30 umuherezi+ aze arabe nya cago; maze nimba kiboneka ko cimbitse kuruta urukoba, kandi umushatsi ukaba ari umuhondo ukaba n’imparurwa muri co, umuherezi aze amenyeshe ko uyo ahumanye. Ni ukumunguka kw’umushatsi kudasanzwe+. Ni imibembe yo ku mutwe canke yo ku rusakanwa.