36 Kuva i Aroweri+, ahaherereye iruhande y’inkombe y’umwonga wa Arunoni, be n’igisagara kiri mu mwonga, gushika i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catubereye kirekire birenze+. Yehova Imana yacu yarabigabuye vyose mu maboko yacu.
2 Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni+, akaganza kuva i Aroweri+ ku nkombe y’umwonga wa Arunoni+, no hagati muri uwo mwonga, n’ica kabiri ca Gileyadi gushika ku mwonga Yaboki+, ari wo wari urubibe rwa bene Amoni,
26 Ko Isirayeli yamaze imyaka amajana atatu iba i Heshiboni no mu bisagara bihakukira+, n’i Aroweri+ no mu bisagara bihakukira, no mu bisagara vyose biri iruhande y’inkombe za Arunoni, kubera iki none utigeze ubishikura Isirayeli muri ico gihe+?