22 “Kandi uze utore kuri ya mpfizi y’intama ikinure be na kirya gitsembe kinuze+, na kirya kinure gipfutse amara, na ka gahimba ko ku gitigu, n’arya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, n’ukuguru kw’ukuryo+, kuko ari impfizi y’intama y’iyatira+.
9 Kandi kuri nya kimazi c’ugusangira aze ashikirize ikinure caco bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. Igitsembe kinuze+ cose ni co azokurako hafi y’uruti rw’umugongo, na ca kinure gipfuka amara, eka ikinure cose kiri ku mara+,
25 Maze atora ca kinure na ca gitsembe kinuze na ca kinure cose cari ku mara+, na ka gahimba ko ku gitigu, na ya mafyigo abiri n’ikinure cayo, na kwa kuguru kw’ukuryo+.