ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 11:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Kuko ndi Yehova Imana yanyu+; kandi mutegerezwa kwiyeza, kandi mutegerezwa kuba beranda+, kuko jewe ndi mweranda+. Ntimuze mwihumanishe ibiremwa bigwirirana na bimwe bigendagenda kw’isi.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.

  • Yesaya 61:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nayo mwebwe, muzokwitwa abaherezi ba Yehova+; muzovugwa+ ko muri abasuku+ b’Imana yacu. Muzorya amatunga y’amahanga+, kandi muzokwihaya ubuninahazwa bwabo akamwemwe kabasya+.

  • 1 Petero 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Mugabo mwebwe muri “ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda+, igisata c’inyegu yiharijwe+, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza+” z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wiwe w’agatangaza+.

  • Ivyahishuwe 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 kandi wabagize ubwami+ n’abaherezi+ ku Mana yacu+, kandi bazoganza isi+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika