Abacamanza 17:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mika amubwira rero ati: “Niwibanire nanje, umbere dawe+ n’umuherezi+, nanje nzoguha ibice cumi vy’ifeza ku mwaka n’impuzu zikwiye zihora zikoreshwa be n’ibigutunga.” Nuko uwo Mulewi arinjira. Yobu 29:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nari se nyawe w’aboro+;Urubanza rw’uwo ntazi, nararwihweza+. Zaburi 105:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Amugira shebuja w’urugo rwiwe+N’umutware aganza ivyiwe vyose+,
10 Mika amubwira rero ati: “Niwibanire nanje, umbere dawe+ n’umuherezi+, nanje nzoguha ibice cumi vy’ifeza ku mwaka n’impuzu zikwiye zihora zikoreshwa be n’ibigutunga.” Nuko uwo Mulewi arinjira.