Kuvayo 30:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kandi uzorobanuza amavuta Aroni+ n’abahungu biwe+, ubeze kugira bankorere bwa baherezi+. Kuvayo 40:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Uze ubarobanuze amavuta nk’uko wayarobanuje se+, gutyo bankorere bwa baherezi, kandi irobanurwa ryabo rize ribandanye kubabera ubuherezi gushika igihe kitagira urugero mu mayaruka yabo+.” Abalewi 8:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amaherezo asuka ku mutwe wa Aroni makeyi kuri ya mavuta yo kurobanuza, aramurobanura, kugira ngo yezwe+. 2 Abakorinto 1:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mugabo uwemeza ko mwebwe na twebwe turi aba Kristu, ari na we yaturobanuje amavuta+, ni Imana.
15 Uze ubarobanuze amavuta nk’uko wayarobanuje se+, gutyo bankorere bwa baherezi, kandi irobanurwa ryabo rize ribandanye kubabera ubuherezi gushika igihe kitagira urugero mu mayaruka yabo+.”
12 Amaherezo asuka ku mutwe wa Aroni makeyi kuri ya mavuta yo kurobanuza, aramurobanura, kugira ngo yezwe+.