Itanguriro 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma+, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe+.” Itanguriro 28:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi ntuzobura gucika ishengero ry’ibisata vy’abantu+. Itanguriro 31:42 Bibiliya y’isi nshasha 42 Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu ikaba n’Imana Izahaki+ yatinya*, iyo itaba yarabaye ku ruhande rwanje, ubu wari kuba undungitse iminwe misa. Imana yarabonye uburushwa bwanje n’ubucumukure bw’ibiganza vyanje, ikaba rero yagukangiriye mw’ijoro ryakeye+.” Guharura 24:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yarunamye, yararyamye nk’intambwe,Kandi, nk’intambwe, ni nde yubahuka kumuvyura+?Abaguhezagira ni abahezagiwe+,Abakuvuma na bo ni ibivume+.” Ezekiyeli 25:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko Edomu yahagurutse ikihora inzu ya Yuda, bakaguma bimonogoza mu gukora ikibi kandi bakaba barabihoye+,
3 Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma+, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe+.”
3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi ntuzobura gucika ishengero ry’ibisata vy’abantu+.
42 Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu ikaba n’Imana Izahaki+ yatinya*, iyo itaba yarabaye ku ruhande rwanje, ubu wari kuba undungitse iminwe misa. Imana yarabonye uburushwa bwanje n’ubucumukure bw’ibiganza vyanje, ikaba rero yagukangiriye mw’ijoro ryakeye+.”
9 Yarunamye, yararyamye nk’intambwe,Kandi, nk’intambwe, ni nde yubahuka kumuvyura+?Abaguhezagira ni abahezagiwe+,Abakuvuma na bo ni ibivume+.”
12 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko Edomu yahagurutse ikihora inzu ya Yuda, bakaguma bimonogoza mu gukora ikibi kandi bakaba barabihoye+,