Gusubira mu vyagezwe 10:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Na mwebwe mutegerezwa gukunda kavamahanga+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. Abacamanza 19:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Nyene inzu aca arasohoka aja aho bari, ababwira+ ati: “Oya, bene wacu+, ndabinginze ntihagire ikintu kibi mukora, kuko uyu mugabo yinjiye mu nzu yanje. Ntimukore ubwo busazi bw’agaterasoni+. Yesaya 58:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mbega si ukugaburira umukate wawe uwushonje+, ukazana mu nzu yawe abantu b’abarushwa, batagira uburaro+? Si kugira ngo ubonye uwuri gusa umwambike+, ntiwinyegeze mwene wanyu+?
23 Nyene inzu aca arasohoka aja aho bari, ababwira+ ati: “Oya, bene wacu+, ndabinginze ntihagire ikintu kibi mukora, kuko uyu mugabo yinjiye mu nzu yanje. Ntimukore ubwo busazi bw’agaterasoni+.
7 Mbega si ukugaburira umukate wawe uwushonje+, ukazana mu nzu yawe abantu b’abarushwa, batagira uburaro+? Si kugira ngo ubonye uwuri gusa umwambike+, ntiwinyegeze mwene wanyu+?