abantu benshi barakora uko bashoboye kwose kugira ngo baronke umunezero. Naho ari ukwo, umunezero baronka umara akanya gato. Ivyo bica bituma benshi bagira umubabaro kandi bakihebura. N’abasavyi ba Yehova ivyo birabashikira. Kubera ko tubayeho «mu misi ya nyuma», turitega ko dushobora gushikirwa n’ibintu «bigoye kwihanganira» kandi bidutera umubabaro.—2 Tim. 3:1.
2 Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibintu bishobora gutuma dutakaza umunezero be n’ivyodufasha gusubira kunezerwa. Ariko rero, reka tubanze turabe aho umunezero nyakuri uva.
AHO UMUNEZERO NYAKURI UVA
3. Ivyo Yehova yaremye bitwigisha iki ku bimwerekeye? (Raba n’amafoto.)
3 Yehova yamye ari Imana ihimbawe, kandi natwe yipfuza ko duhimbarwa. Ntibitangaje rero kubona ivyo yaremye natwe bidutera umunezero. Nk’akarorero, turahimbarwa n’iyi si yacu iteye igomwe, amabara atandukanye ari mu bidukikije, ibikoko vyikina amatavu be n’ibifungurwa vyinshi cane bituryohera. Emwe, Imana iradukunda vy’ukuri kandi yipfuza ko duhimbarwa mu buzima.
Inzovu ikiri nto: Image © Romi Gamit/Shutterstock; utwana tw’inyoni zitwa manchot: Vladimir Seliverstov/500px via Getty Images; utwagazi tw’impene: Rita Kochmarjova/stock.adobe.com; ibifi bibiri vyitwa dauphin: georgeclerk/E+ via Getty Images
Ibikoko vyikina amatavu biratwibutsa ko Yehova ari Imana ihimbawe (Raba ingingo ya 3)
4. (a) Kubera iki Yehova aguma ahimbawe naho abona ibintu vyinshi bibabaje biba mw’isi? (b) Ni igiki Yehova aduha? (Zaburi 16:11)
4 Naho Yehova ari «Imana ihimbawe» arazi neza ibintu bibabaje biba mw’isi. (1 Tim. 1:11) Naho ari ukwo, ntareka ngo ivyo bitume atakaza umunezero. Arazi ko iyo mibabaro yose ari iy’igihe gito, kuko yamaze gushinga umusi ntarengwa wo kuyikuraho, kandi ararindiriye yihanganye ko uwo musi ushika. Mu kurindira, Yehova aratahura ingorane turiko turacamwo kandi aripfuza kudufasha. None adufasha gute? Kimwe mu vyo akora, araduha umunezero. (Soma Zaburi 16:11.) Reka turabe ingene uwo munezero yawusangiye n’Umwana wiwe Yezu.
5-6. Kubera iki Yezu ahimbawe?
5 Mu biremwa vyose Yehova yaremye, Yezu ni we ahimbawe kuruta ibindi biremwa vyose. Uti kubera iki? Kubera izi mvo zibiri: (1) «Ni we shusho y’Imana itaboneka» kandi arigana neza Se wiwe muri vyose. (Kol. 1:15) (2) Yarabanye igihe kinini cane na Se wiwe, uwo umunezero ukomokako.
6 Yezu yarahimbarwa no gukora ivyo Se yamusaba vyose. (Imig. 8:30, 31; Yoh. 8:29) Ni co gituma Yehova yamukunda cane kandi akamushima.—Mat. 3:17.
7. Twokora iki kugira duhimbarwe vy’ukuri?
7 Na twebwe turashobora guhimbarwa vy’ukuri igihe twiyegereje Yehova, narirya ari we umunezero ukomokako. Nitwamara umwanya munini twiga ibimwerekeye kandi tukagerageza kumwigana, tuzohimbarwa vy’ukuri. Ikindi kizotuma duhimbarwa ni ukubaho dukora ivyo agomba kandi tuzi ko adushima.a (Zab. 33:12) Twokora iki none bishitse tugatakaza umunezero canke tukamara igihe ata munezero dufise? None vyoca bisobanura ko Imana itakidushima? Habe namba. Yehova aratahura ko tudatunganye kandi ko bishobora gushika tukagira umubabaro canke akabonge. (Zab. 103:14) Reka tuganire ku bintu vyoshobora gutuma dutakaza umunezero be n’ivyodufasha gusubira kunezerwa.
NTUREKE NGO HAGIRE IKINTU NA KIMWE KIGUTWARA UMUNEZERO
8. Ingorane zo mu buzima zishobora kutugirako ingaruka izihe?
8 Icodutwara umunezero: Ingorane zo mu buzima. Woba uriko urashikirwa n’ingorane kubera uruhamo, ibiza n’isibe, ubukene, indwara canke ubusaza? Mu bihe nk’ivyo, biroroshe ko dutakaza umunezero, na canecane iyo ata co dushoboye gukora ngo duhindure ibintu. Na Bibiliya iravuga ko «umubabaro utuma umuntu avunika umutima.» (Imig. 15:13) Mu myaka ine gusa, umukurambere umwe yitwa Babis yarabuze mukuruwe n’abavyeyi biwe bompi. Avuga ati: «Numva ndi inyakamwe, ntagira gitabara. Vyaranashika nkumva ndiyagirije cane kubera ntigeze ndonka umwanya ukwiye wo kuba kumwe n’abavyeyi banje be na mukuru wanje imbere y’uko bapfa.» Emwe, ingorane zo mu buzima zirashobora gutuma tuvunika umutima kandi tugacika intege.
9. Ni igiki codufasha gusubira kunezerwa? (Yeremiya 29:4-7, 10)
9 Icodufasha gusubira kunezerwa. Bishitse tugatakaza umunezero, turashobora gusubira kunezerwa twirinze kuguma twiganyira ku bintu tudashobora guhindura kandi tukaba abantu bashima. Abantu benshi muri iyi si, babona ko umuntu adashobora guhimbarwa afise ingorane. Ariko ico ciyumviro si co. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Abayuda bari barajanywe mu bunyagano i Babiloni ko bari bakwiye kwiyakira, bakamenyera ubwo buzima bushasha naho butari bworoshe. (Soma Yeremiya 29:4-7, 10.) None ivyo bitwigisha iki? Turakwiye kwiga kwiyakira no gushima ibintu vyiza dufise. Niwibuke ko Yehova azokwama ari hafi yawe. (Zab. 63:7; 146:5) Mushiki wacu umwe yitwa Effie yaragize isanganya aca aba pararize, ku buryo ubu atakiva aho ari. Avuga ati: «Yehova be n’abo mu muryango wanje hamwe n’abo mw’ishengero, barambaye hafi cane. Guca nihebura nabona ko kwobaye ari ukudashima akigoro kabo. Ni co gituma rero nihata nkaguma mpimbawe kugira ngo nereke Yehova n’abavukanyi banje ko nshima ivyo bankorera.»
10. Kubera iki dushobora guhimbarwa naho twoba dufise ingorane?
10 Naho twoba tubayeho mu buzima tutipfuza canke tugashikirwa n’ikintu kibi canke kigashikira abo mu muryango wacu, turashobora kuguma duhimbawe.b (Zab. 126:5) Uti kubera iki? Kubera ko umunezero nyakuri utavana n’uko ivyacu biba vyifashe. Umutsimvyi umwe yitwa Maria, avuga ati: «Iyo uhisemwo kuguma uhimbawe igihe uba wugarijwe n’ingorane, ntibisobanura ko uba waratimvye canke ko uba wirengagije umubabaro zigutera. Ahubwo bisigura ko uba wizigiye ivyo Yehova yadusezeraniye. Uwo Muvyeyi wacu adukunda, azodufasha kuguma duhimbawe.» Urama wibuka ko ingorane dufise naho zoba zingana gute, ari iz’akanya gato. Nakare nta mvura idahita.
11. Akarorero k’intumwa Paulo katuremesha gute?
11 Twokora iki bishitse tukiyumvira ko ingorane dufise, ari icerekana ko Yehova atakidushima? Vyoba vyiza twiyumviriye uburorero bw’abandi basavyi ba Yehova b’abizigirwa bashikiwe n’ingorane zikomeye. Raba nk’akarorero k’intumwa Paulo. Yezu ubwiwe ni we yari yaramutoye kugira ngo amenyeshe inkuru nziza «amahanga, abami, n’Abisirayeli.» (Ivyak. 9:15) Umve nawe iryo teka! Naho ari ukwo, Paulo yarashikiwe n’ingorane nyinshi. (2 Kor. 11:23-27) None izo ngorane z’urutavanako zamushikiye, zoba zasigura ko Yehova atakimushima? Habe namba. Ahubwo kuba yarashoboye kuzihanganira cari ikimenyamenya c’uko Yehova yari kumwe na we. (Rom. 5:3-5) Ubu na ho zirikana ibikwerekeye. Na wewe uriko urihanganira ingorane zose zigushikira udahemuka. Ntuca ubona none ko nawe Yehova agushima?
12. Vyogenda gute nka hamwe tutoshika ku vyo twari twipfuza gukora?
12 Icodutwara umunezero: Igihe tudashitse ku vyo twipfuza gukora. (Imig. 13:12) Turakunda Yehova kandi twipfuza kumukengurukira kubera ivyo adukorera vyose. Ni co gituma twishingira imigambi yo kurushiriza gukora vyinshi mu gikorwa ciwe. Ariko rero, nka hamwe twokwishingira imigambi tutoshobora gushikako, vyoduca intege. (Imig. 17:22) Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Holly, avuga ati: «Naripfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, kuja gukorera mu kindi gihugu, canke gukorera mu bwubatsi kuri ya proje y’i Ramapo. Ariko ibintu vyarahindutse, sinaba ngishobora gushika kuri iyo migambi. Narababaye cane. Biratuntuza kuba wipfuza gukora ikintu ariko ntugishikeko.» Ivyo ni ko biri ku basavyi ba Yehova benshi.
13. Igihe bidashobotse ko dushika ku vyo twipfuza gukora, ni imigambi yindi iyihe twokwishingira?
13 Icodufasha gusubira kunezerwa. Uribuka ko Yehova atatwitegako ibirenze ivyo dushoboye gukora. Arashima ivyo dushoboye gukora vyose. Ico adusaba, ni ukwifata ruto no kuba abizigirwa. (Mika 6:8; 1 Kor. 4:2) Igihambaye kuri we ni ico turi imbere mu mutima, si ukumukorera vyinshi. Ntidukwiye rero kwitega gukora ivyo na Yehova ubwiwe atatwitezeko.c Ku bw’ivyo, nimba hari ivyo udashoboye gukora mu gikorwa ca Yehova, nugerageze kwitunira ku vyo ushoboye. Nk’akarorero, ubona wokwitwararika uwukiri muto, ukamubera nk’umuvyeyi, canke na ho ukaremesha uwitereye mu myaka? Woba wokwishingira umugambi wo kuremesha umuntu amaso mu yandi, canke biciye kuri terefone, canke kuri mesaje? Igihe wishingiye imigambi ushobora gushikako, Yehova arahimbarwa kandi agatuma nawe uhimbarwa. Vyongeye, urama wibuka yuko mw’isi nshasha igiye kuza, tuzoshobora gukorera Yehova mu buryo burengeye ubwo twiyumvira. Ivyo ni vyo biremesha umwe mushiki wacu yitwa Holly. Avuga ati: «Iyo bishitse ngacika intege mpora nca nicara nkazirikana, nkibuka ko nzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha. Ico gihe, Yehova azomfasha gushika ku migambi imwimwe ntashoboye gushikako.»
14. Ni ikindi kintu ikihe gishobora kudutwara umunezero?
14 Icodutwara umunezero: Kwiryohera birenze. Hari abakoresha imbuga hwaniro kugira ngo berekane ko kwiryohera ari vyo bituma umuntu ahimbarwa vy’ukuri. Ivyo vyoshobora gutuma dutangura kwiyumvira ko gukora ibituryohera, kugura ibintu dushaka, canke gutembera aho dushaka, ari vyo vyotuma duhimbarwa. Gukora ibintu nk’ivyo nta kibi kirimwo. Nakare Yehova yaturemye kugira ngo turyohererwe ibintu vyiza. Ariko rero ibintu abantu benshi biyumvira ko ari vyo vyotuma bahimbarwa, basanze ahubwo ari vyo bibatwara umunezero. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Eva, avuga ati: «Igihe kwiryohera ari vyo ushira imbere, ntiwigera wumva ko unyuzwe mu buzima bwawe.» Kwiryohera birenze nta kindi bidusigira atari umubabaro no kwumva ko ata co tumaze.
15. Ni icigwa ikihe twigira ku mwami Salomo?
15 Ivyashikiye umwami Salomo biratwigisha ingaruka zibabaje ziva ku kwiryohera birenze. Nta co atakoze kugira ngo yinezereze yongere yironse ico umutima ushaka. Nk’akarorero, yarafungura imfungurwa zitandukanye kandi ziryoshe, akumviriza umuziki uryoshe, akagura n’ikintu cose ashatse. Ariko yaguma yumva hari ico abuze. Yavuze ati: «Ijisho ntirihaga kubona, n’ugutwi ntiguhaga kwumva.» (Umus. 1:8; 2:1-11) Ibintu isi ivuga ko ari vyo bizana umunezero nyakuri, womengo ni bizima ariko nta kirimwo. Ni nk’inoti za pirate.
16. Kuba abantu batanga vyodufasha gute gusubira kunezerwa? (Raba n’amafoto.)
16 Icodufasha gusubira kunezerwa. Yezu yatwigishije ko «gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.» (Ivyak. 20:35) Umukurambere umwe yitwa Alekos avuga ati: «Mpora nihatira gukorera abandi utuntu dusanzwe. Iyo mfashije abandi bituma ntaguma niyumvira ivyanje, kandi nca mpimbarwa.» Ni ibiki none wofasha abandi? Nk’akarorero, ubonye umuntu ari mu ngorane, gerageza kumuremesha. Naho utotorera umuti izo ngorane afise, woshobora kumuhumuriza igihe umuteze yompi, canke umugaragarije ubuntu, canke umwibukije guterera umuzigo wiwe kuri Yehova. (Zab. 55:22; 68:19) Woshobora no kumufasha kubona ko Yehova atigeze amuheba. (Zab. 37:28; Yes. 59:1) Canke na ho urashobora kumukorera ikintu comugirira akamaro, nko kumutekera udufungurwa canke kujana na we gutembera. Musabe mujane mu ndimiro kuko bishobora gutuma asubira kunezerwa. Niwemere Yehova agukoreshe mu kuremesha abandi. Kwitwararika abandi aho kuraba ivyacu gusa bizotuma duhimbarwa vy’ukuri.—Imig. 11:25.
Aho gushira umutima ku vyo wipfuza niwitwararike ivyo abandi bakeneye (Raba ingingo ya 16)d
17. Twokora iki nimba twipfuza guhimbarwa vy’ukuri? (Zaburi 43:4)
17 Turakwiye kuguma twiyegereza Yehova, nimba twipfuza guhimbarwa vy’ukuri. Bibiliya itwibutsa ko Yehova ari we «gahimbare ka[cu] ntangere.» (Soma Zaburi 43:4.) Rero naho twoshikirwa n’ibiki, tuguma dutekanye. Nimuze rero tugume duhanze amaso Yehova, we atanga umunezero nyakuri.—Zab. 144:15.
URURIRIMBO RWA 155 Tuzokwama mu munezero
a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Ivyo wokora kugira ngo uhimbarwe.»
b Raba akarorero ka Dennis Christensen n’umukenyezi wiwe Irina, mu makuru agezweho avuye ku Nama Nyobozi agira 5 yo mu 2023.
c Nimba wipfuza kumenya ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo «Niwitege ibitegereka, uheze ugire umunezero», co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2008.
d INSOBANURO Y’IFOTO: Mushiki wacu umwe yagiye kwigurira ibintu vyinshi. Mugabo arahimbawe kuruta igihe aguriye akantu uwundi mudada ageze mu zabukuru yari akeneye indemesho.