Kuvayo 7:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nayo jewe, nzoreka umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi nzogwiza koko ibimenyetso vyanje n’ibitangaro vyanje mu gihugu ca Misiri+. Gusubira mu vyagezwe 2:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+. Yosuwa 11:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Kuko uku ari ko Yehova yakora: yarareka imitima yabo igakomantara+ kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli, kugira ngo abatikize, ntibagirirwe ubutoni+, ahubwo abazimanganye, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse Musa+. Zaburi 10:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Mu bwibone bwiwe umubisha akurikirana umurushwa, yarakaye+;Bafatwa n’ivyiyumviro biyumviriye+. Imigani 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ubwishime buza imbere yo gusenyuka+, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara+.
3 Nayo jewe, nzoreka umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi nzogwiza koko ibimenyetso vyanje n’ibitangaro vyanje mu gihugu ca Misiri+.
30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+.
20 Kuko uku ari ko Yehova yakora: yarareka imitima yabo igakomantara+ kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli, kugira ngo abatikize, ntibagirirwe ubutoni+, ahubwo abazimanganye, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse Musa+.