Kuvayo 29:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Uze utore amavuta yo kurobanuza+, uyasuke ku mutwe wiwe, umurobanure+. Kuvayo 30:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kandi uzorobanuza amavuta Aroni+ n’abahungu biwe+, ubeze kugira bankorere bwa baherezi+. Kuvayo 40:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+ uheze umurobanuze amavuta+ wongere umweze, gutyo ankorere bwa muherezi. Abalewi 21:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “‘Nayo umuherezi mukuru wo muri bene wabo yasutswe ku mutwe amavuta yo kurobanuza+, n’ukuboko kwiwe kukaba kwujujwe ububasha ngo yambare za mpuzu+, ntakwiye kureka ngo umutwe wiwe ugume udatunganijwe+, kandi ntakwiye gutabura impuzu ziwe+. Zaburi 133:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ni nka ya mavuta meza ku mutwe+,Ashunguruka ku bwanwa,Ubwanwa bwa Aroni+,Ashunguruka gushika kw’izosi ry’impuzu ziwe+. Ivyakozwe 10:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+.
13 Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+ uheze umurobanuze amavuta+ wongere umweze, gutyo ankorere bwa muherezi.
10 “‘Nayo umuherezi mukuru wo muri bene wabo yasutswe ku mutwe amavuta yo kurobanuza+, n’ukuboko kwiwe kukaba kwujujwe ububasha ngo yambare za mpuzu+, ntakwiye kureka ngo umutwe wiwe ugume udatunganijwe+, kandi ntakwiye gutabura impuzu ziwe+.
2 Ni nka ya mavuta meza ku mutwe+,Ashunguruka ku bwanwa,Ubwanwa bwa Aroni+,Ashunguruka gushika kw’izosi ry’impuzu ziwe+.
38 inkuru yerekeye Yezu uwava i Nazareti, ingene Imana yamurobanuje impwemu nyeranda+ be n’ububasha, hanyuma agaca mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abo bose bahahazwa na Shetani*+; kubera ko Imana yari kumwe na we+.