ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 25:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Abagore baza gutumira abantu ku bimazi vy’imana zabo+, maze abantu batangura kurya no kwunamira imana zabo+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kuko azokevya umuhungu wawe akamubuza kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana+. Ishavu rya Yehova na ryo rizobarurumbira koko, kandi ntazobura kukuzimanganya ningoga+.

  • 1 Abami 11:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 bo mu mahanga Yehova yari yarabwiye bene Isirayeli ku biyerekeye ati: “Ntimuze mwinjire muri bo+, kandi na bo ubwabo ntibaze binjire muri mwebwe; vy’ukuri, bazohengekera umutima wanyu ku gukurikira imana zabo+.” Abo ni bo Salomo yumiyeko+, arabakunda.

  • Nehemiya 13:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Mbega abo si bo bacumuje Salomo umwami wa Isirayeli+? Mu mahanga menshi nta mwami ameze nka we yariho+; kandi yarakundwa n’Imana yiwe+, ku buryo Imana imugira umwami wa Isirayeli yose. Na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika