Guharura 33:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ico gihe Abanyamisiri bariko bahamba abo Yehova yari yishe muri bo, ni ukuvuga imfura zose+; kandi Yehova yari yashikije imanza+ ku mana zabo. Yesaya 19:1 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Misiri+: Raba! Yehova ariko agendera ku gicu kinyaruka+ aza mu Misiri. Kandi imana ata co zimaze za Misiri ntizizobura kudegedwa kubera we+, kandi umutima wa Misiri uzoshongera hagati muri yo+. Yeremiya 43:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Emwe, azomenagura inkingi za Beti-shemeshi* yo mu gihugu ca Misiri; kandi amazu y’imana za Misiri azoyaturiza umuriro.”’” Zefaniya 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yehova azoba uwuteye ubwoba kuri bo+; kuko azonambisha imana zose zo kw’isi+, kandi abantu bazomwunamira+, umwe wese aho ari, amazinga yose y’amahanga+.
4 Ico gihe Abanyamisiri bariko bahamba abo Yehova yari yishe muri bo, ni ukuvuga imfura zose+; kandi Yehova yari yashikije imanza+ ku mana zabo.
19 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Misiri+: Raba! Yehova ariko agendera ku gicu kinyaruka+ aza mu Misiri. Kandi imana ata co zimaze za Misiri ntizizobura kudegedwa kubera we+, kandi umutima wa Misiri uzoshongera hagati muri yo+.
13 Emwe, azomenagura inkingi za Beti-shemeshi* yo mu gihugu ca Misiri; kandi amazu y’imana za Misiri azoyaturiza umuriro.”’”
11 Yehova azoba uwuteye ubwoba kuri bo+; kuko azonambisha imana zose zo kw’isi+, kandi abantu bazomwunamira+, umwe wese aho ari, amazinga yose y’amahanga+.