9 Kandi kuri nya kimazi c’ugusangira aze ashikirize ikinure caco bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. Igitsembe kinuze+ cose ni co azokurako hafi y’uruti rw’umugongo, na ca kinure gipfuka amara, eka ikinure cose kiri ku mara+,
19 Nayo ku vy’ibipande binuze+ vya nya shūri, na ca gitsembe kinuze+ ca ya mpfizi y’intama, na ca kinure gipfuka amara, na ya mafyigo, na ka gahimba ko ku gitigu,