16 Uze ugire n’umusi mukuru w’iyimbura ry’ivyamwa vya mbere vyeze+ bivuye mu kuya kawe, ry’ivyo wabivye mu murima+; be n’umusi mukuru w’isarura ku mpera y’umwaka, niwasarura ibivuye mu kuya kawe vyo mu murima+.
4 Abo ni bo batihumanishije abagore+; nkako, ni amasugi+. Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose+. Abo baguzwe+ bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo+ ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama,