Matayo 10:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Uwiyumvamwo se canke nyina kuruta jewe, ntankwiriye; kandi uwiyumvamwo umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kuruta jewe, ntankwiriye+. Abaroma 8:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Iyitazigurije n’Umwana wayo bwite+ mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kandi kuduhana na we ibindi bintu vyose n’umutima ukunze+? Abaheburayo 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kuko, kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa+, arashoboye gutabara abariko baragezwa+. Abaheburayo 11:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kubera ukwizera, Aburahamu igihe yagezwa+, yabaye nk’aho ashikanye Izahaki, umuntu yari yakiranye umunezero ya mihango agerageza gushikana umwana wiwe w’ikinege+, Yakobo 2:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mbega Aburahamu data+ ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana Izahaki umuhungu wiwe ku gicaniro*+?
37 Uwiyumvamwo se canke nyina kuruta jewe, ntankwiriye; kandi uwiyumvamwo umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe kuruta jewe, ntankwiriye+.
32 Iyitazigurije n’Umwana wayo bwite+ mugabo ikamutanga ku bwacu twese+, izobuzwa n’iki kandi kuduhana na we ibindi bintu vyose n’umutima ukunze+?
18 Kuko, kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa+, arashoboye gutabara abariko baragezwa+.
17 Kubera ukwizera, Aburahamu igihe yagezwa+, yabaye nk’aho ashikanye Izahaki, umuntu yari yakiranye umunezero ya mihango agerageza gushikana umwana wiwe w’ikinege+,
21 Mbega Aburahamu data+ ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana Izahaki umuhungu wiwe ku gicaniro*+?