Kuvayo 23:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+. Abalewi 20:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kandi ntimuze mugendere mu vyagezwe vy’amahanga ngira nirukane imbere yanyu+, kuko yakoze ivyo bintu vyose nanje nkaba ndayazinukwa+. Gusubira mu vyagezwe 12:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Wiyubare ntufatwe n’umutego inyuma yayo+ amaze kuzimanganywa akava imbere yawe, kandi ntubariritse ivy’imana zayo ngo: ‘Ayo mahanga yahora akorera imana zayo ate? Nanje, egome, jewe, nzogira gutyo nyene.’ Yeremiya 10:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimwige inzira y’amahanga+, kandi ntimucibwe ivutu n’ibimenyetso vyo mu majuru, kuko amahanga aciwe ivutu na vyo+.
24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+.
23 Kandi ntimuze mugendere mu vyagezwe vy’amahanga ngira nirukane imbere yanyu+, kuko yakoze ivyo bintu vyose nanje nkaba ndayazinukwa+.
30 Wiyubare ntufatwe n’umutego inyuma yayo+ amaze kuzimanganywa akava imbere yawe, kandi ntubariritse ivy’imana zayo ngo: ‘Ayo mahanga yahora akorera imana zayo ate? Nanje, egome, jewe, nzogira gutyo nyene.’
2 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimwige inzira y’amahanga+, kandi ntimucibwe ivutu n’ibimenyetso vyo mu majuru, kuko amahanga aciwe ivutu na vyo+.