ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 30:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Uze ukore ikibesani c’umujumpu n’igitereko caco c’umujumpu c’ugukaraba+, kandi uze ugishire hagati y’ihema ry’ihuriro na ca gicaniro uheze ushire amazi muri ico kibesani+.

  • Kuvayo 31:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 na ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa be n’ibikoresho vyaco vyose+, na ca kibesani n’igitereko caco+,

  • Kuvayo 40:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 wongere ushire ca kibesani hagati y’ihema ry’ihuriro na ca gicaniro, ugishiremwo amazi+.

  • Abalewi 8:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Inyuma y’ivyo acucagira makeyi kuri yo incuro indwi kuri ca gicaniro+, araheza arakiyarobanuza be n’ibikoresho vyaco vyose, na ca kibesani n’igitereko caco kugira ngo vyezwe.

  • 1 Abami 7:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Hanyuma atangura gukora ikiyaga gishongeshejwe+ cangana n’amatambwe cumi kuva ku mbiga yaco imwe gushika ku yindi mbiga, kikaba cari umuzingi irya n’ino; amahagarara yaco yari amatambwe atanu; kugikikuza cose vyasaba ikamba y’amatambwe mirongo itatu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika