Guharura 11:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Iyo manu+ yari imeze nk’akabuto k’agati kitwa gadi+, kandi uko yasa, yasa nka budeliyo*+. Gusubira mu vyagezwe 8:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nuko agucisha bugufi, arakureka urasonza+ araheza akugaburira manu*+, iyo wewe canke ba so wawe mutari mwaramenye. Yayikugaburiye kugira akumenyeshe yuko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose ry’akanwa ka Yehova+. Nehemiya 9:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru wo kubamara inzara+, ubakurira n’amazi mu rutare yo kubamara inyota+; hanyuma ubabwira kwinjira+ bakigarurira igihugu wari waradugije ukuboko ukarahira yuko uzokibaha+. Zaburi 78:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Iguma igwisha kuri bo manu* ngo barye+,Ibaha intete zo mw’ijuru+.
3 Nuko agucisha bugufi, arakureka urasonza+ araheza akugaburira manu*+, iyo wewe canke ba so wawe mutari mwaramenye. Yayikugaburiye kugira akumenyeshe yuko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose ry’akanwa ka Yehova+.
15 Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru wo kubamara inzara+, ubakurira n’amazi mu rutare yo kubamara inyota+; hanyuma ubabwira kwinjira+ bakigarurira igihugu wari waradugije ukuboko ukarahira yuko uzokibaha+.