Itanguriro 27:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Ariko Esawu abikira akazikira Yakobo kubera umuhezagiro se wiwe yari yamuhezagiye+, kandi Esawu aguma avuga mu mutima wiwe+ ati: “Imisi y’ikiringo co kugandarira dawe iriko iregereza+. Inyuma y’aho, nzokwica Yakobo mwene wacu+.” Imigani 10:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ahari uwupfuka urwanko haba iminwa y’ibinyoma+, kandi uwuzana inkuru mbi ni ikijuju+. 1 Yohani 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Uwuvuga ko ari mu muco yamara akanka+ mwene wabo, ari mu mwiza gushika n’ubu+. 1 Yohani 3:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+.
41 Ariko Esawu abikira akazikira Yakobo kubera umuhezagiro se wiwe yari yamuhezagiye+, kandi Esawu aguma avuga mu mutima wiwe+ ati: “Imisi y’ikiringo co kugandarira dawe iriko iregereza+. Inyuma y’aho, nzokwica Yakobo mwene wacu+.”
15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+.